Ivyahishuwe 13:1-18

13  Maze gihagarara ku musenyi+ w’ikiyaga. Hanyuma mbona igikoko+ kiduga kiva mu kiyaga+, gifise amahembe cumi+ n’imitwe indwi+, ku mahembe yaco hakaba imigāra cumi, mugabo ku mitwe yaco hakaba amazina y’ukurogota ku Mana+.  Kandi igikoko nabonye cari kimeze nk’ingwe+, mugabo amaguru yaco akamera nk’ay’idubu+, akanwa kaco na ko kakamera nk’ak’intambwe+. Maze ca gisato+ giha nya gikoko ububasha bwaco n’intebe y’ubwami yaco n’ububasha bwinshi+.  Hanyuma mbona umwe mu mitwe yaco ari nk’aho wakerewe ugapfa, mugabo uruguma rwica+ rwaco rurakira, isi yose ica ikurikira nya gikoko igitangarira.  Baca basenga ca gisato kuko cahaye ububasha ico gikoko, bongera basenga nya gikoko muri aya majambo ngo: “Ni nde ameze nk’iki gikoko, kandi ni nde yoshobora kurwana na co?”  Nuko gihabwa akanwa kavuga ibintu bikomeye+ n’ibirogotano+, gihabwa n’ububasha bwo gukora amezi mirongo ine n’abiri+.  Hanyuma giteranura akanwa kaco mu kurogota+ ku Mana, ngo kirogote kw’izina ryayo n’aho iba, mbere no ku baba mw’ijuru+.  Maze gihabwa+ kurwana n’aberanda no kubatsinda+, congera gihabwa ububasha ku muryango wose n’igisata cose n’ururimi rwose n’ihanga ryose.  Kandi ababa kw’isi bose bazogisenga; nta n’umwe muri abo izina ryiwe ryanditswe mu muzingo+ w’ubuzima wa wa Mwagazi w’intama yicwa+, uhereye kw’ishingwa ry’isi+.  Uwuri n’ugutwi, niyumve+. 10  Nimba umuntu agenewe kugirwa imbohe, aja kugirwa imbohe+. Umuntu niyicisha inkota, ategerezwa kwicishwa inkota+. Aho ni ho hasaba ukwihangana+ n’ukwizera+ kw’aberanda+. 11  Hanyuma mbona ikindi gikoko+ kiduga kiva mw’isi+, kandi cari gifise amahembe abiri nk’umwagazi w’intama, mugabo gitangura kuvuga nk’igisato+. 12  Gikoresha ububasha bwose bwa ca gikoko+ ca mbere mu maso yaco. Kandi gituma isi n’abayibamwo basenga ca gikoko ca mbere, kimwe cakira uruguma rwica+. 13  Gikora ibimenyetso+ bikomeye, ku buryo mbere gituma umuriro umanuka uvuye mw’ijuru ukaza kw’isi, mu maso y’abantu. 14  Kandi kirazimiza ababa kw’isi, kubera ibimenyetso cahawe gukorera mu maso ya ca gikoko, kikabwira ababa kw’isi ngo bakore ishusho+ ya ca gikoko cari n’uruguma rw’inkota+ yamara kikongera kubaho. 15  Hanyuma gihabwa guha impemu ishusho ya ca gikoko, kugira ngo nya shusho ya ca gikoko ivuge yongere yicishe abo bose badasenze mu buryo na bumwe nya shusho+ ya nya gikoko. 16  Kandi kirahāta abantu bose+, abato n’abahambaye, abatunzi n’aboro, abidegemvya n’abashumba, kugira ngo bashirweko ikimenyetso ku kuboko kwabo kw’ukuryo canke ku ruhanga rwabo+, 17  no kugira ngo ntihagire n’umwe ashobora kugura canke kugurisha kiretse umuntu afise nya kimenyetso, izina+ rya ca gikoko canke igitigiri c’izina ryaco+. 18  Aha ni ho hasaba ubukerebutsi: Uwufise ubwenge naharure igitigiri ca nya gikoko, kuko ari igitigiri c’umuntu+; kandi igitigiri caco ni amajana atandatu na mirongo itandatu na gatandatu+.

Utujambo tw'epfo