Ivyahishuwe 1:1-20

1  Ivyahishuwe+ na Yezu Kristu, ivyo Imana yamuhaye+ ngo yereke abashumba bayo+ ibintu bitegerezwa kuba vuba+. Na we yatumye umumarayika wiwe+ hanyuma abishikiriza biciye kuri we mu bimenyetso+, bishikirizwa umushumba wayo* Yohani+,  uwashingiye intahe ijambo Imana yatanze+ n’intahe Yezu Kristu yashinze+, mbere n’ibintu vyose yabonye.  Hahiriwe+ uwusoma n’ijwi ryumvikana+ be n’abumva amajambo y’ubu buhanuzi+, kandi bakubahiriza ibintu vyanditswe muri bwo+; kuko igihe cashinzwe kiri hafi+.  Jewe Yohani, ndabandikiye mwebwe mashengero indwi+ ari mu ntara ya Aziya: Mugire ubuntu ata wari abukwiriye n’amahoro biva kuri “Umwe ariho kandi yariho kandi ariko araza+,” no kuri za mpwemu indwi+ ziri imbere y’intebe y’ubwami yiwe,  no kuri Yezu Kristu, “ca Cabona Cizigirwa+,” “Imfura mu kuva mu bapfuye+,” n’“Umutware w’abami b’isi+.” Umwe adukunda+ kandi yatubohoye mu bicumuro vyacu biciye ku maraso yiwe bwite+  kandi yatugize ubwami+, abaherezi+ ku Mana yiwe ikaba na Data—egome, ubuninahazwa n’ubushobozi bibe ivyiwe ibihe vyose+. Amen.  Ehe ariko arazanana n’ibicu+, kandi ijisho ryose rizomubona+, n’abamucumise bazomubona+; kandi imiryango yose yo kw’isi izokwikubitagura ku gikiriza yishwe n’intuntu kubera we+. Egome, Amen.  “Ndi Alufa na Omega*+,” ni ko Yehova Imana avuga, “Umwe ariho kandi yariho kandi ariko araza+, Mushoboravyose+.”  Jewe Yohani, mwene wanyu nkaba n’uwusangiye namwe amakuba+ n’ubwami+ n’ukwihangana+ mu kwifatanya na Yezu+, nari mw’izinga ryitwa Patimo mporwa ukuvuga ivyerekeye Imana n’ugushingira intahe Yezu+. 10  Biciye ku guhumekerwa+ nasanze ndi+ mu musi w’Umukama+, maze numva inyuma yanje ijwi rikomeye+ nk’iry’urumbete, 11  rivuga riti: “Ico ubona ucandike+ mu muzingo uheze ukirungikire ya mashengero indwi+: i Efeso+ n’i Simuruna+ n’i Perugamo+ n’i Tiyatira+ n’i Sarudi+ n’i Filadelufiya+ n’i Lawodiseya+.” 12  Maze mpindukira kuraba nya jwi ryariko rivugana nanje, mpindukiye mbona ibitereko vy’amatara indwi vy’inzahabu+, 13  kandi hagati ya nya bitereko vy’amatara mbona uwumeze nk’umwana w’umuntu+, yambaye impuzu ishika ku birenge, akenyeje umukanda w’inzahabu mu gikiriza. 14  Vyongeye, umutwe wiwe n’umushatsi wiwe vyarera+ nk’ubwoya bw’intama bwera, nk’urubura, amaso yiwe na yo akaba yari ameze nk’urubeya rw’umuriro+; 15  kandi amaguru yiwe yari ameze nk’umujumpu uramuye+ igihe wakaka mw’itanure; kandi ijwi+ ryiwe ryari rimeze nk’ugusuma kw’amazi menshi. 16  Kandi yari afise mu kuboko kwiwe kw’ukuryo inyenyeri indwi+, mu kanwa kiwe hasokorokamwo inkota ndende y’ubugi bubiri, ikarishe+, mu maso hiwe na ho hari hameze nk’izuba iyo rikayanganye mu bubasha bwaryo+. 17  Aho ndamuboneye, ngwa nk’uwapfuye imbere y’ibirenge vyiwe. Maze anshirako ukuboko kwiwe kw’ukuryo, avuga ati: “Ntutinye+. Ndi uwa Mbere+ n’uwa Nyuma+, 18  n’umwe ari muzima+; kandi narapfuye+, mugabo, ehe ndi muzima ibihe bitazoshira+, kandi mfise impfunguruzo z’urupfu+ n’iz’ukuzimu+. 19  Andika rero ivyo wabonye, n’ibiriho be n’ibizoba inyuma y’ibi+. 20  Ku vyerekeye ibanga ryeranda ry’inyenyeri indwi+ wabonye mu kuboko kwanje kw’ukuryo, n’irya vya bitereko vy’amatara indwi vy’inzahabu+: Zirya nyenyeri indwi zigereranya abamarayika ba ya mashengero indwi, birya bitereko vy’amatara indwi na vyo bikagereranya amashengero indwi+.

Utujambo tw'epfo

Canke, “wa Yezu.”
Raba Inyongera ya 21.