Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet | BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Itanguriro 43:1-34

43  Kandi ikigoyi cari gikaze mu gihugu+.  Bakimara kurangiza kurya intete bari barakuye mu Misiri+, se ababwira ati: “Subireyo, mutugurire ibifungurwa bikeyi+.”  Mugabo Yuda amubwira+ ati: “Nya mugabo yaratwihanikirije bimwe bikomeye ati: ‘Ntimuze musubire kubona mu maso hanje mwene wanyu atari kumwe namwe+.’  Niwarungika mwene wacu tukajana+, turiteguriye kumanuka kukugurira ibifungurwa.  Mugabo nutamurungika, ntituzomanuka, kuko nya mugabo yatubwiye koko ati: ‘Ntimuze musubire kubona mu maso hanje mwene wanyu atari kumwe namwe+.’”  Isirayeli avuga+ ati: “Kubera iki mwangiriye nabi mu kubwira nya mugabo ko mufise uwundi mwene wanyu?”  Na bo bavuga bati: “Nya mugabo yarabajije adacisha ku ruhande ibitwerekeye be n’ivyerekeye incuti zacu ati: ‘So aracariho+? Hari uwundi mwene wanyu mufise?’ Natwe tubimubwira nk’uko biri+. Twari kumenya gute koko yuko yovuze ati: ‘Nimumanukane mwene wanyu+’?”  Amaherezo Yuda abwira Isirayeli se wiwe ati: “Ndungikana n’uwo muhungu+, kugira duhaguruke tugende, tubone kuguma turi bazima ntidupfe+, twe nawe n’abana bacu batoyi+.  Ni je nzomwishinga+. Nze ndamuhanirwe+. Nintamukuzanira ngo ndamugushikirize, nzoba rero ngucumuyeko ibihe vyose. 10  Mugabo iyo tudahinahina, ubu twari kuba twagiye tukongera tukagaruka incuro zibiri+.” 11  Nuko Isirayeli se ababwira ati: “Nimba rero ari ukwo biri+, nimukore ibi: Nimutware ibintu vyiza kuruta ibindi vyo mu gihugu mu vyo mutekeramwo, mubimanukanire nya mugabo bwa ngabirano+: umusomozo+ mukeyi n’ubuki+ bukeyi, ibirirarira bimota neza vy’ibimera* n’ibishishwa vy’uburembo+, imise y’ikungu na shakedi*+. 12  Vyongeye, mwitwaze amahera agwijwe kabiri; amahera yasubijwe mu minwa y’amasaho yanyu muzoyasubizeyo+. Kumbure kwabaye ukwihenda+. 13  Mutore mwene wanyu maze muhaguruke, musubire kwa nya mugabo. 14  Kandi Imana Mushoboravyose ibahe kugirirwa ikigongwe imbere ya nya mugabo+, kugira abarekurire mwene wanyu wundi na Benyamini. Nanje nimba ari ngombwa ko mpekurwa, mpekurwe+ nta kundi!” 15  Nuko nya bagabo batora iyo ngabirano, bongera batora amahera agwijwe kabiri be na Benyamini. Maze barahaguruka, bamanuka mu Misiri, amaherezo bahagarara imbere ya Yozefu+. 16  Yozefu abonye Benyamini ari kumwe na bo, aca abwira umuntu yari ajejwe inzu yiwe ati: “Jana abo bagabo i muhira uheze ukerere ibitungwa maze utegure+, kuko abo bagabo baza gusangira nanje ku mutaga.” 17  Buno nyene nya mugabo akora nk’uko Yozefu yari avuze+. Uwo mugabo ajana rero abo bagabo i muhira kwa Yozefu. 18  Mugabo nya bagabo bagira ubwoba kuko bari bajanywe i muhira kwa Yozefu+, maze batangura kuvuga bati: “Amahera twasubiranye inyuma mu masaho yacu mu ntango ni yo atumye tuzanwa ng’aha ngo badusimbireko, badusǔmire baheze badufate nk’abashumba be n’indogobwa zacu+!” 19  Ku bw’ivyo begera nya mugabo yari ajejwe inzu ya Yozefu maze bavuganira na we ku bwinjiriro bw’inzu, 20  bati: “Uradutunga mukama wanje! Twaramanutse koko mu ntango kugura ibifungurwa+. 21  Mugabo dushitse ahantu h’uburaro+ tugatangura kwugurura amasaho yacu, twagiye tubona amahera y’umwumwe wese ari mu munwa w’isaho yiwe, amahera yacu yose uko yangana. Twagomba rero kuyasubiza n’amaboko yacu bwite+. 22  Kandi twamanukanye ayandi mahera yo kugura ibifungurwa. Ntituzi vy’ukuri uwashize amahera yacu mu masaho yacu+.” 23  Maze avuga ati: “Mwebwe nta ngorane. Ntimutinye+. Imana yanyu ikaba n’Imana ya so yashize itunga mu masaho yanyu+. Amahera yanyu yabanje kuza kuri jewe.” Inyuma y’ivyo asohora Simeyoni amuzana iyo bari+. 24  Maze uwo mugabo azana nya bagabo mu nzu ya Yozefu hanyuma atanga amazi kugira bozwe ibirenge+, yongera atanga indya z’ibitungwa ku bw’indogobwa zabo+. 25  Nuko bategura ya ngabirano+ mu kurindira ko Yozefu aza ku mutaga, kuko bari bumvise yuko aho ari ho baza kurira umukate+. 26  Yozefu yinjiye mu nzu, bamuzanira rero mu nzu nya ngabirano bari bazanye, maze bakubita inkoro hasi imbere yiwe+. 27  Inyuma y’ivyo ababaza nimba bisohora maze avuga+ ati: “Mbega so, wa mutama mwavuga, arisohora? Aracariho+?” 28  Na bo bati: “Data umusavyi wawe arisohora. Aracariho.” Maze barunama, bakubita inkoro hasi+. 29  Araramuye amaso akabona Benyamini mwene wabo, umuhungu wa nyina+, aca avuga ati: “Uyu ni mwene wanyu, umwe w’umuhererezi mwambwira+?” Yongerako ati: “Imana ikugirire ubutoni+, mwananje.” 30  Maze Yozefu, kubera yari arengewe n’ikigumbagumba afitiye mwene wabo+, arihuta arondera aho aririra, aja mu cumba, aririrayo+. 31  Inyuma y’ivyo yiyoga mu maso hanyuma arasohoka, arigumya avuga+ ati: “Nimuzane ibifungurwa+.” 32  Bamuzanira ivyiwe ukwiwe, n’ivyabo ukwabo, n’ivy’Abanyamisiri basangira na we ukwabo; kuko Abanyamisiri batashobora gusangira imfungurwa n’Abaheburayo, kubera ko ico ari ikintu giteye ishishi ku Banyamisiri+. 33  Kandi bicarikwa imbere yiwe, imfura yicara hisunzwe uburenganzira bwayo bw’imfura+, n’umuhererezi yicara hisunzwe ubuto bwiwe; kandi nya bagabo baguma barabana bumiwe. 34  Nuko aguma atuma barungikirwa imigabane ivuye imbere yiwe, mugabo akongereza umugabane wa Benyamini incuro zitanu kuruta uko imigabane y’abandi bose ingana+. Babandanya kwihereza inzimano no kunywa bari kumwe na we, barahaga+.

Amakuru yiyongereye

Ijambo ku rindi ni “labudano.”
Shakedi ni ubwoko bw’utwamwa tugomba kumera nk’ivyema.