Ivyahishuwe 10:1-11

10  Maze mbona uwundi mumarayika w’inkomezi+ amanuka ava mw’ijuru, yambaye igicu+, kandi umunywamazi wari ku mutwe wiwe, mu maso hiwe hakaba hari hameze nk’izuba+, amaguru yiwe+ na yo yari nk’inkingi z’umuriro,  kandi yari afise mu kuboko kwiwe akazingo gatoya kazinguruye. Ashinga ukuguru kwiwe kw’ukuryo ku kiyaga, mugabo ukw’ukubamfu agushinga kw’isi+,  asemerera n’ijwi rirenga nk’igihe intambwe+ iroshe. Buno asemereye, ya mituragaro indwi+ irekura imyasano yayo bwite.  Igihe iyo mituragaro indwi yavuga, nagira nandike; mugabo nca numva ijwi rivuye mw’ijuru+ rivuga riti: “Ibintu iyo mituragaro indwi ivuze nubibike nk’ibidomweko ikidodo+, kandi ntuvyandike.”  Maze wa mumarayika nabona ahagaze ku kiyaga no kw’isi aduza ukuboko kwiwe kw’ukuryo akwerekeza mw’ijuru+,  arahira Uwubaho+ ibihe bitazoshira+ yaremye ijuru n’ibiri muri ryo n’isi+ n’ibiri muri yo n’ikiyaga n’ibiri muri co+, ati: “Nta guteba+ kukihabaye;  mugabo mu misi y’ukwumvikana kw’ijwi ry’umumarayika agira indwi+, igihe azoba agira avuze urumbete rwiwe+, ibanga ryeranda+ ry’Imana nk’uko inkuru nziza iri, iyo yamenyesheje abashumba bayo bwite ari bo bahanuzi+, rizoba koko rirangijwe.”  Hanyuma rya jwi+ numvise rivuye mw’ijuru ryongera kuvugana nanje riti: “Genda, utore urya muzingo uzinguruye uri mu kuboko kw’urya mumarayika ahagaze ku kiyaga no kw’isi+.”  Nca nja kuri wa mumarayika ndamubwira kumpa ka kazingo gatoya. Araheza ambwira ati: “Kakire ukarye+, kandi kaza gutuma mu nda yawe harura, mugabo mu kanwa kawe kaza gusosa nk’ubuki.” 10  Ndaheza nakira nya kazingo gatoya mu kuboko kwa wa mumarayika ndakarya+, mu kanwa kanje gasosa nk’ubuki+; mugabo aho mariye kukarya, mu nda hanje hararura. 11  Baca bambwira bati: “Utegerezwa kwongera kuvuga ubuhanuzi ku bijanye n’ibisata n’amahanga n’indimi n’abami benshi+.”

Utujambo tw'epfo