Itanguriro 6:1-22
6 Nuko abantu batanguye kugwira ku buringanire bw’ubutaka, bakavyara n’abakobwa+,
2 abana* b’Imana y’ukuri+ batangura rero kwitegereza+ abakobwa b’abantu, babona ko ari beza; maze biyabirira abagore, ni ukuvuga abo batoranije bose.
3 Inyuma y’ivyo Yehova avuga ati: “Impwemu yanje+ ntizoguma yihanganiye umuntu igihe kitagira urugero+, kuko ari umubiri+ gusa. Ku bw’ivyo, imisi yiwe izogera ku myaka ijana na mirongo ibiri+.”
4 Abanefilimu bari mw’isi muri iyo misi, be n’inyuma y’aho, igihe abana b’Imana y’ukuri babandanya kuryamana n’abakobwa b’abantu hanyuma bakabavyarira abahungu; ni bo ba banyenkomezi ba kera, ba bagabo ba rurangiranwa.
5 Ku bw’ivyo rero Yehova abona ko ububi bw’umuntu bwari bugwiriye mw’isi be n’uko impengamiro+ yose y’ivyiyumviro vy’umutima wiwe yari mbi gusa igihe cose+.
6 Yehova aricuza+ kuba yararemye abantu mw’isi, biramubabaza mu mutima+.
7 Nuko Yehova avuga ati: “Ngiye kuzimanganya ku buringanire bw’ubutaka abantu naremye+, kuva ku muntu gushika ku gitungwa, ku gikoko kigendagenda no ku kiremwa kiguruka co mu kirere+, kuko nicujije koko kuba narabiremye+.”
8 Mugabo Nowa agira ubutoni mu maso ya Yehova.
9 Aka ni ko kahise ka Nowa.
Nowa yari umuntu w’umugororotsi+. Yarerekana ko atagira amahinyu mu bo mu gihe ciwe. Nowa yagendana n’Imana y’ukuri+.
10 Mu nyuma Nowa avyara abahungu batatu: Shemu, Hamu na Yafeti+.
11 Nuko isi irononekara mu maso y’Imana y’ukuri+, kandi isi yuzura ubukazi+.
12 Imana rero yitegereza isi, isanga yari yononekaye+, kuko ikiri n’umubiri cose cari cononye inzira yaco kw’isi+.
13 Inyuma y’ivyo Imana ibwira Nowa iti: “Iherezo ry’ibiri n’umubiri vyose ryaje imbere yanje+, kuko isi yuzuye ubukazi kubera vyo; kandi ehe ngira ndabihonereze hamwe n’isi+.
14 Niwihingurire ubwato mu mbaho z’igiti c’uburembo+. Uzoca ivyumba muri nya bwato, kandi uze ubuhomekeko ikaburimbo+ imbere n’inyuma.
15 Kandi uku ni ko uzobukora: uburebure bwabwo buzoba amatambwe*+ amajana atatu; ubwaguke bwabwo buzoba amatambwe mirongo itanu; amahagarara yabwo na yo azoba amatambwe mirongo itatu.
16 Uzobukorera idirisha*, kandi uzobusozerera ku rugero rw’itambwe uja hejuru. Ubwinjiriro bw’ubwo bwato uzobushira mu rubavu rwabwo+; uzobukorera igorofa yo hasi, igorofa ya kabiri be n’igorofa ya gatatu.
17 “Nayo jewe, ehe ngira nzane umwuzure+ w’amazi kw’isi kugira uhonye munsi y’amajuru ikiri n’umubiri cose inguvu y’ubuzima+ ikoreramwo. Ikintu cose kiri mw’isi kizopfa+.
18 Kandi ngiranye nawe isezerano ryanje; uze winjirane mu bwato n’abahungu bawe n’umugore wawe n’abagore b’abahungu bawe+.
19 Kandi ku kinyabuzima cose c’ubwoko bwose bw’ikiri n’umubiri+, uzozana muri ubwo bwato bibiribibiri kugira bizigamirwe ubuzima hamwe nawe+. Bizoba ari ikigabo n’ikigore.
20 Ku biremwa biguruka nk’uko amoko yavyo ari no ku bitungwa nk’uko amoko yavyo ari+, ku bikoko bigendagenda vyose vyo ku butaka nk’uko amoko yavyo ari, bibiribibiri bizokwinjirayo bize aho uri, kugira bizigamirwe ubuzima+.
21 Nayo wewe, niwitorere ubwoko bwose bw’ibifungurwa biribwa+; uze ubikoranirize aho uri, kandi bizobabera ibifungurwa wewe n’ivyo muri kumwe+.”
22 Nuko Nowa akora yisunze ivyo Imana yari yamutegetse vyose. Akora kuno nyene+.
Amakuru yiyongereye
^ Ijambo ku rindi ni “abahungu.”
^ Ni amatambwe y’ukuboko uciriye mu nkokora. Itambwe rimwe ni nka cm 44,5.
^ Canke, “igisenge.”