Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Itanguriro 7:1-24

7  Inyuma y’ivyo, Yehova abwira Nowa ati: “Injira mu bwato, wewe n’urugo rwawe+ rwose, kuko ari wewe nabonye ugororotse imbere yanje muri iri yaruka+.  Ku gikoko kidahumanye cose uze utore indwindwi, ikigabo n’ikigore caco+; ku gikoko cose gihumanye, bibiri gusa, ikigabo n’ikigore caco;  no ku biremwa biguruka vyo mu kirere, indwindwi, ikigabo n’ikigore+, kugira uruvyaro rwavyo ruze rurokoke, rugwire kw’isi yose+.  Kuko hasigaye imisi indwi gusa nkagwisha imvura+ kw’isi imisi mirongo ine n’amajoro mirongo ine+; kandi nzohanagura ku buringanire bw’ubutaka ikintu cose kiri n’ubuzima naremye+.”  Nuko Nowa akora yisunze ivyo Yehova yari yamutegetse vyose.  Nowa yari afise imyaka amajana atandatu igihe umwuzure w’amazi waza kw’isi+.  Nuko Nowa arinjira mu bwato, yinjirana n’abahungu biwe n’umugore wiwe be n’abagore b’abahungu biwe, imbere y’uko amazi y’umwuzure aza+.  Ku gikoko kidahumanye cose no ku gikoko cose gihumanye no ku biremwa biguruka be n’ikintu cose kigendagenda ku butaka+,  hinjira bibiribibiri bija aho Nowa ari mu bwato, ikigabo n’ikigore, nk’uko Imana yari yategetse Nowa. 10  Nuko haciye imisi indwi, amazi y’umwuzure araza kw’isi. 11  Mu mwaka ugira amajana atandatu Nowa abayeho, mu kwezi kugira kabiri, ku musi ugira cumi n’indwi w’ukwo kwezi, kuri uwo musi imbizi zose z’inyenga y’amazi nini amahanga zirasaduka, n’ingomero z’amajuru ziruguruka+. 12  Imvura y’isegenya ibandanya kugwa kw’isi imisi mirongo ine n’amajoro mirongo ine+. 13  Kuri uwo musi nyene Nowa arinjira mu bwato, yinjirana na Shemu na Hamu na Yafeti abahungu biwe+, n’umugore wiwe n’abagore batatu b’abahungu biwe+; 14  bo hamwe n’igikoko c’ikinyeshamba cose nk’uko ubwoko bwaco buri+, n’igitungwa cose nk’uko ubwoko bwaco buri, n’igikoko kigendagenda cose kigendagenda kw’isi nk’uko ubwoko bwaco buri+, be n’ikiremwa kiguruka cose nk’uko ubwoko bwaco buri+, inyoni yose, ikiremwa c’amababa cose+. 15  Biguma bija aho Nowa ari mu bwato, bibiribibiri, ku bwoko bwose bw’ikiri n’umubiri inguvu y’ubuzima yakoreramwo+. 16  Ivyinjira birinjira, ikigabo n’ikigore vy’ubwoko bwose bw’ikiri n’umubiri, nk’uko Imana yari yamutegetse. Inyuma y’ivyo Yehova yugara umuryango inyuma yiwe+. 17  Nuko umwuzure ubandanya kw’isi imisi mirongo ine, amazi aguma yongerekana, atangura guterura nya bwato, burareremba hejuru cane y’isi. 18  Amazi aba umurengera kandi aguma yongerekana rwose kw’isi, mugabo nya bwato buguma bugenda ku buringanire bw’amazi+. 19  Amazi ararengera rwose isi ku buryo imisozi miremire yose yari munsi y’amajuru yose ipfukwa+. 20  Amazi arengera iyo misozi gushika ku matambwe* cumi n’atanu, maze nya misozi irapfukwa+. 21  Nuko ikiri n’umubiri cose cagendagenda kw’isi kirapfa+, mu biremwa biguruka no mu bitungwa no mu bikoko no mu biremwa bigwirirana vyose vyagwirirana kw’isi, no mu bantu bose+. 22  Ikintu cose impemu y’inguvu y’ubuzima yakoreramwo mu mazuru, ni ukuvuga ivyari ku butaka bwumutse vyose, birapfa+. 23  Gutyo azimanganya ikintu cose kiri n’ubuzima cari ku buringanire bw’ubutaka, uhereye ku muntu ugashika ku gikoko, ku gikoko kigendagenda no ku kiremwa kiguruka co mu kirere, bizimanganywa kw’isi+. Harokotse gusa Nowa n’ivyari kumwe na we mu bwato+. 24  Amazi aguma arengeye isi imisi ijana na mirongo itanu.

Amakuru yiyongereye

Ni amatambwe y’ukuboko uciriye mu nkokora. Itambwe rimwe ni nka cm 44,5.