Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Itanguriro 8:1-22

8  Inyuma y’ivyo Imana yibuka+ Nowa n’igikoko cose n’igitungwa cose cari kumwe na we mu bwato+, maze Imana icisha umuyaga hejuru y’isi, amazi atangura guhwama+.  Nuko za mbizi z’inyenga y’amazi+ na za ngomero+ z’amajuru birugarwa, gutyo imvura y’isegenya yariko igwa ivuye mu majuru irazibirwa.  Maze amazi atangura gusubira inyuma ava kw’isi, agenda asubira inyuma intambwe ku yindi; haheze imisi ijana na mirongo itanu amazi yari yagabanutse+.  Mu kwezi kugira indwi, ku musi ugira cumi n’indwi w’ukwo kwezi, nya bwato+ buhagarara ku misozi ya Ararati+.  Amazi abandanya kugabanuka intambwe ku yindi gushika mu kwezi kugira cumi. Mu kwezi kugira cumi, ku musi wa mbere w’ukwo kwezi, amasonga y’imisozi araboneka+.  Haheze imisi mirongo ine, Nowa yugurura idirisha+ rya nya bwato yari yarakoze.  Hanyuma arungika igikona+, kibandanya kuguruka hanze, kigenda congera kigaruka, gushika amazi akamye kw’isi.  Mu nyuma arungika inuma+ ivuye aho ari kugira arabe nimba amazi yari yagabanutse ku buringanire bw’ubutaka.  Iyo numa ntiyaronkera ubworo bw’ikirenge cayo ahantu h’ukuruhukira na hamwe, iraheza rero igaruka aho ari mu bwato kuko amazi yari akiri ku buringanire bw’isi yose+. Maze atuma ukuboko arayifata, ayizana kuri we mu bwato. 10  Abandanya kurindira iyindi misi indwi, maze yongera kurungika ya numa ivuye mu bwato. 11  Mu nyuma nya numa iza kuri we, nko mu gihe c’umugoroba, kandi mu kanwa kayo hari ibabi ry’umwelayo+ rigiheza kwahwa; gutyo Nowa amenya ko amazi yari yagabanutse kw’isi+. 12  Abandanya kurindira iyindi misi indwi. Maze arungika nya numa, mugabo ntiyasubira kwongera kugaruka kuri we+. 13  Mu mwaka ugira amajana atandatu na rimwe+, mu kwezi kwa mbere, ku musi wa mbere w’ukwo kwezi, amazi yari yakamye kw’isi; Nowa akurako umufuniko w’ubwato, araraba, asanga uburinganire bw’ubutaka bwari bwumutse+. 14  Mu kwezi kugira kabiri, ku musi ugira mirongo ibiri n’indwi w’ukwo kwezi, isi yari yumye+. 15  Maze Imana ibwira Nowa iti: 16  “Sohoka uve mu bwato, wewe n’umugore wawe n’abahungu bawe n’abagore b’abahungu bawe kumwe nawe+. 17  Ibinyabuzima vyose biri kumwe nawe vy’ubwoko bwose bw’umubiri+, mu biremwa biguruka+ no mu bitungwa+ be no mu bikoko bigendagenda vyose bigendagenda kw’isi+, nubisohore kumwe nawe, kuko bitegerezwa kugwirirana mw’isi, bikarondoka kandi bikagwira kw’isi+.” 18  Nuko Nowa arasohoka, ari kumwe n’abahungu biwe+ n’umugore wiwe n’abagore b’abahungu biwe. 19  Ikinyabuzima cose, igikoko kigendagenda cose be n’ikiremwa kiguruka cose, ikintu cose kigendagenda kw’isi, nk’uko imiryango yavyo iri birasohoka biva mu bwato+. 20  Maze Nowa yubakira igicaniro+ Yehova araheza atora bimwebimwe mu bikoko bidahumanye vyose+ no mu biremwa biguruka bidahumanye vyose+, hanyuma ashikana kuri nya gicaniro* amashikanwa aturirwa+. 21  Yehova atangura kumotēra akamoto karuhura+, maze rero Yehova avuga mu mutima wiwe+ ati: “Sinzokwigera nongera guhamagarira akabi ku butaka+ kubera umuntu, kuko impengamiro+ y’umutima w’umuntu ari mbi guhera mu buto bwiwe+; kandi sinzokwigera nongera gukubita ikintu kizima cose nk’uko nagize+. 22  Kuko imisi yose isi izobandanya kubaho, ibiba ry’imbuto n’iyimbura, imbeho n’ubushuhe, ici n’urushana, umurango n’ijoro, bitazokwigera bireka kubaho+.”

Amakuru yiyongereye

Raba Inyongera ya 21.