Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet | BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Itanguriro 48:1-22

48  Inyuma y’ivyo, babwira Yozefu ngo: “Ehe, amagara ya so wawe ariko arayonga.” Nuko ajana n’abahungu biwe babiri, Manase na Efurayimu+.  Maze bamenyesha Yakobo bati: “Ehe umuhungu wawe Yozefu araje kukuraba.” Nuko Isirayeli arinanata n’utuguvu twiwe twose, yicara ku buriri bwiwe.  Maze Yakobo abwira Yozefu ati: “Imana Mushoboravyose yarambonekeye i Luzi+ mu gihugu ca Kanani kugira impezagire+.  Iraheza imbwira iti: ‘Ehe ngira ndakurondore+, kandi nzokugwiza, ndaguhindure ishengero ry’ibisata vy’abantu+ kandi iki gihugu nzogiha uruvyaro rwawe mu nyuma zawe kugira rube itongo rwibagira gushika igihe kitagira urugero+.’  Ubu rero abahungu bawe babiri wavyariwe mu gihugu ca Misiri imbere y’uko nza aha uri mu Misiri, ni abanje+. Efurayimu na Manase bazoba abanje nka Rubeni na Simeyoni+.  Mugabo uruvyaro uzovyara mu nyuma zabo ruzoba rwawe. Bazohamagarwa gutorana kw’izina rya bene wabo+.  Nayo jewe, igihe nariko ndava i Padani+, Rasheli yarampfiriyeko+ ku nzira mu gihugu ca Kanani, hagisigaye akarere katari gato ngo nshike muri Efurata+, ku buryo namuhamvye ng’aho ku nzira ija muri Efurata, ni ukuvuga Betelehemu+.”  Maze Isirayeli abona abahungu ba Yozefu, avuga ati: “Abo ni bande+?”  Yozefu aca abwira se wiwe ati: “Ni abahungu banje Imana yampereye aha hantu+.” Na we avuga ati: “Ndakwinginze ubanzanire ndabahezagire+.” 10  Kandi amaso ya Isirayeli yari asigaye abona ivyijiji kubera ubusaza+. Ntiyashobora kubona. Nuko abazana hafi yiwe, arabasoma yongera arabagumbira+. 11  Hanyuma Isirayeli abwira Yozefu ati: “Sinari nizigiye kubona mu maso hawe+, ariko raba Imana inyeretse n’uruvyaro rwawe.” 12  Inyuma y’ivyo Yozefu abakura mu mavi ya se, araheza arunama mu maso hiwe hakora hasi+. 13  Nuko Yozefu arabafata uko ari babiri, Efurayimu mu kuryo kwiwe ku buryo aherera ibubamfu bwa Isirayeli+, Manase na we mu kubamfu kwiwe ku buryo aherera iburyo bwa Isirayeli+, araheza abazana hafi yiwe. 14  Ariko Isirayeli atuma ukuryo kwiwe, agushira ku mutwe wa Efurayimu+, naho ari we yari mutoyi+, ukubamfu kwiwe na kwo agushira ku mutwe wa Manase+. Amaboko yiwe yayagize gutyo ibigirankana, kuko Manase ari we yari imfura+. 15  Nuko atangura guhezagira Yozefu ati+: “Mana y’ukuri ba data Aburahamu na Izahaki bagendeye imbere+, Mana y’ukuri yandagiye mu kubaho kwanje kwose gushika uno musi+, 16  Umumarayika yagiye arankiza mu vyago vyose+, hezagira aba bahungu+. Kandi nibitirirwe izina ryanje n’izina rya ba data, Aburahamu na Izahaki+, Kandi nibongerekane babe benshi mw’isi+.” 17  Yozefu abonye yuko se wiwe agumije ukuryo kwiwe ku mutwe wa Efurayimu, biramubabaza+, maze agerageza gufata ukuboko kwa se wiwe ngo agukure ku mutwe wa Efurayimu agushire ku mutwe wa Manase+. 18  Nuko Yozefu abwira se wiwe ati: “Si ukwo dawe, kuko uyu ari we mfura+. Shira ukuryo kwawe ku mutwe wiwe.” 19  Mugabo se wiwe aranka, avuga ati: “Ndabizi, mwananje, ndabizi. Na we nyene azoba igisata c’abantu, kandi na we nyene azoba uwukomeye+. Yamara rero, murumunawe azoba uwukomeye kumurusha+, kandi uruvyaro rwiwe ruzogwira cane ku buryo ruvamwo amahanga akwiye+.” 20  Nuko abandanya kubahezagira kuri uwo musi+ ati: “Biciye kuri wewe, Isirayeli nahezagire yisubiriza ati: ‘Imana ikugire nka Efurayimu yongere ikugire nka Manase+.’” Gutyo aguma ashira Efurayimu imbere ya Manase+. 21  Maze Isirayeli abwira Yozefu ati: “Ehe ngira mpfe+, mugabo Imana izogumana namwe koko, ibasubize mu gihugu ca ba sogokuruza banyu+. 22  Nayo jewe, nguhaye igihimba kimwe* c’igihugu kuruta bene wanyu+, ico nakuye mu kuboko kw’Abamori nkoresheje inkota yanje n’umuheto wanje.”

Amakuru yiyongereye

Ijambo ku rindi ni “urutugu rumwe.”