Itanguriro 38:1-30

38  Muri ico gihe Yuda amanutse avuye kuri bene wabo, ashinga ihema ryiwe hafi y’umugabo umwe, Umwadulamu+, yitwa Hira.  Ng’aho, Yuda ahabona umukobwa w’Umunyakanani+ umwe, uwo Munyakanani akaba yitwa Shuwa. Nuko aramutwara, aryamana na we.  Maze aribungenga. Mu nyuma avyara umuhungu, amwita Ere+.  Yongera kwibungenga. Mu nyuma avyara umuhungu, amwita Onani.  Ikindi gihe na ho avyara umuhungu maze amwita Shela. Yuda yari i Akizibu igihe yamuvyara+.  Mu nyuma Yuda aronderera Ere imfura yiwe umugore, akaba yitwa Tamari+.  Mugabo Ere, imfura ya Yuda, yakora ivyari bibi mu maso ya Yehova+; ku bw’ivyo Yehova aramwica+.  Yuda abwira Onani rero ati: “Ryamana n’umugore wa mwene wanyu, umucure, maze uhagurukirize uruvyaro mwene wanyu+.”  Mugabo Onani yari azi yuko nya ruvyaro rutobaye urwiwe+; igihe rero yaryamana n’umugore wa mwene wabo, yarekurira hasi intanga ziwe kugira ntaronse uruvyaro mwene wabo+. 10  Ivyo yakora vyari bibi mu maso ya Yehova+; ku bw’ivyo na we nyene aramwica+. 11  Yuda abwira rero Tamari umukazana wiwe ati: “Nube mu nzu ya so uri umupfakazi gushika Shela umuhungu wanje akuze+.” Kuko yibwira ati: “Na we nyene yohava apfa nka bene wabo+.” Nuko rero Tamari aragenda, abandanya kuba mu nzu ya se wiwe+. 12  Gutyo imisi iba myinshi maze umukobwa wa Shuwa umugore wa Yuda+, arapfa; nuko Yuda yubahiriza ikiringo c’ikigandaro+. Inyuma y’ivyo aduga ku bakemuzi b’intama ziwe i Timuna+, we na Hira umugenzi wiwe w’Umwadulamu+. 13  Maze Tamari abwirwa ngo: “Ehe sobukwe ariko aduga i Timuna gukemura intama ziwe+.” 14  Aca yikurako impuzu z’ubupfakazi bwiwe maze yipfuka umwitwikiro, aritwikira, hanyuma yicara ku bwinjiriro bwa Enayimu, ahari iruhande y’inzira ija i Timuna. Kuko yabonye yuko Shela yari yarakuze mugabo ntibamumuhe ngo amubere umugore+. 15  Yuda amubonye, aca amufata nk’umumaraya+, kuko yari yipfutse mu maso+. 16  Nuko akebereza aho ari iruhande y’inzira maze avuga ati: “Ndakwinginze unyemerere ndyamane nawe+.” Kuko atari azi yuko ari umukazana wiwe+. Ariko Tamari avuga ati: “Umpa iki kugira uryamane nanje+?” 17  Na we ati: “Jewe ubwanje nzorungika umwagazi w’impene wo mu busho.” Mugabo avuga ati: “None urampa ingwati gushika uwurungitse+?” 18  Yuda abandanya ati: “Ndaguha ingwati nyabaki?” Na we ati: “Impeta y’ikidodo+ yawe n’umugozi wawe n’inkoni iri mu kuboko kwawe.” Nuko arabimuha hanyuma aryamana na we, ku buryo yibungenga bivuye kuri we. 19  Inyuma y’ivyo arahaguruka aragenda, yikurako umwitwikiro wiwe araheza yambara impuzu z’ubupfakazi bwiwe+. 20  Yuda arungikana wa mugenzi wiwe w’Umwadulamu+ nya mwagazi w’impene, kugira agarukane ya ngwati ayikuye mu kuboko kwa wa mugore, mugabo ntiyigera amutora. 21  Ni kwo kubaza abagabo b’aho hantu ati: “Ari he wa mumaraya w’urusengero yari i Enayimu iruhande y’inzira?” Mugabo baguma bavuga bati: “Nta mumaraya w’urusengero+ yigeze kuba muri iki kibanza.” 22  Amaherezo agaruka kuri Yuda maze avuga ati: “Sinigeze ndamutora, kandi bisubiye, abagabo ba nya hantu bavuze bati: ‘Nta mumaraya w’urusengero yigeze kuba muri iki kibanza.’” 23  Nuko Yuda avuga ati: “Nabitware, kugira ntiduhave dukengerwa+. Uko biri kwose, jewe narungitse uyu mwagazi, mugabo wewe ntiwigeze umutora.” 24  Ariko haciye nk’amezi atatu Yuda abwirwa ngo: “Tamari umukazana wawe yagize ivy’umumaraya+, kandi ehe aranibungenze+ bivuye ku bumaraya bwiwe.” Yuda na we avuga ati: “Nimumusohore maze aturirwe+.” 25  Bariko baramusohora, atuma kuri sebukwe ati: “Nibungenze inda y’umugabo ibi bintu vyegukira+.” Yongerako ati: “Ndakwinginze usuzume+ uwo ibi vyegukira, iyi mpeta y’ikidodo n’uwu mugozi n’iyi nkoni+.” 26  Maze Yuda arabisuzuma, hanyuma avuga+ ati: “Aragororotse kundusha+, kuko ntamuhaye Shela umuhungu wanje+.” Ntiyongera kuryamana na we inyuma y’aho+. 27  Igihe yariko aribaruka, erega, ehe hari amahasa mu nda yiwe. 28  Vyongeye, igihe yariko aribaruka, umwe aramvura ukuboko kwiwe, maze umwakirizi aca afata akagozi k’agahama akabohera ku kuboko kwiwe, avuga ati: “Uyu ni we asohotse ubwa mbere.” 29  Amaherezo, akimara gusubiza inyuma ukuboko kwiwe, erega, ehe mwene wabo arasohoka, ku buryo nya mwakirizi atangara ati: “Ushaka kuvuga iki kuri ivyo, ko witaburiye aho uca*?” Ku bw’ivyo bamwita Perezi*+. 30  Mu nyuma mwene wabo, umwe ukuboko kwiwe kwariko akagozi k’agahama, arasohoka hanyuma bamwita Zera+.

Utujambo tw'epfo

Ijambo ku rindi ni “witaburiye umwatata.”
Bisobanura ngo “ugutabuka mu mwatata.”