Ivyahishuwe 12:1-17
12 Maze haboneka ikimenyetso+ gikomeye mw’ijuru: umugore+ yambaye izuba, kandi ukwezi kwari munsi y’ibirenge vyiwe, ku mutwe wiwe na ho hari urugori rw’inyenyeri cumi na zibiri,
2 kandi yari yibungenze. Araboroga cane ari mu mibabaro+ no mu buribwe bwo kwibaruka.
3 Haboneka ikindi kimenyetso mw’ijuru, nza mbona igisato+ kinini c’ibara ry’umuriro, c’imitwe indwi n’amahembe cumi, kuri nya mitwe yaco hakaba imigāra indwi;
4 kandi umurizo+ waco uburuta ica gatatu c’inyenyeri+ zo mw’ijuru, kiziraririza kw’isi+. Kandi nya gisato caguma gihagaze imbere ya nya mugore+ yagira yibaruke+, kugira ngo yibarutse gice kirotsa+ umwana wiwe.
5 Maze yibaruka umwana w’umuhungu+, uw’igitsina-gabo, uwuzoragiza amahanga yose inkoni y’icuma+. Nya mwana wiwe aca ajanwa ku Mana no ku ntebe y’ubwami yayo+.
6 Nya mugore na we ahungira mu gahinga+, aho afise ikibanza categuwe n’Imana, kugira ngo bahamugaburirire+ imisi igihumbi n’amajana abiri na mirongo itandatu+.
7 Haca haduka intambara mw’ijuru: Mikaheli+ n’abamarayika biwe barwana na ca gisato, ca gisato na co kirwanana n’abamarayika baco
8 mugabo nticanesha, eka mbere ntihongera kuboneka ikibanza cabo mw’ijuru.
9 Nuko ca gisato kinini+ kiraririzwa hasi, ya nzoka yo mu ntango+, iyitwa Mubesheranyi*+ na Shetani+, umwe azimiza isi yose+; araririzwa kw’isi+, n’abamarayika biwe bararirizanywa na we.
10 Maze numva ijwi rirenga mw’ijuru, rivuga riti:
“Ubu rero harashitse ubukiriro+ n’ubushobozi+ n’ubwami bw’Imana yacu+ n’ububasha bwa Kristu wayo+, kuko umwagiriji wa bene wacu araririjwe hasi, umwe abagiriza ku murango no mw’ijoro imbere y’Imana yacu+!
11 Kandi baramutsinze+ kubera amaraso ya wa Mwagazi w’intama+ no kubera ijambo ry’ugushinga intahe+ kwabo, kandi ntibakunze ubuzima+ bwabo n’igihe baba bahanganye n’urupfu.
12 Ku bw’ivyo muhimbarwe, mwa majuru namwe abayabamwo+! Haragowe+ isi n’ikiyaga+, kuko Shetani amanutse kuri mwebwe, afise ishavu ryinshi, azi ko afise igihe gito+.”
13 Ca gisato ngo kibone kiraririjwe kw’isi+, gica gihama wa mugore+ yibaruka umwana w’umuhungu.
14 Mugabo amababa abiri ya ya nkona nini+ ahabwa uwo mugore, kugira ngo aguruke aje mu gahinga+ mu kibanza ciwe; aho ni ho agaburirirwa+ igihe n’ibihe n’igice c’igihe+, kure ya ya nzoka+.
15 Ya nzoka ica iruka inyuma ya wa mugore amazi+ ameze nk’uruzi ruvuye mu kanwa kayo, kugira ngo atwarwe na nya ruzi+.
16 Mugabo isi itabara wa mugore+, yasamika akanwa kayo imira rwa ruzi ca gisato caruka ruvuye mu kanwa kaco.
17 Maze ca gisato kigirira uburake uwo mugore+, gica kigenda kurwana n’abasigaye b’uruvyaro rwiwe bubahiriza amabwirizwa y’Imana kandi bafise igikorwa co gushingira intahe+ Yezu.
Utujambo tw'epfo
^ Dufatiye ku kigiriki ni “Diyabolosi,” bisobanura ngo “Umubesheranyi.” Raba kandi Inyongera ya 21.