Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet | BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Itanguriro 50:1-26

50  Maze Yozefu yubama kuri se mu maso+, araturikisha amuririrako, aramusoma+.  Hanyuma Yozefu ategeka abasuku biwe b’abaganga gusīga se wiwe ibimubuza kubora+. Nuko nya baganga basīga Isirayeli;  bamara imisi mirongo ine yuzuye bamusīga, kuko ico ari co gitigiri c’imisi basanzwe bamara mu gusīga ibibuza kubora; Abanyamisiri bamara imisi mirongo irindwi bamuririra+.  Amaherezo imisi yo kumuririra irahera, maze Yozefu abwira urugo rwa Farawo ati: “Nimba rero nagize ubutoni mu maso yanyu+, ndabinginze mubwire Farawo, muti:  ‘Dawe yarandahije+ ati: “Ehe ngira mpfe+. Mu mva yanje niyimbishirije mu gihugu ca Kanani+, haze habe ari ho umpamba+.” None rero ndakwinginze, undeke nduge guhamba dawe; nzoheza ngaruke.’”  Nuko Farawo avuga ati: “Duga uhambe so nk’uko yakurahije+.”  Yozefu rero aduga guhamba se wiwe, adugana n’abasuku ba Farawo bose, abagabo b’inararibonye+ b’urugo rwiwe n’abagabo b’inararibonye bose b’igihugu ca Misiri,  n’urugo rwose rwa Yozefu, na bene wabo, n’urugo rwa se wiwe+. Abana babo bakiri batoyi n’imikuku yabo n’amasho yabo ni vyo gusa basize mu gihugu ca Gosheni.  Adugana n’imikogote+ n’abagendera ku mafarasi, iyo kambi iba nini cane. 10  Maze bashika ku mbuga y’ikubitiro+ ya Atadi iri mu karere ka Yorodani+; bahavugiriza amaborogo menshi cane kandi akomeye cane, agira n’imigenzo y’ukugandarira se wiwe imisi indwi+. 11  Ababa muri ico gihugu, Abanyakanani, babona nya migenzo y’ukugandara ku mbuga y’ikubitiro ya Atadi, maze baratangara bati: “Iki ni ikigandaro gikomeye ku Banyamisiri!” Ni co catumye hitwa Abeli-misirayimu; haherereye mu karere ka Yorodani+. 12  Abahungu biwe bamugirira neza na neza nk’uko yari yarabategetse+. 13  Nuko abahungu biwe bamutwara mu gihugu ca Kanani, bamuhamba mw’isenga ryo mw’itongo ry’i Makipela, itongo Aburahamu yari yaraguze na Efuroni Umuheti ngo ribe itongo ryo guhambamwo yigabira, imbere ya Mamure+. 14  Yozefu amaze guhamba se wiwe, asubira mu Misiri, we hamwe na bene wabo n’abaduganye na we bose guhamba se wiwe. 15  Bene wabo na Yozefu babonye ko se apfuye, batangura kuvuga bati: “Hari aho Yozefu yoba atubikiye akazikira+, kandi ntazobura kutwishura ikibi cose twamugiriye+.” 16  Maze bamenyesha Yozefu itegeko bati: “So wawe yaratanze itegeko imbere y’uko apfa, ati: 17  ‘Ibi ni vyo muzobwira Yozefu: “Ndagusavye, ndakwinginze uharire+ umugararizo wa bene wanyu n’igicumuro cabo kuko bakugiriye nabi+.”’ None rero ndakwinginze uharire umugararizo w’abasavyi b’Imana ya so+.” Aho bavuganiye na we, Yozefu aca araturikisha ararira. 18  Hanyuma bene wabo na bo baraza, bikubita hasi imbere yiwe, bavuga bati: “Ehe turi abashumba bawe+!” 19  Maze Yozefu ababwira ati: “Ntimutinye; mbega jewe mbaye mu kibanza c’Imana+? 20  Mwebwe mwari mwiyumviriye kunkorera ikibi. Mugabo Imana yiyumviriye kugihinduramwo iciza kugira ikore ibintu nk’uko biri uyu musi: kugira izigamire ubuzima abantu benshi+. 21  Ntimutinye rero. Jewe nzoguma ndabaronsa ibifungurwa mwe n’abana banyu batoyi+.” Nuko arabahoza, avugana na bo mu buryo buhumuriza. 22  Yozefu abandanya kuba mu Misiri, we hamwe n’inzu ya se; Yozefu abaho imyaka ijana na cumi. 23  Nuko Yozefu abona bene Efurayimu b’iyaruka rigira gatatu+, abona n’abahungu ba Makiri+, umuhungu wa Manase. Bavukiye ku bibero vya Yozefu+. 24  Amaherezo Yozefu abwira bene wabo ati: “Ngiye gupfa, mugabo Imana ntizobura kubitaho+, kandi ntizobura kubadugana ikabakura muri iki gihugu ikabajana mu gihugu yarahiye Aburahamu, Izahaki na Yakobo+.” 25  Yozefu rero arahiza bene Isirayeli ati: “Imana ntizobura kubitaho. Namwe rero muze mudugane amagufa yanje muyakure ng’aha+.” 26  Hanyuma Yozefu arapfa, apfa afise imyaka ijana na cumi; bamusigisha ibibuza kubora+, baraheza bamushira mw’isandugu mu Misiri.

Amakuru yiyongereye