Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Itanguriro 44:1-34

44  Mu nyuma ategeka umuntu yari ajejwe inzu yiwe+ ati: “Uzuza amasaho y’abo bagabo ibifungurwa, ivyo bashobora gutwara vyose, kandi ushire amahera y’umwumwe wese mu munwa w’isaho yiwe+.  Ariko ushire igikombe canje, ca gikombe c’ifeza, mu munwa w’isaho y’umuhererezi hamwe n’amahera y’intete ziwe.” Nuko akora nk’uko Yozefu avuze+.  Bumaze guca, nya bagabo barabarungika+, bo hamwe n’indogobwa zabo.  Barasohoka mu gisagara. Bataragera kure, Yozefu abwira wa muntu yari ajejwe inzu yiwe ati: “Haguruka, ukurikire abo bagabo, ubahamvye, maze ubabwire uti: ‘Kubera iki iciza mwacishuye ikibi+?  Mbega iki si co kintu databuja anyweramwo kandi akoresha mu gusoma atihenda ibimenyetso bitara ibizoba+? Mwakoze ikintu kibi.’”  Amaherezo arabahamvya, ababwira ayo majambo.  Mugabo bamubwira bati: “Kubera iki umukama wanje avuga amajambo nk’ayo? Ni ibitokwiyumvirwa ko abasavyi bawe bokora ikintu nk’ico.  Raba! Amahera twasanze mu munwa w’amasaho yacu twarayakugarukaniye tuyakuye mu gihugu ca Kanani+. None twoshobora gute kwiba ifeza canke inzahabu mu nzu ya shobuja+?  Uwo bagisangana mu bashumba bawe apfe, natwe ubwacu ducike abashumba ba databuja+.” 10  Na we avuga ati: “Ubu rero nibibe nk’uko muvuze+. Uwo bagisangana azocika umushumba wanje+, mugabo mwebwe muzoba muri intungane.” 11  Nuko banyarutsa kwururutsa hasi amasaho, umwe wese isaho yiwe, maze umwe wese atekurura isaho yiwe. 12  Atangura gusaka yitonze. Ahera ku mukuru ahereza ku muhererezi. Amaherezo nya gikombe bagisanga mw’isaho ya Benyamini+. 13  Maze batantamura imitamana+ yabo, umwe wese asubiza umutwaro wiwe ku ndogobwa yiwe, basubira mu gisagara. 14  Nuko Yuda+ na bene wabo baragenda binjira mu nzu ya Yozefu, kandi ni ho yari akiri; maze bikubita imbere yiwe bashika hasi+. 15  Yozefu araheza ababwira ati: “Ico kintu mwakoze ni igiki? Ntimwari muzi yuko umuntu nkanje ashobora gusoma atihenda ibimenyetso bitara ibizoba+?” 16  Yuda aca avuga ati: “Mbega tubwire iki databuja? Tuvuge iki? Kandi twerekane gute ko tugororotse+? Imana y’ukuri yamenye ikosa ry’abashumba bawe+. Ehe turi abashumba ba databuja+, twe n’uwo basanganye igikombe!” 17  Ariko avuga ati: “Ni ibitokwiyumvirwa ko nokora ivyo+! Umuntu basanganye igikombe ni we acika umushumba wanje+. Nayo mwebwe abasigaye, nimuduge amahoro kwa so+.” 18  Nuko Yuda aramwegera, avuga ati: “Ndagusavye databuja, ndakwinginze ureke umushumba wawe avuge ijambo databuja yumva+, kandi ishavu ryawe+ ntirirurumbire umushumba wawe, kuko wewe uri nka Farawo+. 19  Databuja yabajije abashumba biwe ati: ‘Murafise so canke mwene wanyu?’ 20  Natwe tubwira databuja duti: ‘Turafise koko data ashaje n’umwana wo mu busaza bwiwe, umuhererezi+. Mugabo mwene wabo yarapfuye, ku buryo ari we wenyene asigaye kuri nyina+, kandi se wiwe aramukunda cane.’ 21  Inyuma y’ivyo wabwiye abashumba bawe uti: ‘Nimumumanukane iyo ndi kugira ndamubone*+.’ 22  Ariko twabwiye databuja duti: ‘Uwo muhungu ntashobora gusiga se wiwe. Hamwe yosiga se wiwe, yopfa ata kabuza+.’ 23  Maze wabwiye abashumba bawe uti: ‘Umuhererezi wanyu atamanukanye namwe, ntimushobora kwongera kubona mu maso hanje+.’ 24  “Natwe twaraduze ku mushumba wawe dawe, tumubwira amajambo ya databuja. 25  Mu nyuma dawe yavuze ati: ‘Subireyo, mutugurire ibifungurwa bikeyi+.’ 26  Mugabo tuvuga duti: ‘Ntidushobora kumanuka. Nimba umuhererezi wacu ari kumwe natwe tuzomanuka, kuko tudashobora kubona mu maso ha nya mugabo, umuhererezi wacu atari kumwe natwe+.’ 27  Maze umushumba wawe dawe atubwira ati: ‘Ubwanyu murazi neza yuko umugore wanje yamvyariye abahungu babiri gusa+. 28  Mu nyuma umwe yaragiye atandukana nanje, maze mvuga nti: “Aaa, nta nkeka yaratabaguwe+!” Kandi sindamubona gushika n’ubu. 29  Hamwe mwotwara n’uyu akava mu maso yanje hanyuma agashikirwa n’isanganya ryica, nta nkeka mwoba mutumye imvi zanje zimanukana umubabaro mu kuzimu+.’ 30  “Ubu rero, ninapfa gushika ku mushumba wawe dawe uwo muhungu atari kumwe natwe, kandi umutima wiwe ufatanye n’umutima w’uyu+, 31  niyapfa kubona ko uwo muhungu atari ho ari, azoca apfa, kandi abashumba bawe bazoba batumye imvi z’umushumba wawe data zimanukana intuntu mu kuzimu. 32  Kuko umushumba wawe ari we yishinze+ uwo muhungu mu gihe azoba ari kure ya se wiwe, mu kuvuga ati: ‘Nintamukugarukanira, nzoba rero ncumuye kuri dawe ibihe bidahera+.’ 33  Nuko rero, ndakwinginze, umushumba wawe asigare mu kibanza c’uwo muhungu abe umushumba wa databuja, kugira uwo muhungu adugane na bene wabo+. 34  Mbega noshobora nte kuduga kwa dawe uwo muhungu atari kumwe nanje? Kuko nohava nitegereza ivyago bizoshikira dawe+.”

Amakuru yiyongereye

Ijambo ku rindi ni “nshire ijisho kuri we.”