Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Itanguriro 47:1-31

47  Yozefu rero araza, amenyesha Farawo ati+: “Dawe na bene wacu, imikuku yabo n’amasho yabo, n’ivyo bafise vyose, baje bavuye mu gihugu ca Kanani, kandi ehe bari mu gihugu ca Gosheni+.”  Atora abagabo batanu muri bene wabo bose, kugira abajane imbere ya Farawo+.  Maze Farawo abwira bene wabo ati: “Mukora akazi nyabaki+?” Nuko babwira Farawo bati: “Abasavyi bawe turi abungere b’intama+, twebwe na ba sogokuruza bacu+.”  Inyuma y’ivyo babwira Farawo bati: “Twaje kuba mu gihugu turi ba kavamahanga+, kuko ata buragiriro buhari ku bw’umukuku abasavyi bawe bafise+, kuko ikigoyi gikaze mu gihugu ca Kanani+. None rero turakwingize ureke abasavyi bawe babe mu gihugu ca Gosheni+.”  Nuko Farawo abwira Yozefu ati: “So na bene wanyu baje ng’aha kuri wewe.  Igihugu ca Misiri kiri imbere yawe+. Nucumbikire so na bene wanyu mu gice ciza cane kuruta ibindi vyose mu gihugu+. Nibabe mu gihugu ca Gosheni+, kandi nimba uzi yuko muri bo hari abagabo b’umutima rugabo+, uze ubagene babe abakuru b’amasho yanje+.”  Maze Yozefu yinjiza Yakobo se wiwe araheza amumenyekanisha kuri Farawo, hanyuma Yakobo atangura guhezagira Farawo+.  Farawo aca abwira Yakobo ati: “Umaze imyaka ingahe?”  Nuko Yakobo abwira Farawo ati: “Imyaka maze ndi kavamahanga ni ijana na mirongo itatu+. Imyaka maze yabaye mike iba n’iyiteye umubabaro+, kandi ntiyashikiriye imyaka ya ba dawe, iyo bamaze ari ba kavamahanga+.” 10  Inyuma y’ivyo Yakobo ahezagira Farawo hanyuma arasohoka avuye imbere ya Farawo+. 11  Gutyo Yozefu agerera se wiwe na bene wabo, abaha itongo bigabira mu gihugu ca Misiri, mu gice ciza cane kuruta ibindi vyose vy’igihugu, mu gihugu ca Ramesesi+, nk’uko Farawo yari yategetse. 12  Yozefu aguma aronsa umukate se wiwe na bene wabo n’urugo rwose rwa se wiwe+, nk’uko igitigiri c’abana batoyi+ kiri. 13  Nuko ntihaboneka umukate mu gihugu cose, kuko ikigoyi cari gikaze cane+; igihugu ca Misiri n’igihugu ca Kanani biruhishwa n’ikigoyi+. 14  Yozefu atora amahera yose yari mu gihugu ca Misiri no mu gihugu ca Kanani abantu batanga ku bw’intete bariko baragura+; nuko Yozefu aguma azana nya mahera mu nzu ya Farawo. 15  Amaherezo amahera yo mu gihugu ca Misiri no mu gihugu ca Kanani arahera, maze Abanyamisiri bose batangura kuza kuri Yozefu, bavuga bati: “Duhe umukate+! Kuki twopfira imbere yawe kubera amahera yaheze+?” 16  Maze Yozefu avuga ati: “Nimutange ibitungwa vyanyu mpeze ndabahe umukate, tuwukabe ibitungwa vyanyu, nimba amahera yaheze.” 17  Nuko batangura kuzanira Yozefu ibitungwa vyabo; Yozefu na we aguma abaha umukate bawukavye amafarasi yabo n’ibitungwa vy’umukuku n’ibitungwa vy’ubusho n’indogobwa+, aguma abaronsa umukate bawukavye ibitungwa vyabo vyose muri uwo mwaka. 18  Amaherezo uwo mwaka urarangira, hanyuma batangura kuza kuri we mu mwaka ukurikira bamubwira bati: “Ntitwohisha umukama wanje yuko amahera n’ubusho bw’ibitungwa vyarangiriye ku mukama wanje+. Nta gisigaye imbere y’umukama wanje atari imibiri yacu n’amatongo yacu+. 19  Kubera iki twogupfira mu maso+, n’amatongo yacu agacika umusaka? Twe n’amatongo yacu nutugure umukate+, maze twe n’amatongo yacu ducike abashumba ba Farawo; kandi uduhe imbuto kugira tubeho ntidupfe, n’amatongo yacu ntacike umusaka+.” 20  Nuko Yozefu agurira Farawo amatongo yose y’Abanyamisiri+, kubera ko Abanyamisiri bagurishije umwe wese itongo ryiwe, kuko ikigoyi cari cabacakiye bimwe bikomeye; nuko ayo matongo aba aya Farawo. 21  Nayo abantu, abimurira mu bisagara guhera ku mpera imwe y’akarere ka Misiri gushika ku yindi+. 22  Amatongo y’abaherezi ni yo gusa ataguze+, kuko ibifungurwa vy’abaherezi vyava kuri Farawo, bakaba barya ibifungurwa Farawo yabaha+. Ni co catumye batagurisha amatongo yabo+. 23  Maze Yozefu abwira abantu ati: “Raba, uno musi ndabaguze mwebwe n’amatongo yanyu ngo mube aba Farawo. Ng’izi imbuto muhawe; muze muziteragire mu matongo+. 24  Nizavamwo umwimbu+, mutegerezwa rero guha Farawo ica gatanu+, mugabo ibice bine bizoba rwanyu bibe imbuto y’imirima, n’ibifungurwa vyanyu, n’ivy’abari mu mazu yanyu be n’ivyo kurya vy’abana banyu batoyi+.” 25  Nuko bavuga bati: “Uzigamye ubuzima bwacu+. Nitugire ubutoni mu maso y’umukama wanje, maze tuzoba abashumba ba Farawo+.” 26  Yozefu aca ashinga ingingo, iyigikurikizwa gushika n’uyu musi ku matongo ya Misiri, yuko Farawo yoza araronka gushika ku bingana n’ica gatanu. Amatongo y’abaherezi, uko bagize umugwi uri ukwawo, ni yo gusa atacitse aya Farawo+. 27  Isirayeli abandanya kuba mu gihugu ca Misiri, mu gihugu ca Gosheni+; Abisirayeli bakibamwo, bararondoka, baba benshi cane+. 28  Yakobo abandanya kuba mu gihugu ca Misiri imyaka cumi n’indwi, ku buryo imisi ya Yakobo, imyaka y’ubuzima bwiwe, iba imyaka ijana na mirongo ine n’indwi+. 29  Amaherezo igihe c’uko Isirayeli apfa kiregereza+. Ahamagara rero umuhungu wiwe Yozefu maze amubwira ati: “Nimba rero nagize ubutoni mu maso yawe, ndakwinginze ushire ukuboko kwawe munsi y’itako+ ryanje, undahire yuko uzongirira ubuntu bwuzuye urukundo be n’ubwizigirwa+. (Ndakwinginze ntuze umpambe mu Misiri+.) 30  Nzoryama hamwe na ba dawe+, nawe uze unkure mu Misiri umpambe mu mva yabo+.” Nuko rero avuga ati: “Jewe ubwanje nzogira nk’uko uvuze.” 31  Maze avuga ati: “Ndahira.” Nuko aramurahira+. Isirayeli aca yunama ku mutwe w’uburiri+.

Amakuru yiyongereye