Ivyahishuwe 16:1-21

16  Maze numva ijwi rirenga+ rivuye aheranda ribwira ba bamarayika indwi riti: “Nimugende musuke mw’isi ayo mabakure indwi y’ishavu+ ry’Imana.”  Uwa mbere+ aragenda, asuka ibakure yiwe mw’isi+. Maze igisebe kibabaza kandi gikaze+ kiza ku bantu bari bafise ikimenyetso ca ca gikoko+ kandi bariko basenga ishusho yaco+.  Uwa kabiri+ na we asuka ibakure yiwe mu kiyaga+. Gica gihinduka amaraso+ nk’ay’umuntu yapfuye, maze igifise ubuzima cose kirapfa, egome, ibiri mu kiyaga+.  Uwa gatatu+ na we asuka ibakure yiwe mu nzuzi+ no mu masôko y’amazi. Bica bihinduka amaraso+.  Ndaheza numva umumarayika w’amazi avuga ati: “Wewe, Uwuriho kandi yariho+, Intahemuka+, uragororotse, kuko wapfunditse izo ngingo+,  kuko basheshe amaraso y’aberanda n’ay’abahanuzi+, nawe ubahaye amaraso+ ngo banywe. Barabikwiriye+.”  Maze numva igicaniro kivuga giti: “Egome, Yehova Mana, Mushoboravyose+, ingingo zawe z’ubutungane* ni iz’ukuri kandi ziragororotse+.”  Uwa kane+ na we asuka ibakure yiwe ku zuba; izuba rica rihabwa kubabuza+ abantu umuriro.  Maze abantu bababuzwa ubushuhe bukomeye, mugabo barogota kw’izina+ ry’Imana, iyifise ububasha+ kuri ivyo vyago, kandi ntibigaya ngo bayihe ubuninahazwa+. 10  Uwa gatanu na we asuka ibakure yiwe ku ntebe y’ubwami ya ca gikoko+. Ubwami bwaco buca bucurishwa umwiza+, batangura kwihekenya indimi kubera umubabaro wabo, 11  mugabo barogota+ ku Mana yo mw’ijuru kubera imibabaro n’ibisebe vyabo, kandi ntibigaya ibikorwa vyabo. 12  Uwa gatandatu+ na we asuka ibakure yiwe kuri rwa ruzi runini Efurate+, amazi yarwo aca arakama+, kugira ngo inzira itegurwe ku bw’abami+ bava i burasirazuba. 13  Maze mbona amajambo y’amahumekano+ atatu ahumanye yasa n’ibikere+ ava mu kanwa ka ca gisato+ no mu kanwa ka ca gikoko+ no mu kanwa ka wa muhanuzi w’ikinyoma+. 14  Ayo nkako ni amajambo ahumetswe+ n’amadayimoni kandi agakora ibimenyetso+, kandi aja ku bami+ b’isi yose+, ngo abakoranirize hamwe ku ntambara+ yo kuri wa musi uhambaye+ w’Imana Mushoboravyose+. 15  “Ehe ndaje nk’igisuma+. Hahiriwe uwuguma arikanuye+ akagumya impuzu ziwe zo hejuru, kugira ngo ntagende ari gusa maze abantu bakaraba isoni z’ubwambure bwiwe+.” 16  Abakoraniriza hamwe ahantu hitwa Haru–Magedoni*+ mu giheburayo. 17  Uw’indwi na we asuka ibakure yiwe ku kirere+. Ijwi rirenga+ rica risohoka rivuye aheranda kuri ya ntebe y’ubwami, rivuga riti: “Birakozwe!” 18  Maze haba imiravyo n’amajwi n’imituragaro, haba na nyamugigima ikomeye+ itari bwigere iba kuva abantu babaye kw’isi+, iba nyamugigima igera kure cane+, emwe, ikomeye cane. 19  Ca gisagara gikomeye+ gica gisadukamwo gutatu, n’ibisagara vy’amahanga biratemba; hanyuma Babiloni Akomeye+ aribukwa imbere y’Imana, kugira ngo ahabwe igikombe c’umuvinyu w’ishavu ry’uburake bwayo+. 20  Vyongeye, izinga ryose rirahunga, n’imisozi ntiyaboneka+. 21  Maze urubura rukomeye+ rw’iminana umwumwe upima nk’italanto* rumanuka ruvuye mw’ijuru rukoragurikira ku bantu, nya bantu na bo barogota+ ku Mana kubera ico cago c’urubura+, kuko icago carwo cari gikomeye bidasanzwe.

Utujambo tw'epfo

Raba Inyongera ya 21.
Raba Inyongera ya 21.
Italanto imwe ni nk’ibilo 20,4.