Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Itanguriro 37:1-36

37  Nuko Yakobo abandanya kuba mu gihugu se wiwe yabayemwo ari kavamahanga+, mu gihugu ca Kanani+.  Aka ni ko kahise ka Yakobo. Yozefu+, afise imyaka cumi n’indwi, yari aragiye intama ari kumwe na bene wabo mu mukuku+, kandi, kubera yari agahungu, yari kumwe n’abahungu ba Biluha+ n’abahungu ba Zilupa+, abagore ba se wiwe. Nuko Yozefu azanira se inkuru mbi ku biberekeye+.  Isirayeli yakunda Yozefu kuruta abandi bahungu biwe bose+, kuko yari umuhungu wo mu busaza bwiwe; nuko amukoreshereza impuzu ndende y’imirongorongo imeze nk’ishati+.  Bene wabo babonye ko se amukunda kuruta bene wabo bose, batangura kumwanka+, kandi ntibashobora kumuvugisha mu mahoro+.  Mu nyuma Yozefu arota indoto hanyuma ayibwira bene wabo+, baba baronse iyindi mvo yo kumwanka.  Nuko ababwira ati: “Ndabinginze mwumvirize iyi ndoto narose+.  Erega, ehe twariko tuboha imiganda hagati mu murima, maze umuganda wanje urahaguruka, uhagarara ugororotse, maze imiganda yanyu itangura gukikuza umuganda wanje no kuwunamira+.”  Nuko bene wabo bamubwira bati: “Mbega ugiye koko kuba umwami wo kutuganza+? Canke ugiye kutuganza koko+?” Baronka rero imvo nshasha yo kumwanka kubera indoto ziwe no kubera amajambo yiwe.  Inyuma y’ivyo arota n’iyindi ndoto, maze ayiganira bene wabo; avuga ati: “Ehe nongeye kurota indoto, kandi ehe izuba n’ukwezi n’inyenyeri cumi n’imwe vyariko binyunamira+.” 10  Maze ayiganira se wiwe na bene wabo, hanyuma se wiwe atangura kumuhambarira, amubwira+ ati: “Iyo ndoto warose isobanura iki? Mbega twe na nyoko wawe na bene wanyu tugiye kuza tukwunamire gushika hasi?” 11  Bene wabo bamugirira ishari+, mugabo se wiwe azigama iryo jambo+. 12  Nuko bene wabo bagenda kuragira umukuku wa se hafi ya Shekemu+. 13  Haciye umwanya Isirayeli abwira Yozefu ati: “Mbega bene wanyu ntibaragiye imikuku hafi ya Shekemu? Ingo, ndagutume kuri bo.” Na we amubwira ati: “Ndi hano+!” 14  Amubwira rero ati: “Ndakwinginze ugende. Urabe ko bene wanyu bari impore, kandi ko umukuku uri impore, uheze unzanire agakuru+.” Nuko aramurungika avuye mu kiyaya co hasi ca Heburoni+, maze agenda yerekeye i Shekemu. 15  Mu nyuma umugabo umwe amwubukako, kandi ehe yariko ayerera mu gahinga. Maze nya mugabo amubaza ati: “Uriko urondera iki?” 16  Na we ati: “Ni bene wacu ndiko ndarondera. Ndakwinginze umbwire: Baragiriye hehe imikuku?” 17  Nya mugabo aca avuga ati: “Bavuye ng’aha, kuko numvise bavuga ngo: ‘Tuje i Dotani.’” Yozefu rero aguma akurikira bene wabo, abasanga i Dotani. 18  Bamubona akiri nka hariya, maze atarashika hafi yabo batangura kumugīra umugambi mu buryo bw’urwenge wo kumwica+. 19  Babwirana rero bati: “Ehe! Ng’urya araje wa murosi+. 