Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Ivyahishuwe 11:1-19

11  Maze mpabwa irenga rimeze nk’inkoni+ igihe yavuga ati: “Haguruka ugere aheranda h’urusengero+ rw’Imana n’igicaniro be n’abahasengera.  Nayo urugo ruri hanze+ y’aheranda h’urusengero, rute hanze, nturugere, kuko ruhawe amahanga+, kandi azohonyangira ca gisagara ceranda+ munsi y’ibirenge amezi mirongo ine n’abiri+.  Kandi vya vyabona vyanje bibiri+ nzotuma bivuga ubuhanuzi+ imisi igihumbi n’amajana abiri na mirongo itandatu vyambaye amagunira+.”  Abo bagereranywa na vya biti vy’imyelayo bibiri+ na vya bitereko vy’amatara bibiri+, kandi bahagaze imbere y’Umukama w’isi+.  Kandi hagize uwushaka kubagirira nabi, umuriro uca uva mu minwa yabo, ukarigita abansi babo+; kandi hamwe hogira uwushaka kubagirira nabi, ategerezwa kwicwa muri ubwo buryo.  Abo barafise ububasha bwo kwugara ijuru+ kugira ngo ntihagire imvura igwa+ mu misi y’igikorwa cabo c’ukuvuga ubuhanuzi, kandi barafise ububasha ku mazi bwo kuyahindura amaraso+ no guteza isi ivyago vy’ubwoko bwose incuro bashaka zose.  Kandi nibarangiza igikorwa cabo c’ugushinga intahe, ca gikoko kiduga kivuye mu nyenga+ kizorwana na bo, kibatsinde, kibice+.  Kandi ibiziga vyabo bizoba mu nzira yagutse ya ca gisagara gikomeye citwa mu buryo bw’impwemu Sodomu+ na Misiri, aho n’Umukama wabo yamanikiwe+.  Kandi abo mu bisata n’imiryango n’indimi n’amahanga+ bazokwitegereza ibiziga vyabo imisi itatu n’igice+, kandi ntibareka ngo ibiziga vyabo bishirwe mu mva. 10  Kandi ababa kw’isi barabinezererwa+ bakaryoherwa, kandi bazorungikiranira ingemu+, kuko abo bahanuzi babiri bababaje ababa kw’isi. 11  Kandi inyuma y’iyo misi itatu n’igice+ impwemu y’ubuzima ivuye ku Mana yarinjiye muri bo+, baca bahagarara ku birenge vyabo, ubwoba bwinshi buca butekera ababitegereza. 12  Maze bumva ijwi rirenga+ rivuye mw’ijuru ribabwira riti: “Nimuduge hano+.” Na bo baraduga mw’ijuru mu gicu, abansi babo na bo barabitegereza. 13  Muri iyo saha haba nyamugigima ikomeye, ic’icumi+ c’igisagara kiratemba; abantu ibihumbi indwi bicwa n’iyo nyamugigima, abasigaye na bo batekerwa n’ubwoba, maze baha ubuninahazwa Imana yo mw’ijuru+. 14  Amagorwa agira kabiri+ ararenganye. Ehe amagorwa agira gatatu agira aze ningoga. 15  Umumarayika agira indwi na we avuza urumbete rwiwe+. Mw’ijuru haba amajwi arenga, avuga ati: “Ubwami bw’isi bucitse ubwami bw’Umukama+ wacu n’ubwa Kristu+ wiwe, kandi azoganza ibihe bitazoshira+.” 16  Ba bakurambere mirongo ibiri na bane+ bari bicaye imbere y’Imana ku ntebe z’ubwami zabo baca bubarara hasi+, basenga Imana+, 17  bati: “Turagukengurukiye+, Yehova Mana, Mushoboravyose+, Uwuriho+ kandi yariho, kuko ufashe ububasha bwawe bukomeye+ ugatangura kuganza+. 18  Mugabo amahanga yaratse, kandi uburake bwawe buraza, be n’igihe cashinzwe c’uko abapfuye bacirwa imanza, n’ico guha impembo+ abashumba bawe ari bo bahanuzi+, n’aberanda, n’abatinya izina ryawe, abato n’abahambaye+, n’ico guhonya+ abahonya isi+.” 19  Maze aheranda h’urusengero rw’Imana hari mw’ijuru+ harugururwa, isandugu+ y’isezerano ryayo na yo ibonwa ahantu heranda h’urusengero rwayo+. Haca haba imiravyo n’amajwi n’imituragaro na nyamugigima n’urubura rukomeye.

Amakuru yiyongereye