Ivyahishuwe 1:1-20
1 Ivyahishuwe+ na Yezu Kristu, ivyo Imana yamuhaye+ ngo yereke abashumba bayo+ ibintu bitegerezwa kuba vuba+. Na we yatumye umumarayika wiwe+ hanyuma abishikiriza biciye kuri we mu bimenyetso+, bishikirizwa umushumba wayo* Yohani+,
2 uwashingiye intahe ijambo Imana yatanze+ n’intahe Yezu Kristu yashinze+, mbere n’ibintu vyose yabonye.
3 Hahiriwe+ uwusoma n’ijwi ryumvikana+ be n’abumva amajambo y’ubu buhanuzi+, kandi bakubahiriza ibintu vyanditswe muri bwo+; kuko igihe cashinzwe kiri hafi+.
4 Jewe Yohani, ndabandikiye mwebwe mashengero indwi+ ari mu ntara ya Aziya:
Mugire ubuntu ata wari abukwiriye n’amahoro biva kuri “Umwe ariho kandi yariho kandi ariko araza+,” no kuri za mpwemu indwi+ ziri imbere y’intebe y’ubwami yiwe,
5 no kuri Yezu Kristu, “ca Cabona Cizigirwa+,” “Imfura mu kuva mu bapfuye+,” n’“Umutware w’abami b’isi+.”
Umwe adukunda+ kandi yatubohoye mu bicumuro vyacu biciye ku maraso yiwe bwite+—
6 kandi yatugize ubwami+, abaherezi+ ku Mana yiwe ikaba na Data—egome, ubuninahazwa n’ubushobozi bibe ivyiwe ibihe vyose+. Amen.
7 Ehe ariko arazanana n’ibicu+, kandi ijisho ryose rizomubona+, n’abamucumise bazomubona+; kandi imiryango yose yo kw’isi izokwikubitagura ku gikiriza yishwe n’intuntu kubera we+. Egome, Amen.
8 “Ndi Alufa na Omega*+,” ni ko Yehova Imana avuga, “Umwe ariho kandi yariho kandi ariko araza+, Mushoboravyose+.”
9 Jewe Yohani, mwene wanyu nkaba n’uwusangiye namwe amakuba+ n’ubwami+ n’ukwihangana+ mu kwifatanya na Yezu+, nari mw’izinga ryitwa Patimo mporwa ukuvuga ivyerekeye Imana n’ugushingira intahe Yezu+.
10 Biciye ku guhumekerwa+ nasanze ndi+ mu musi w’Umukama+, maze numva inyuma yanje ijwi rikomeye+ nk’iry’urumbete,
11 rivuga riti: “Ico ubona ucandike+ mu muzingo uheze ukirungikire ya mashengero indwi+: i Efeso+ n’i Simuruna+ n’i Perugamo+ n’i Tiyatira+ n’i Sarudi+ n’i Filadelufiya+ n’i Lawodiseya+.”
12 Maze mpindukira kuraba nya jwi ryariko rivugana nanje, mpindukiye mbona ibitereko vy’amatara indwi vy’inzahabu+,
13 kandi hagati ya nya bitereko vy’amatara mbona uwumeze nk’umwana w’umuntu+, yambaye impuzu ishika ku birenge, akenyeje umukanda w’inzahabu mu gikiriza.
14 Vyongeye, umutwe wiwe n’umushatsi wiwe vyarera+ nk’ubwoya bw’intama bwera, nk’urubura, amaso yiwe na yo akaba yari ameze nk’urubeya rw’umuriro+;
15 kandi amaguru yiwe yari ameze nk’umujumpu uramuye+ igihe wakaka mw’itanure; kandi ijwi+ ryiwe ryari rimeze nk’ugusuma kw’amazi menshi.
16 Kandi yari afise mu kuboko kwiwe kw’ukuryo inyenyeri indwi+, mu kanwa kiwe hasokorokamwo inkota ndende y’ubugi bubiri, ikarishe+, mu maso hiwe na ho hari hameze nk’izuba iyo rikayanganye mu bubasha bwaryo+.
17 Aho ndamuboneye, ngwa nk’uwapfuye imbere y’ibirenge vyiwe.
Maze anshirako ukuboko kwiwe kw’ukuryo, avuga ati: “Ntutinye+. Ndi uwa Mbere+ n’uwa Nyuma+,
18 n’umwe ari muzima+; kandi narapfuye+, mugabo, ehe ndi muzima ibihe bitazoshira+, kandi mfise impfunguruzo z’urupfu+ n’iz’ukuzimu+.
19 Andika rero ivyo wabonye, n’ibiriho be n’ibizoba inyuma y’ibi+.
20 Ku vyerekeye ibanga ryeranda ry’inyenyeri indwi+ wabonye mu kuboko kwanje kw’ukuryo, n’irya vya bitereko vy’amatara indwi vy’inzahabu+: Zirya nyenyeri indwi zigereranya abamarayika ba ya mashengero indwi, birya bitereko vy’amatara indwi na vyo bikagereranya amashengero indwi+.