20  Ubu rero ingo tumwice, tumujugunyire muri kimwe mu vyobo vy’amazi+; tuze kuvuga yuko igikoko c’ikimwenyi camurokeje+. Duheze turabe ikizova mu ndoto ziwe.” 21  Rubeni yumvise ivyo, agerageza kumurokora mu kuboko kwabo+. Avuga ati: “Twoye kumwica+.” 22  Maze Rubeni abandanya kubabwira ati: “Ntimuvishe amaraso+. Nimumujugunyire muri iki cobo c’amazi kiri mu gahinga, kandi ntimushire ukuboko kw’inkazi kuri we+.” Intumbero yiwe yari iyo kumurokora mu kuboko kwabo kugira amusubize kwa se. 23  Yozefu agishika aho bene wabo bari, batangura kumwambura impuzu yiwe ndende, emwe, ya mpuzu ndende y’imirongorongo yari yambaye+; 24  hanyuma baramufata bamujugunyira muri nya cobo c’amazi+. Ico gihe nya cobo caragaragara; nta mazi yari muri co. 25  Maze baricara kugira barye umukate+. Bararamuye amaso bakihweza, babona umugwi w’ingenzi w’Abishimayeli+ wariko uraza uvuye i Gileyadi, kandi ingamiya zabo zari zitwaye ibirirarira bimota neza vy’ibimera*, n’umusomozo* be n’ibishishwa vy’uburembo+; bari ku nzira babimanukanye mu Misiri. 26  Nuko Yuda abwira bene wabo ati: “Vyomara iki hamwe twokwica mwene wacu tugapfuka koko amaraso yiwe+? 27  Ingo tumugurishe ku Bishimayeli+, ntitumushireko ukuboko+. Nakare, ni mwene wacu, umubiri wacu.” Nuko bumviriza mwene wabo+. 28  Buno abagabo, abadandaza b’Abamidiyani+, baca ng’aho. Bene wabo na Yozefu baca baramukwega, bamuduza bamukuye muri nya cobo c’amazi+, maze bagurisha Yozefu kuri nya Bishimayeli ibice mirongo ibiri vy’ifeza+. Amaherezo bano bajana Yozefu mu Misiri. 29  Mu nyuma Rubeni asubira kuri nya cobo c’amazi, asanga Yozefu ata wuriyo. Aca atantamura impuzu ziwe+. 30  Asubiye kuri bene wabo bandi, avuga ati: “Umwana nta wuhari! None ga yemwe nja hehe koko+?” 31  Ariko bafata ya mpuzu ndende ya Yozefu, bakerera isuguru baraheza bakoza nya mpuzu mu maraso+ incuro n’izindi. 32  Hanyuma barungika nya mpuzu ndende y’imirongorongo, bayizanira se, bamubwira ati: “Iki ni co twatoye. Turakwinginze usuzume+ ko yoba ari ya mpuzu ndende y’umuhungu wawe canke ko atari yo+.” 33  Atangura kuyisuzuma maze avuga ati: “Ni ya mpuzu ndende y’umuhungu wanje! Igikoko c’ikimwenyi camurokeje+! Yozefu nta nkeka yatabaguwe+!” 34  Yakobo aca atantamura imitamana yiwe maze akenyera igunira* mu mafyinga, agandarira umuhungu wiwe imisi myinshi+. 35  Abahungu biwe bose n’abakobwa biwe bose baguma baza kumuhoza+, mugabo aguma yanka guhozwa avuga+ ati: “Kuko nzomanuka iyo umuhungu wanje ari mu kuzimu* ngandaye!” Nuko se wiwe abandanya kumuririra. 36  Ariko nya Bamidiyani bamugurisha mu Misiri kuri Potifari umukozi wo ku kirimba ca Farawo+, umukuru w’abacungera ubuzima+.

Amakuru yiyongereye

Ijambo ku rindi ni “labudano.”
Raba Inyongera ya 21.
Raba Inyongera ya 21.
Mu giheburayo ni “Sheoli” (sheʹohlʹ). Raba Inyongera ya 7.