Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Itanguriro 45:1-28

45  Nuko Yozefu ntiyaba agishobora kwigumya imbere y’abari bahagaze iruhande yiwe bose+. Aca asemerera ati: “Nimusohore abantu bose bamve iruhande!” Nta wundi yari ahagararanye na we igihe Yozefu yimenyesha bene wabo+.  Maze ashira ijwi hejuru arira+, Abanyamisiri baravyumva n’inzu ya Farawo iravyumva.  Amaherezo Yozefu abwira bene wabo ati: “Ndi Yozefu. Mbega dawe aracariho?” Ariko bene wabo ntibashobora kumwishura, kuko bari bahagaritse umutima kubera we+.  Yozefu abwira bene wabo ati: “Enda nimunyegere.” Na bo baramwegera. Hanyuma avuga ati: “Ndi Yozefu mwene wanyu, uwo mwagurishije mu Misiri+.  Ariko ubu ntimubabare+, kandi ntimwiteko ishavu kubera mwangurishije ino; kuko Imana yandungitse imbere yanyu ku bwo kuzigama ubuzima+.  Kuko uyu ari umwaka ugira kabiri w’ikigoyi mw’isi+, kandi haracasigaye imyaka itanu itazobamwo igihe c’irima canke iyimbura+.  Imana rero yandungitse imbere yanyu kugira ndabashirireho amasigarira+ mw’isi, no kugira ntume mubandanya kubaho mu kubarokora mu buryo buhambaye.  Nuko rero, si mwebwe mwandungitse ino+, ahubwo ni Imana y’ukuri, kugira ingire nka se+ wa Farawo, n’umukuru* w’inzu yiwe yose, n’uwuganza igihugu cose ca Misiri.  “Nimuduge ningoga kwa dawe, mumubwire muti: ‘Ibi ni vyo umuhungu wawe Yozefu avuze: “Imana yampaye kuganza Misiri yose+. Manuka uze iyo ndi. Ntutebagane. 10  Uzoba mu gihugu ca Gosheni+, kandi uzoguma hafi yanje, mwe n’abahungu bawe, n’abahungu b’abahungu bawe, n’imikuku yawe n’amasho yawe, n’ivyawe vyose. 11  Aho ni ho nzokuronkereza ibifungurwa, kuko hagisigaye imyaka itanu y’ikigoyi+; kugira ngo wewe n’inzu yawe n’ivyawe vyose ntimuje mu bukene.”’ 12  Kandi ehe amaso yanyu n’amaso ya mwene wacu Benyamini aribonera yuko akanwa kanje ari ko kariko kavugana namwe+. 13  Muze mwiganire dawe rero ubuninahazwa bwose mfise mu Misiri be n’ivyo mwabonye vyose; muze mwihutire kumanukana dawe ino.” 14  Maze agwa mw’izosi Benyamini mwene wabo, araturikisha ararira, Benyamini na we amuririra kw’izosi+. 15  Hanyuma asoma bene wabo bose yongera abaririrako+, bene wabo babona kuyaga na we. 16  Nuko inkuru yumvikana mu nzu ya Farawo, ngo: “Bene wabo na Yozefu baje!” Biba vyiza mu maso ya Farawo no mu maso y’abasuku biwe+. 17  Farawo rero abwira Yozefu ati: “Bwira bene wanyu uti: ‘Nimugire mutya: Nimuremeke ibintu vyanyu ibitwazi vyanyu mugende, mwinjire mu gihugu ca Kanani+, 18  muheze mutore so n’ingo zanyu maze muze ino aho ndi, kugira ndabahe ivyiza vy’igihugu ca Misiri; kandi murye umwimbu unuze w’igihugu+. 19  Nawe ubwawe utegetswe+ kubabwira uti: “Nimugire mutya: Nimwironse imikogote+ mu gihugu ca Misiri yo kuzana abana banyu batoyi n’abagore banyu, kandi muze mushire so kuri umwe muheze muze ino+. 20  Ijisho ryanyu ntirigirire akagongwe ibikoresho vyanyu+, kuko ivyiza vy’igihugu cose ca Misiri ari rwanyu+.”’” 21  Bene Isirayeli baca bagira gutyo; Yozefu abaha imikogote nk’uko Farawo yategetse, abaha n’impamba+ ku bw’inzira. 22  Umwe wese muri bo amuha imitamana yo gukuranya+ yiwe bwite, mugabo aha Benyamini ibice amajana atatu vy’ifeza n’imitamana itanu yo gukuranya+. 23  Se wiwe na we amurungikira ibi: indogobwa cumi zitwaye ibintu vyizavyiza vyo mu Misiri, n’indogobwa z’ingore cumi zitwaye intete n’umukate, n’ivyo kurya vya se wiwe ku bw’inzira. 24  Nuko arungika bene wabo, na bo baragenda. Ariko ababwira ati: “Ntimutaneko ishavu mu nzira+.” 25  Nuko baraduga bavuye mu Misiri, amaherezo bashika mu gihugu ca Kanani kwa Yakobo se. 26  Bamumenyesha bati: “Yozefu aracariho, kandi ni we aganza igihugu cose ca Misiri+!” Mugabo umutima wiwe uratimba, kuko atemera ivyo bavuga+. 27  Babandanije kumubwira amajambo ya Yozefu yose, ayo yari yababwiye, akabona n’imikogote Yozefu yari yarungitse kumutwara, Yakobo se atangura kugarura agatege*+. 28  Maze Isirayeli aratangara ati: “Biramaze! Yozefu umuhungu wanje aracariho! Aaa, reka ngende ndamubone imbere y’uko mpfa+!”

Amakuru yiyongereye

Ijambo ku rindi ni “umukama.”
Ijambo ku rindi ni “impwemu ya Yakobo se wabo itangura kugarura agatege.”