Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Itanguriro 4:1-26

4  Adamu rero aryamana na Eva umugore wiwe, maze uno aribungenga+. Mu nyuma yibaruka Kayini+, avuga ati: “Mvyaye umuhungu mfashijwe na Yehova+.”  Mu nyuma yongera kwibaruka, avyara mwene wabo Abeli+. Abeli aba umwungere w’intama+, mugabo Kayini aba umurimyi w’ubutaka+.  Hashize igihe kanaka, Kayini atangura kuzana ivyamwa bimwebimwe vy’ubutaka+ ngo bibe ishikanwa kuri Yehova+.  Mugabo Abeli, na we nyene azana ivy’uburiza+ bimwebimwe vyo mu busho bwiwe, mbere n’ibihimba vyavyo binuze+. Yehova araba ryiza Abeli n’ishikanwa ryiwe+,  ariko ntiyaraba ryiza namba Kayini n’ishikanwa ryiwe+. Maze Kayini ararungura n’ishavu ryinshi+, mu maso hiwe hatangura kwiraburanirwa.  Yehova aca abwira Kayini ati: “Ni kubera iki urunguye n’ishavu, kandi ni kubera iki mu maso hawe hiraburaniwe?  Niwahindukira ugakora iciza, ntuzoshirwa hejuru+? Mugabo nutahindukira ngo ukore iciza, hari igicumuro kibunze ku bwinjiriro, kandi ni wewe gihahamiye+; mbega wewe uzokirusha inguvu+?”  Inyuma y’ivyo Kayini abwira Abeli mwene wabo ati: “Tugende mu gahinga.” Nuko bari mu gahinga, Kayini agurukira kuri Abeli mwene wabo, aramwica+.  Mu nyuma Yehova abwira Kayini ati: “Abeli mwene wanyu ari hehe+?” Na we avuga ati: “Sindabizi. Mbaye umurinzi wa mwene wacu+?” 10  Kuri ivyo avuga ati: “Wakoze iki? Umviriza! Amaraso ya mwene wanyu ariko asemererera mu butaka antakambira+. 11  Ubu rero uravumwe, uromowe kuri ubwo butaka+ bwasamitse akanwa kabwo ngo bwakire amaraso ya mwene wanyu yasheshwe n’ukuboko kwawe+. 12  Niwarima ubutaka, ntibuzoguha umwimbu* wabwo+. Uzocika inyererezi n’impunzi mw’isi+.” 13  Kayini na we abwira Yehova ati: “Igihano mpawe ku bw’ikosa ni kinini rwose ku buryo kigoye kwikorera. 14  Ehe uyu musi uranyirukanye koko kuri ubu butaka, kandi mu maso hawe nzohahishwa+; nzocika inyererezi+ n’impunzi kw’isi, kandi nta nkeka uwuzombona wese azonyica+.” 15  Mugabo Yehova amubwira ati: “Ku bw’ico, uwo wese azokwica Kayini azobihorwa incuro indwi+.” Yehova ashiriraho Kayini ikimenyetso kugira ngo uwo wese amubonye ntamwice+. 16  Kayini aca aragenda ava imbere ya Yehova+, aba mu gihugu c’Ukuba Impunzi mu buseruko bwa Edeni. 17  Inyuma y’aho, Kayini aryamana n’umugore wiwe+, uno aribungenga hanyuma avyara Henoki. Maze atangura kwubaka igisagara, araheza yita ico gisagara izina ry’umuhungu wiwe Henoki+. 18  Mu nyuma Henoki avyara Iradi. Maze Iradi avyara Mehuyayeli, Mehuyayeli avyara Metushayeli, Metushayeli na we avyara Lameki. 19  Nuko Lameki yiyabirira abagore babiri. Uwa mbere yitwa Ada, uwugira kabiri na we akitwa Zila. 20  Mu nyuma Ada yibaruka Yabali. Uno ni we yatanguje ivyo kuba mu mahema+ no kworora ibitungwa+. 21  Mwene wabo yitwa Yubali. Uno ni we yatanguje ivyo kuvuza inanga+ n’umwironge+. 22  Zila na we yibaruka Tubali-kayini, umucuzi w’ubwoko bwose bw’igikoresho c’umujumpu n’ic’icuma+. Mushiki wa Tubali-kayini yari Nayama. 23  Ku bw’ivyo rero Lameki atunganiriza aya majambo abagore biwe Ada na Zila: “Umve ijwi ryanje, yemwe bagore ba Lameki; Tege ugutwi ijambo ryanje: Narishe umugabo kuko yankomerekeje, Egome, narishe umusore kuko yankubise. 24  Nimba Kayini abwirizwa guhorwa incuro indwi+, Lameki rero ni incuro mirongo irindwi be n’indwi.” 25  Adamu yongera kuryamana n’umugore wiwe, araheza yibaruka umuhungu maze amwita Seti+, kuko, nk’uko yavuze: “Imana yangeneye urundi ruvyaro* mu kibanza ca Abeli, kuko Kayini yamwishe+.” 26  Kuri Seti na ho nyene havuka umuhungu maze amwita Enoshi+. Ico gihe hatangura ivy’ukwambaza izina rya Yehova*+.

Amakuru yiyongereye

Ijambo ku rindi ni “ububasha.”
Ijambo ku rindi ni “urubuto.”
Canke, “abantu batangura gucafuza izina rya Yehova.”