Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Itanguriro 30:1-43

30  Rasheli abonye ko ata co yari yaravyariye Yakobo, agirira ishari mwene wabo, maze atangura kubwira Yakobo+ ati: “Mpa abana, ahandiho nzoba nk’umugore apfuye+.”  Ishavu rya Yakobo rica rirurumbira Rasheli, maze avuga ati+: “Mbega ndi mu kibanza c’Imana, yo yakwimye abana+?”  Nuko avuga ati: “Ng’uyu umushumbakazi wanje Biluha+. Nuryamane na we, kugira yibarukire ku mavi yanje no kugira na jewe ndamuronkeko abana+.”  Nuko amuha Biluha umusukukazi wiwe ngo amubere umugore, Yakobo araheza aryamana na we+.  Biluha aribungenga, mu nyuma avyarira Yakobo umuhungu+.  Maze Rasheli avuga ati: “Imana yambereye umucamanza+ yongera yumviriza ijwi ryanje, bituma impa umuhungu.” Ni co catumye amwita Dani+.  Biluha umusukukazi wa Rasheli yongera kwibungenga, mu nyuma avyarira Yakobo umuhungu agira kabiri.  Maze Rasheli avuga ati: “Naniganye na mwene wacu ukunigana kw’inguvu. Kandi natahukanye intsinzi!” Nuko amwita Nafutali+.  Leya abonye ko yaretse kwibaruka, afata Zilupa umusukukazi wiwe amuha Yakobo ngo amubere umugore+. 10  Mu nyuma, Zilupa umusukukazi wa Leya avyarira Yakobo umuhungu. 11  Maze Leya avuga ati: “Ni amahirwe!” Nuko amwita Gadi+. 12  Inyuma y’ivyo, Zilupa umusukukazi wa Leya avyarira Yakobo umuhungu agira kabiri. 13  Maze Leya avuga ati: “Ndahiriwe! Kuko abakobwa batazobura kunyita umuhirwe+.” Amwita rero Asheri+. 14  Nuko Rubeni+ agenda gutembera mu misi y’iyimbura ry’ingano+ maze aronka amadudayimu mu gahinga. Ayazanira rero Leya nyina wiwe. Maze Rasheli abwira Leya ati: “Ndakwinginze umpe ku madudayimu+ y’umuhungu wawe.” 15  Na we amubwira ati: “Mbega ni ikintu gitoyi kuba warantwaye umugabo+, ubu na ho ngo utware n’amadudayimu y’umuhungu wanje?” Rasheli avuga rero ati: “Ku bw’ico araza kuryamana nawe iri joro bikabwe amadudayimu y’umuhungu wawe.” 16  Yakobo ariko araza avuye mu gahinga ku mugoroba+, Leya asohoka kumusanganira maze avuga ati: “Uza kuryamana nanje, kuko nagutangiye ingwati y’amadudayimu y’umuhungu wanje.” Nuko aryamana na we iryo joro+. 17  Nuko Imana yumva Leya yongera iramwishura maze aribungenga, mu nyuma avyarira Yakobo umuhungu agira gatanu+. 18  Maze Leya avuga ati: “Imana yampaye impembo y’umucangero, kuko umugabo wanje namuhaye umusukukazi wanje.” Amwita rero Isakari+. 19  Leya yongera kwibungenga, mu nyuma avyarira Yakobo umuhungu agira gatandatu+. 20  Maze Leya avuga ati: “Emwe, jewe Imana yangabiye ingabirano nziza. Noneho umugabo wanje azonyihanganira+, kuko namuvyariye abahungu batandatu+.” Amwita rero Zebuloni+. 21  Mu nyuma avyara umukobwa araheza amwita Dina+. 22  Amaherezo Imana yibuka Rasheli, maze iramwumva yongera iramwishura mu kwugurura igitereko ciwe+. 23  Aribungenga hanyuma avyara umuhungu. Maze avuga ati: “Imana yakuyeho iceyi canje+!” 24  Nuko amwita Yozefu+, mu kuvuga ati: “Yehova anyongeye uwundi muhungu.” 25  Rasheli amaze kwibaruka Yozefu, Yakobo aca abwira Labani ati: “Ndungika ngende ahantu hanje mu gihugu canje+. 26  Mpa abagore banje n’abana banje, abo nakoreye iwawe, kugira ngende; kuko wewe ubwawe uzi neza igikorwa nagukoreye+.” 