Itanguriro 40:1-23
40 Inyuma y’ivyo, uwuhereza ibinyobwa+ umwami wa Misiri be n’uwukora igikorwa co kwotsa bacumura ku mukama wabo umwami wa Misiri+.
2 Farawo arākarira abo bakozi biwe babiri+, umukuru w’abahereza ibinyobwa n’umukuru w’abakora igikorwa co kwotsa+.
3 Abashira rero mw’ibohero ry’inzu y’umukuru w’abacungera ubuzima+, mu nzu y’ibohero+, hamwe Yozefu yari abohewe.
4 Maze nya mukuru w’abacungera ubuzima ashinga Yozefu kuba hafi yabo kugira abakorere+; baguma mw’ibohero imisi kanaka.
5 Nuko bompi barota indoto+ mw’ijoro rimwe+, umwe wese indoto yiwe, indoto yose ikagira insobanuro yayo+, wa wundi ahereza ibinyobwa n’umwe akora igikorwa co kwotsa begukira umwami wa Misiri bari imbohe mu nzu y’ibohero+.
6 Mu gitondo, Yozefu yinjiye iyo bari akababona, erega, ehe bari bajonjogoye+.
7 Nuko atangura kubaza nya bakozi ba Farawo bari kumwe na we mw’ibohero ry’inzu ya shebuja ati: “Kubera iki mwijiriwe mu maso uno musi+?”
8 Na bo bamubwira bati: “Twarose indoto, kandi nta musobanuzi ari kumwe natwe.” Nuko Yozefu ababwira ati: “None ugusobanura si ukw’Imana+? Ndabinginze mubinyiganire.”
9 Maze umukuru w’abahereza ibinyobwa yiganira indoto yiwe Yozefu, amubwira ati: “Mu ndoto yanje, erega, ehe hari umuzabibu imbere yanje.
10 Kuri nya muzabibu hari udushami dutatu, kandi wasa n’uwuriko urazana iminago+. Amashurwe yawo arasokoroka. Inzabibu zo ku misoko yawo zirasha.
11 Igikombe ca Farawo cari mu kuboko kwanje, maze mfata nya nzabibu ndazikanyira mu gikombe ca Farawo+. Inyuma y’ivyo nshira nya gikombe mu kiganza ca Farawo+.”
12 Nuko Yozefu amubwira ati: “Ng’iyi insobanuro yayo+: Utwo dushami dutatu ni imisi itatu.
13 Mu misi itatu uhereye ubu Farawo azoduza umutwe wawe, agusubize koko mw’ibanga ryawe+; nawe ata gukeka uzoshira igikombe ca Farawo mu kiganza ciwe, nk’uko wahora ubigira igihe wakora igikorwa co kumuhereza ibinyobwa+.
14 Yamara rero, uze unyibuke nivyamara kukugendera neza+, kandi ndakwinginze uze ungirire ubuntu bwuzuye urukundo, ubwire ivyanje Farawo+, unkuze muri iyi nzu.
15 Kuko nanyurujwe vy’ukuri nkuwe mu gihugu c’Abaheburayo+; kandi no ng’aha nta kintu na kimwe nakoze cotumye banshira muri iki cobo c’ibohero+.”
16 Umukuru w’abakora igikorwa co kwotsa abonye ko yasobanuye ikintu ciza, na we abwira Yozefu ati: “Nanje narose, mbona ku mutwe wanje hari ibisimbo bitatu vy’umukate wera;
17 mu gisimbo co hejuru ya vyose hari ubwoko bwose bw’ibiribwa vya Farawo+, ivyakozwe n’uwukora igikorwa co kwotsa, kandi hari ibiguruka+ vyariko bibirya bibikura mu gisimbo hejuru y’umutwe wanje.”
18 Nuko Yozefu arishura, avuga ati: “Ng’iyi insobanuro yavyo+: Ivyo bisimbo bitatu ni imisi itatu.
19 Mu misi itatu uhereye ubu Farawo azoduza umutwe wawe awukuye kuri wewe, akumanike koko ku mugogo w’igiti+; ibiguruka bizorya inyama zo ku mubiri wawe+.”
20 Kandi umusi ugira gatatu wari umusi w’ivuka rya Farawo+, maze atereka inzimano abasuku biwe bose yongera aduza umutwe wa wa mukuru w’abahereza ibinyobwa n’umutwe wa wa mukuru w’abakora igikorwa co kwotsa, hagati mu basuku biwe+.
21 Asubiza rero uwo mukuru w’abahereza ibinyobwa mu gikorwa ciwe co guhereza ibinyobwa+, abandanya gushira igikombe mu kiganza ca Farawo.
22 Mugabo uwo mukuru w’abakora igikorwa co kwotsa aramumanika+, nk’uko Yozefu yari yabasobanuriye+.
23 Ariko uwo mukuru w’abahereza ibinyobwa ntiyibuka Yozefu; aramwibagira+.