Itanguriro 9:1-29

9  Imana ihezagira Nowa n’abahungu biwe, ibabwira iti: “Nimurondoke, mugwire, mwuzure isi+.  Kandi ikinyabuzima cose co kw’isi n’ikiremwa kiguruka cose co mu kirere, ikintu cose kigendagenda ku butaka, n’amafi yose yo mu kiyaga bizobandanya kubatinya no gucika ivutu kubera mwebwe. Ubu bishizwe mu kuboko kwanyu+.  Igikoko kigendagenda cose kizima kirashobora kubabera ibifungurwa+. Ndabibahaye vyose+ nk’uko nabahaye ibimera bitoto.  Gusa, inyama zirimwo ubuzima+ bwazo, ari bwo maraso+ yazo, ntimuze muzirye+.  Vyongeye, amaraso yanyu, ari bwo buzima bwanyu, nzoyishuza. Nzoyishuza mu kuboko kw’ikinyabuzima cose; kandi ubuzima bw’umuntu nzobwishuza mu kuboko kw’umuntu+, mu kuboko kw’umuntu wese ari mwene wabo.  Uwo wese asesa amaraso y’umuntu, amaraso yiwe azoseswa+ n’umuntu, kuko Imana yaremye umuntu mw’ishusho yayo.  Nayo mwebwe, nimurondoke, mugwire, mutume isi igwiriranamwo mwebwe kandi mugwire muri yo+.”  Imana yongera kubwira Nowa n’abahungu biwe bari kumwe na we iti:  “Nayo jewe, ehe ngiranye isezerano ryanje+ namwe be n’uruvyaro rwanyu mu nyuma zanyu+, 10  be n’igifise ubuzima cose kiri kumwe namwe, mu biguruka, mu bitungwa no mu binyabuzima vyose vyo kw’isi biri kumwe namwe, guhera ku bisohoka biva mu bwato vyose gushika ku kinyabuzima cose co kw’isi+. 11  Egome, ngiranye namwe isezerano ryanje: Ikiri n’umubiri cose ntikizosubira gukurwaho n’amazi y’umwuzure, kandi ntihazosubira kuba umwuzure wo guhonya isi+.” 12  Nuko Imana yongerako iti: “Iki ni co kimenyetso+ c’isezerano nshize hagati yanje namwe n’igifise ubuzima cose kiri kumwe namwe, mu mayaruka yose gushika igihe kitagira urugero. 13  Nshize koko umunywamazi+ wanje mu gicu, kandi uzoba ikimenyetso c’isezerano hagati yanje n’isi. 14  Kandi uku ni ko bizoba: ninazana igicu hejuru y’isi, umunywamazi uzoboneka mu gicu ata kabuza. 15  Nanje nzokwibuka koko isezerano ryanje+ riri hagati yanje namwe be n’igifise ubuzima cose mu biri n’umubiri vyose+; kandi amazi ntazosubira gucika umwuzure wo guhonya ibiri n’umubiri vyose+. 16  Nya munywamazi uzoboneka mu gicu+, nanje nzowubona koko maze nibuke nya sezerano ryo gushika igihe kitagira urugero+ hagati y’Imana n’igifise ubuzima cose mu biri n’umubiri vyose biri kw’isi+.” 17  Nuko Imana isubiriramwo Nowa iti: “Iki ni co kimenyetso c’isezerano nshinze hagati yanje n’ikiri n’umubiri cose kiri kw’isi+.” 18  Kandi abahungu ba Nowa+ basohotse bava mu bwato bari Shemu na Hamu na Yafeti. Mu nyuma Hamu avyara Kanani+. 19  Abo batatu bari abahungu ba Nowa, kandi abantu bose bo kw’isi bakwiragiye bavuye kuri abo+. 20  Nowa rero atangura kuba umurimyi+, aherako atera umurima w’imizabibu+. 21  Atangura kunywa umuvinyu maze araborerwa+, gutyo yikurako agahuzu hagati mw’ihema ryiwe. 22  Mu nyuma Hamu+ se wa Kanani abona ubwambure+ bwa se, aca aja hanze kubibwira bene wabo babiri+. 23  Shemu na Yafeti baca bafata umutamana+ bawushira ku bitugu vyabo vyompi, binjira bagenza imigongo. Gutyo bapfuka ubwambure bwa se mu maso habo haraba irya, ntibabona ubwambure bwa se+. 24  Amaherezo Nowa arikangura umuvinyu umuvuyeko, arahava amenya ivyo umuhungu wiwe mutoyi yari yamukoreye. 25  Kuri ivyo avuga ati: “Kanani arakavumwa+. Nabe uwa nyuma mu bashumba ba bene wabo+.” 26  Yongerako ati:“Hahezagirwe Yehova+, Imana ya Shemu,Kandi Kanani nacike umushumba wiwe+. 27  Imana nihe Yafeti ikibanza cagutse rwose,Kandi niyibere mu mahema ya Shemu+.Kanani na we nyene nacike umushumba wiwe.” 28  Nowa abandanya kubaho imyaka amajana atatu na mirongo itanu inyuma y’umwuzure+. 29  Imisi yose ya Nowa rero yabaye imyaka amajana icenda na mirongo itanu, araheza arapfa+.

Utujambo tw'epfo