27  Maze Labani amubwira ati: “Nimba rero nagize ubutoni mu maso yawe, . . . . Nabonye ko ibimenyetso bitara ibizoba vyerekana yuko Yehova ariko arampezagira kubera wewe+.” 28  Yongerako ati: “Nshingira impembo yawe nanje nzoyitanga+.” 29  Amubwira rero ati: “Wewe ubwawe urazi neza ingene nagukoreye n’ingene ubusho bwawe bwamerewe buri kumwe nanje+, 30  yuko ivyo wari ufise imbere y’uko nza vyari bike, be n’uko vyagiye biragwira gushika aho biba indiri, kubera yuko Yehova yaguhezagiye kuva nshitse+. None nzogira ico nkorera inzu yanje bwite ryari+?” 31  Maze avuga ati: “None nzoguhe iki?” Yakobo na we asubizayo ati: “Nta na kimwe uzompa+! Niwangirira iki kintu, nzosubira kuragira umukuku wawe+. Nzobandanya kuwurinda+. 32  Ndaza guca mu mukuku wawe wose uno musi. Ushire ku ruhande intama yose y’utudorodonzi kandi ifise amabara y’ibirabagu, n’intama yose y’inginagina izize mu mpfizi z’intama zikiri nto be n’iyo ari yo yose y’amabara y’ibirabagu n’utudorodonzi mu mpene zivyara. Guhera ubu, iyo ni yo izoba impembo yanje+. 33  Kandi ugukora ibigororotse kwanje kuzonyishurira ku musi uwo ari wo wose wo muri kazoza wewe uzoza kwihweza impembo+ yanje; iyo yose itagira utudorodonzi n’amabara y’ibirabagu mu mpene zivyara be n’iyitari inginagina izize mu mpfizi z’intama zikiri nto, niyaba iri iwanje, izoba ari ikintu cibwe+.” 34  Kuri ivyo Labani avuga ati: “Ni vyiza! Biraba nk’uko ubivuze+.” 35  Maze kuri uwo musi Labani ashira ku ruhande amasuguru y’uturongorongo n’amabara y’ibirabagu be n’impene zivyara zose z’utudorodonzi n’amabara y’ibirabagu, iyo yose yariko ibara ryera iryo ari ryo ryose be n’iyo yose y’inginagina izize mu mpfizi z’intama zikiri nto, mugabo azishira mu maboko y’abahungu biwe. 36  Inyuma y’ivyo Labani ashira umwanya hagati yiwe na Yakobo w’urugendo rw’imisi itatu. Yakobo yaragira imikuku ya Labani yari isigaye. 37  Maze Yakobo afata inkoni zikiri mbisi z’igiti c’umulivuni+ n’iz’igiti ca shakedi+ n’iz’igiti c’umwarumoni+ kugira azikoreshe, hanyuma ashishagura kuri zo utudorodonzi dushishaguwe twera mu gushira ahabona ahantu hera hari kuri izo nkoni+. 38  Amaherezo nya nkoni yari yashishaguye azishira imbere y’umukuku, mu migazo, mu mato ibitungwa binyweramwo+ amazi, aho imikuku yaza kunywa, kugira ishuhire* imbere ya nya nkoni igihe ije kunywa. 39  Ku bw’ivyo rero imikuku yarashuha iri imbere ya nya nkoni, maze nya mikuku ikavyara iz’uturongorongo, utudorodonzi n’amabara y’ibirabagu+. 40  Nuko Yakobo atandukanya impfizi z’intama zikiri nto araheza ahindukiriza mu maso h’imikuku ku z’uturongorongo n’iz’inginagina izize zose zo mu mikuku ya Labani. Maze ashira amasho yiwe ukwayo, ntiyayashira iruhande y’imikuku ya Labani. 41  Igihe cose imikuku y’inguvu+ ishushe, Yakobo yaca ashira nya nkoni mu migazo+, mu maso y’imikuku, kugira ishuhire hafi y’izo nkoni. 42  Mugabo igihe imikuku yerekanye ubugoyagoye ntiyazishira ng’aho. Izigoyagoya rero zama ziba iza Labani, mugabo iz’inguvu zikaba iza Yakobo+. 43  Nuko uwo mugabo agenda arushiriza gusagamba, agira imikuku myinshi n’abasukukazi n’abasuku n’ingamiya n’indogobwa+.

Amakuru yiyongereye

Ukwo gushuha ni ugushaka kwima canke kwimya.