Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet | BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Itanguriro 29:1-35

29  Inyuma y’ivyo Yakobo ashingura ikirenge, abandanya kugenda aja mu gihugu c’Abanyabuseruko+.  Nuko aritegereza, abona iriba mw’ishamba, n’amasho y’intama atatu aryamye ng’aho iruhande yaryo, kuko kuri iryo riba ari ho bari basanzwe banywesha amasho+; kandi hari ibuye rinini ku munwa w’iryo riba+.  Amasho yose amaze gukoranira ng’aho, baratembagaza nya buye barikuye ku munwa w’iryo riba bagaheza bakanywesha imikuku, hanyuma bagasubiza nya buye ku munwa w’iryo riba, mu kibanza caryo.  Nuko Yakobo ababwira ati: “Bene wacu, muri aba he?” Na bo bati: “Turi ab’i Harani+.”  Maze ababwira ati: “Mwoba muzi Labani+ umwuzukuru wa Nahori+?” Na bo bati: “Turamuzi.”  Nuko ababwira ati: “Arisohora+?” Na bo bati: “Arisohora. Kandi ehe Rasheli+ umukobwa wiwe azananye n’intama+!”  Abandanya kuvuga ati: “Erega, umusi uracari wose. Ntiharagera gukoranya amasho. Nimunyweshe intama, maze muje kuziragira+.”  Na bo bavuga bati: “Ntitwemerewe kugira gutyo amasho yose atarakoranira hamwe, hanyuma bagatembagaza ibuye barikuye ku munwa w’iriba. Ni ho duheza tukanywesha intama.”  Akivugana na bo, Rasheli+ azanana n’intama za se, kuko yari umwungerekazi+. 10  Yakobo abonye Rasheli umukobwa wa Labani musaza wa nyina be n’intama za Labani musaza wa nyina, aca aregera maze atembagaza nya buye arikuye ku munwa wa nya riba, anywesha intama za Labani musaza wa nyina+. 11  Maze Yakobo asoma+ Rasheli, hanyuma ashira ijwi hejuru, araturikisha ararira+. 12  Nuko Yakobo atangura kubwira Rasheli yuko ari mwene wabo+ na se be n’uko ari umuhungu wa Rebeka. Rasheli aca yiruka kubibwira se+. 13  Labani acumva inkuru yerekeye Yakobo umuhungu wa mushikiwe, yiruka kumusanganira+. Maze aramugumbira yongera aramusoma, araheza amuzana mu nzu yiwe+. Nuko atangura kwiganira Labani ivyo bintu vyose. 14  Hanyuma Labani amubwira ati: “Uri koko igufa ryanje n’umubiri wanje+.” Nuko abana na we ukwezi kwuzuye. 15  Inyuma y’ivyo Labani abwira Yakobo ati: “Wewe uri mwene wacu+, hanyuma unkorere kuri gusa+? Mbwira: Impembo yawe izobe nyabaki+?” 16  Kandi Labani yari afise abakobwa babiri. Umukuru yitwa Leya+, umuto na we akitwa Rasheli. 17  Mugabo amaso ya Leya ntiyakayangana, mu gihe Rasheli+ we yari mwiza ku mubiri akaba na mwiza mu maso+. 18  Yakobo yarakunda Rasheli. Avuga rero ati: “Nditeguriye kugukorera imyaka indwi ngo umpe Rasheli umukobwa wawe mutoyi+.” 19  Labani na we avuga ati: “Kumuguha bindutira kumuha uwundi mugabo+. Gumana nanje.” 20  Yakobo akora imyaka indwi ngo aze ahabwe Rasheli+, mugabo mu maso yiwe iba nk’imisi mikeya kubera urukundo yamukunda+. 21  Maze Yakobo abwira Labani ati: “Mpa umugore wanje, kuko imisi yanje ikwiye, ndyamane na we+.” 22  Nuko Labani akoranya abagabo bose b’aho hantu, atereka inzimano+. 23  Mugabo ku mugoroba afata Leya umukobwa wiwe aramumuzanira ngo baryamane. 24  Vyongeye, Labani amuha Zilupa+ umusukukazi wiwe, egome, amuha Leya umukobwa wiwe, ngo amubere umusukukazi. 25  Mu gitondo aravye, asanga ni Leya. Ku bw’ivyo rero abwira Labani ati: “Ibi wangiriye ni ibiki? Mbega sinagukoreye ngo umpe Rasheli? Kubera iki none wampenze+?” 26  Labani na we avuga ati: “Iwacu si ukwo bigenda, gutanga umwigeme muto imbere y’imfura. 27  Himbaza+ iyinga y’uyu mugore uyirangize. Inyuma y’aho uzohabwa n’uwo wundi mugore ku bw’igikorwa uzonkorera iyindi myaka indwi+.” 28  Nuko rero Yakobo agira gutyo, ahimbaza iyinga y’uwo mugore arayirangiza, hanyuma Labani amuha Rasheli umukobwa wiwe ngo amubere umugore. 29  Vyongeye, Labani aha umukobwa wiwe Rasheli umusukukazi wiwe Biluha+ ngo amubere umusukukazi. 30  Maze aryamana na Rasheli na we nyene, yongera kandi akunda Rasheli kuruta Leya+, aherako akorera Labani n’iyindi myaka indwi+. 31  Yehova abonye ko Leya yankwa, yugurura rero igitereko ciwe+, mugabo Rasheli yari ingumba+. 32  Leya aribungenga hanyuma avyara umuhungu, amwita Rubeni+, kuko yavuga ati: “Ni kubera yuko Yehova yitegereje amarushwa yanje+, kuko ubu umugabo wanje azotangura kunkunda.” 33  Yongera kwibungenga, hanyuma avyara umuhungu, maze avuga ati: “Ni kubera yuko Yehova yumvirije+, kuko nari uwankwa, araheza rero ampa n’uyu.” Ku bw’ivyo amwita Simeyoni+. 34  Yongera kwibungenga, hanyuma avyara umuhungu, maze avuga ati: “Ubu noneho umugabo wanje azonyiyungako, kuko namuvyariye abahungu batatu.” Ku bw’ivyo bamwita Lewi+. 35  Yongera kwibungenga, hanyuma avyara umuhungu, maze avuga ati: “Ubu nzohaya Yehova.” Ku bw’ivyo amwita Yuda+. Inyuma y’aho areka kwibaruka.

Amakuru yiyongereye