Ivyahishuwe 12:1-17

12  Maze haboneka ikimenyetso+ gikomeye mw’ijuru: umugore+ yambaye izuba, kandi ukwezi kwari munsi y’ibirenge vyiwe, ku mutwe wiwe na ho hari urugori rw’inyenyeri cumi na zibiri,  kandi yari yibungenze. Araboroga cane ari mu mibabaro+ no mu buribwe bwo kwibaruka.  Haboneka ikindi kimenyetso mw’ijuru, nza mbona igisato+ kinini c’ibara ry’umuriro, c’imitwe indwi n’amahembe cumi, kuri nya mitwe yaco hakaba imigāra indwi;  kandi umurizo+ waco uburuta ica gatatu c’inyenyeri+ zo mw’ijuru, kiziraririza kw’isi+. Kandi nya gisato caguma gihagaze imbere ya nya mugore+ yagira yibaruke+, kugira ngo yibarutse gice kirotsa+ umwana wiwe.  Maze yibaruka umwana w’umuhungu+, uw’igitsina-gabo, uwuzoragiza amahanga yose inkoni y’icuma+. Nya mwana wiwe aca ajanwa ku Mana no ku ntebe y’ubwami yayo+.  Nya mugore na we ahungira mu gahinga+, aho afise ikibanza categuwe n’Imana, kugira ngo bahamugaburirire+ imisi igihumbi n’amajana abiri na mirongo itandatu+.  Haca haduka intambara mw’ijuru: Mikaheli+ n’abamarayika biwe barwana na ca gisato, ca gisato na co kirwanana n’abamarayika baco  mugabo nticanesha, eka mbere ntihongera kuboneka ikibanza cabo mw’ijuru.  Nuko ca gisato kinini+ kiraririzwa hasi, ya nzoka yo mu ntango+, iyitwa Mubesheranyi*+ na Shetani+, umwe azimiza isi yose+; araririzwa kw’isi+, n’abamarayika biwe bararirizanywa na we. 10  Maze numva ijwi rirenga mw’ijuru, rivuga riti: “Ubu rero harashitse ubukiriro+ n’ubushobozi+ n’ubwami bw’Imana yacu+ n’ububasha bwa Kristu wayo+, kuko umwagiriji wa bene wacu araririjwe hasi, umwe abagiriza ku murango no mw’ijoro imbere y’Imana yacu+! 11  Kandi baramutsinze+ kubera amaraso ya wa Mwagazi w’intama+ no kubera ijambo ry’ugushinga intahe+ kwabo, kandi ntibakunze ubuzima+ bwabo n’igihe baba bahanganye n’urupfu. 12  Ku bw’ivyo muhimbarwe, mwa majuru namwe abayabamwo+! Haragowe+ isi n’ikiyaga+, kuko Shetani amanutse kuri mwebwe, afise ishavu ryinshi, azi ko afise igihe gito+.” 13  Ca gisato ngo kibone kiraririjwe kw’isi+, gica gihama wa mugore+ yibaruka umwana w’umuhungu. 14  Mugabo amababa abiri ya ya nkona nini+ ahabwa uwo mugore, kugira ngo aguruke aje mu gahinga+ mu kibanza ciwe; aho ni ho agaburirirwa+ igihe n’ibihe n’igice c’igihe+, kure ya ya nzoka+. 15  Ya nzoka ica iruka inyuma ya wa mugore amazi+ ameze nk’uruzi ruvuye mu kanwa kayo, kugira ngo atwarwe na nya ruzi+. 16  Mugabo isi itabara wa mugore+, yasamika akanwa kayo imira rwa ruzi ca gisato caruka ruvuye mu kanwa kaco. 17  Maze ca gisato kigirira uburake uwo mugore+, gica kigenda kurwana n’abasigaye b’uruvyaro rwiwe bubahiriza amabwirizwa y’Imana kandi bafise igikorwa co gushingira intahe+ Yezu.

Utujambo tw'epfo

Dufatiye ku kigiriki ni “Diyabolosi,” bisobanura ngo “Umubesheranyi.” Raba kandi Inyongera ya 21.