Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Itanguriro 32:1-32

32  Yakobo na we afata inzira; hanyuma abamarayika b’Imana bahura na we+.  Yakobo ababonye, buno nyene avuga ati: “Iyi ni ikambi y’Imana+!” Ku bw’ivyo aho hantu ahita Mahanayimu+.  Maze Yakobo atuma intumwa+ imbere yiwe kuri Esawu mwene wabo mu gihugu ca Seyiri+, akarere ka Edomu+,  azitegeka ati: “Ibi ni vyo muri bubwire umukama wanje+ Esawu, muti: ‘Umusavyi wawe Yakobo avuze ati: “Nabanye na Labani ndi kavamahanga, marayo igihe kirekire gushika ubu+.  Nsigaye mfise amashūri n’indogobwa, intama, n’abasuku n’abasukukazi+, nkaba nagomba gutuma kubimenyesha umukama wanje, kugira ngire ubutoni mu maso yawe+.”’”  Mu nyuma izo ntumwa zigaruka kuri Yakobo, zivuga ziti: “Twashitse kuri mwene wanyu Esawu, kandi na we nyene ari mu nzira aza guhura nawe, ari kumwe n’abagabo amajana ane+.”  Nuko Yakobo aratinya cane, agira amaganya+. Agabura rero abantu bari kumwe na we, n’imikuku n’inka n’ingamiya mu makambi abiri+,  maze avuga ati: “Esawu niyaza kw’ikambi imwe akayitera, ntihazobura rero ikambi isigara igahunga+.”  Inyuma y’ivyo Yakobo avuga ati: “Ewe Mana ya dawe Aburahamu n’Imana ya dawe Izahaki+, ewe Yehova, wewe umbwira uti: ‘Subira mu gihugu cawe no ku ncuti zawe nanje nzokugirira neza+,’ 10  sinkwiriye ibikorwa vy’ubuntu bwuzuye urukundo vyose n’ubwizigirwa bwose wagiriye umusavyi wawe+, kuko najabutse uru ruzi Yorodani mfise inkoni yanje gusa, ubu nkaba nacitse amakambi abiri+. 11  Ndagusavye undokore+ mu kuboko kwa mwene wacu, mu kuboko kwa Esawu, kuko ndamutinya, nkaba ntinya ko yoza maze akanterana+ n’abana na ba nyina. 12  Kandi wewe, waravuze uti: ‘Nta gukeka nzokugirira neza, kandi uruvyaro rwawe nzorugira nk’udutete tw’umusenyi wo ku kiyaga, utudashobora guharurwa kubera ubwinshi+.’” 13  Nuko arara ng’aho iryo joro. Ku vyo yari afise afata ingabirano yo guha Esawu mwene wabo+: 14  impene amajana abiri zivyara n’amasuguru mirongo ibiri, intama amajana abiri zivyara n’impfizi z’intama mirongo ibiri, 15  ingamiya mirongo itatu zonsa n’abana bazo, inka mirongo ine n’amashūri cumi, indogobwa z’ingore mirongo ibiri n’indogobwa zikuze cumi+. 16  Maze aha abasuku biwe ubusho bumwe inyuma y’ubundi, bumwebumwe ukwabwo, akaza arabwira abasuku biwe ati: “Nimujabuke imbere yanje, kandi musige umwanya hagati y’ubusho n’ubundi+.” 17  Vyongeye ategeka uwa mbere ati: “Esawu mwene wacu niyahura nawe akakubaza ati: ‘Uri uwa nde, kandi uriko uja he, kandi ibi biri imbere yawe ni ivya nde?’ 18  uce uvuga uti: ‘Ni ivy’umusavyi wawe Yakobo. Ni ingabirano+ irungikiwe umukama wanje+ Esawu, kandi ehe na we nyene ubwiwe ari inyuma yacu.’” 19  Nuko ategeka n’uwa kabiri, n’uwa gatatu, n’abari bakurikiye amasho bose, ati: “Ukwo ndababwiye abe ari ko mubwira Esawu nimwahura+. 20  Muravuge kandi muti: ‘Ehe umusavyi wawe Yakobo ari inyuma yacu+.’” Kuko yibwira ati: “Hari aho nomuhoyahoyesha iyi ngabirano igiye imbere yanje+, maze mu nyuma nkabona mu maso hiwe. Hari aho yonyakirana ubuntu+.” 21  Nya ngabirano ijabuka rero imbere yiwe, mugabo we ubwiwe arara mw’ikambi iryo joro+. 22  Mu nyuma muri iryo joro, arahaguruka afata abagore biwe babiri+ n’abasukukazi biwe babiri+ n’abahungu biwe cumi n’umwe bakiri bato+, ajabuka icambu ca Yaboki+. 23  Gutyo arabafata abajabutsa uwo mwonga+, yongera ajabutsa ivyo yari afise. 24  Amaherezo Yakobo asigara ari wenyene. Maze umugabo umwe atangura kunyinyurana na we gushika umutwenzi utambitse+. 25  Abonye ko atamunesheje+, aca akora kw’iteranirizo ry’itako ryiwe; maze nya teranirizo ry’itako rya Yakobo riratirigana mu gihe yariko anyinyurana na we+. 26  Inyuma y’ivyo avuga ati: “Ndeka ngende, kuko umutwenzi utambitse.” Na we ati: “Sinkureka ngo ugende utabanje kumpezagira+.” 27  Amubwira rero ati: “Witwa nde?” Na we ati: “Yakobo.” 28  Maze avuga ati: “Ntuciswe Yakobo, mugabo uzokwitwa Isirayeli+, kuko wanyinyanye+ n’Imana n’abantu amaherezo ugatahukana intsinzi.” 29  Yakobo na we arabaza ati: “Ndakwinginze umbwire izina ryawe.” Ariko avuga ati: “Ubariza iki izina ryanje+?” Nuko amuhezagirira ng’aho. 30  Ku bw’ivyo Yakobo aho hantu ahita Peniyeli*+, kuko yavuze ati: “Nabonye Imana amaso mu yandi, yamara ndarokoka+.” 31  Nuko izuba ritangura kurasira kuri we akirengana Penuweli, mugabo yariko acumbagirira kw’itako ryiwe+. 32  Ni co gituma bene Isirayeli badahora barya umurya w’umutsi w’itako, uwuri kw’iteranirizo ry’itako, gushika n’uyu musi, kuko yakoze kw’iteranirizo ry’itako rya Yakobo, ku murya w’umutsi w’itako+.

Amakuru yiyongereye

Bisobanura ngo “mu maso h’Imana.”