Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Itanguriro 49:1-33

49  Mu nyuma Yakobo ahamagara abahungu biwe, avuga ati: “Nimukoranire hamwe ndababwire ibizobashikira mu kiringo ca nyuma c’imisi.  Nimukorane mwumvirize, yemwe bene Yakobo, egome, nimwumvirize so Isirayeli+.  “Rubeni, uri imfura yanje+, ingoga zanje n’ubuzibūra bwanje*+, agahebuza mw’iteka n’agahebuza mu nkomezi.  Kubera ukwirekura nk’amazi ata kwigengesera, ntukabe agahebuza+, kuko wuriye ku gitanda ca so+. Ico gihe wahumanije uburiri bwanje+. Yarabwuriyeko!  “Simeyoni na Lewi baravukana+. Ibirwanisho vyabo vyo kwica ni ibikoresho vy’ubukazi+.  Ntiwinjire mu mugwi wabo w’abagenzi somambike+, ewe mutima wanje! Ntukifatanye n’ishengero ryabo+, ewe muzirikanyi wanje, kuko bishe abantu mw’ishavu ryabo+, bagaca ibitsi amashūri mu gukora uko bigombeye.  Ishavu+ ryabo rirakavumwa, kuko ari rinyamaswa+, n’uburake bwabo, kuko bukara+. Reka ndabagabanganye muri Yakobo, kandi reka ndabasanzaze muri Isirayeli+.  “Nayo wewe Yuda+, bene wanyu bazoguhaya+. Ukuboko kwawe kuzoba ku gakanu k’abansi bawe+. Abana ba so bazokubita inkoro hasi imbere yawe+.  Yuda ni icana c’intambwe+. Uzoduga, mwananje, uvuye ku cacakiwe. Yarunamye, yarigoroye nk’intambwe, kandi vyongeye, nka kurya kw’intambwe, ni nde yokwubahuka kumuvyura+? 10  Agakoni k’ubutware ntikazova kuri Yuda+, eka n’inkoni ya kizigenza ntizova hagati y’ibirenge vyiwe, gushika Shilo aje+; ni we ibisata vy’abantu bizogamburukira+. 11  Azozirika indogobwa yiwe ikuze ku muzabibu, azirike n’inyana y’indogobwa yiwe ivyara ku muzabibu w’indobanurwa; emwe, azomesa ivyambarwa vyiwe mu muvinyu, n’impuzu yiwe mu maraso y’inzabibu+. 12  Amaso yiwe aratukuriye kubera umuvinyu, kandi amenyo yiwe arera kubera amata. 13  “Zebuloni azoba iruhande y’inkengera y’ikiyaga+, kandi azoba iruhande y’inkengera aho imeri zihagarara zakoroye inanga+; kandi uruhande rwiwe rwa kure ruzoba ruherereye i Sidoni+. 14  “Isakari+ ni indogobwa y’amagufa akomeye, iryamye hagati y’amasaho abiri yo kw’itandiko. 15  Kandi azobona ko ahantu h’ukuruhukira ari heza be n’uko igihugu gihimbaye; vyongeye, azoheta urutugu rwiwe kugira atware imizigo, kandi azokoreshwa ibikorwa vy’agahato vy’ubushumba. 16  “Dani azocira imanza abantu biwe ari umwe mu miryango ya Isirayeli+. 17  Dani nabe inzoka iruhande y’ibarabara, inzoka y’amahembe iruhande y’inzira, ikomora ibitsintsiri vy’ifarasi ku buryo uwuyigenderako agwira umugongo+. 18  Emwe, nzorindira ubukiriro bwawe, Yehova we+! 19  “Nayo Gadi, akagwi k’abambuzi kazomutera, ariko we azotera igice c’inyuma gihereza+. 20  “Asheri azokwamukako umukate unuze+, kandi azotanga ibifungurwa binovera vy’umwami+. 21  “Nafutali+ ni impongokazi irehutse. Atanga amajambo y’igikundiro+. 22  “Yozefu ni umuvyaro w’igiti cama ivyamwa+, umuvyaro w’igiti cama ivyamwa iruhande y’isôko+, kirungika amashami yaco hejuru akarenga uruhome+. 23  Mugabo abarashi bagumye bamutoteza, baramurasa, kandi bari bamubikiye akazikira+. 24  Yamara umuheto wiwe waba ahantu hamaho+, kandi inkomezi z’amaboko yiwe zari zinonotse+. Mu maboko y’Umunyabubasha wa Yakobo+ ni ho hava Umwungere, Ibuye rya Isirayeli+. 25  Ava ku Mana ya so+, kandi azogufasha+; ari kumwe na Mushoboravyose+, kandi azoguhezagira n’imihezagiro yo mu majuru hejuru+, imihezagiro y’inyenga y’amazi iri hasi epfo+, imihezagiro y’amabere n’igitereko+. 26  Imihezagiro ya so izoruta koko imihezagiro y’imisozi y’ibihe bidahera+, irute ugushaza kw’imirambi yamaho igihe kitagira urugero+. Izoguma ku mutwe wa Yozefu, egome, ku rutwariro rw’uwashizwe ku ruhande akuwe muri bene wabo+. 27  “Benyamini azoguma atabagura nk’ibingira+. Mu gitondo azorya igikoko cafashwe, ku mugoroba na ho agabure isahu+.” 28  Abo bose ni bo miryango cumi n’ibiri ya Isirayeli, kandi ivyo ni vyo se yababwiye ariko arabahezagira. Umwe wese yamuhezagiye akurikije umuhezagiro wiwe bwite+. 29  Hanyuma arabategeka, ababwira ati: “Ngira mpamvye ab’iwacu+. Muze mumpambe hamwe na ba dawe mw’isenga riri mw’itongo rya Efuroni Umuheti+, 30  mw’isenga riri mw’itongo ry’i Makipela, imbere ya Mamure mu gihugu ca Kanani, itongo Aburahamu yaguze na Efuroni Umuheti ngo ribe itongo ryo guhambamwo yigabira+. 31  Aho ni ho bahamvye Aburahamu na Sara umugore wiwe+. Aho ni ho bahamvye Izahaki na Rebeka umugore wiwe+, kandi ni ho nahamvye Leya. 32  Iryo tongo ryaguzwe be n’isenga riri muri ryo vyari ivya bene Heti+.” 33  Gutyo Yakobo arangiza guha amategeko abahungu biwe. Hanyuma asubiza ibirenge vyiwe ku buriri maze aracikana, ahamvya ab’iwabo+.

Amakuru yiyongereye

Ijambo ku rindi ni “intango y’ububasha bwanje bwo kurondoka.”