Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet | BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Itanguriro 26:1-35

26  Nuko haduka ikigoyi mu gihugu, uretse ca kigoyi ca mbere caba mu misi ya Aburahamu+, ku buryo Izahaki agenda yerekeza i Gerari+ kwa Abimeleki, umwami w’Abafilisitiya.  Maze Yehova aramubonekera, avuga ati+: “Ntumanuke mu Misiri. Nucumbike mu gihugu nkwereka+.  Nube muri iki gihugu uri kavamahanga+, nanje nzogumana nawe nteko nguhezagire, kuko wewe n’uruvyaro rwawe nzobaha ibi bihugu vyose+, kandi nzoshitsa indahiro narahiye Aburahamu so+;  ‘Nzogwiza uruvyaro rwawe nk’inyenyeri zo mu majuru, kandi nzoha uruvyaro rwawe ibi bihugu vyose+; kandi biciye ku ruvyaro rwawe amahanga yose yo kw’isi azokwihesha koko umuhezagiro+,’  kuko Aburahamu yumvirije ijwi ryanje kandi akabandanya gushitsa ivyo nasavye, amategeko yanje, ivyagezwe vyanje, n’amabwirizwa yanje+.”  Izahaki abandanya rero kuba i Gerari+.  Nuko abagabo b’aho hantu baguma babaza ivy’umugore wiwe, na we akavuga ati: “Ni mushikanje+.” Kuko yatinya kuvuga ngo: “Ni umugore wanje,” yibwira ati: “Abagabo b’aha hantu bonyica kubera Rebeka,” kuko yari ateye igomwe+.  Nuko, ariko aramara imisi ng’aho, hashika ibi: Abimeleki umwami w’Abafilisitiya yariko ararabira mw’idirisha yongera yitegereza, maze abona Izahaki ariko ariryohera hamwe na Rebeka umugore wiwe+.  Ako kanya Abimeleki ahamagara Izahaki maze avuga ati: “Bwa bundi ni umugore wawe! Kubera iki none wavuze ngo: ‘Ni mushikanje’?” Izahaki na we amubwira ati: “Nabivuze ku gutinya ko nopfa kubera we+.” 10  Mugabo Abimeleki abandanya ati: “Ibi wadukoreye ni ibiki+? Hari hasigaye gato umwe mu bantu akaryamana koko n’umugore wawe, kandi wari kuba utumye twagirwa n’icaha+!” 11  Maze Abimeleki ategeka abantu bose ati: “Uwo wese azokora kuri uyu mugabo n’umugore wiwe ntazobura kwicwa!” 12  Mu nyuma Izahaki atangura kubiba imbuto muri ico gihugu+, muri uwo mwaka aronka ingero ijana ku ngero imwimwe+, kuko Yehova yamuhezagira+. 13  Ku bw’ivyo rero nya mugabo aba uwuhambaye kandi agenda arushiriza gutera imbere no kuba uwuhambaye, gushika abaye uwuhambaye rwose+. 14  Maze arahava agira imikuku y’intama n’amasho y’inka n’umugwi munini w’abasuku+, ku buryo Abafilisitiya batangura kumugirira agashari+. 15  Nayo amariba yose abasuku ba se bari barimvye mu misi ya Aburahamu se wiwe+, ano Abafilisitiya barayazibira: baza barayuzuzamwo ivu ryumye+. 16  Amaherezo Abimeleki abwira Izahaki ati: “Genda uve mu kibano cacu, kuko usigaye uhambaye rwose kuturuta+.” 17  Izahaki ava rero ng’aho maze ashinga ikambi mu mwonga wa Gerari+, abayo. 18  Nuko Izahaki asubira kwimba ya mariba y’amazi bari barimvye mu misi ya Aburahamu se wiwe mugabo Abafilisitiya bakayazibira inyuma y’urupfu rwa Aburahamu+; asubira kuyita ya mazina nyene se wiwe yari yarayise+. 19  Abasuku ba Izahaki babandanya kwimba muri nya mwonga, bahasanga iriba ry’amazi meza. 20  Nuko abungere b’i Gerari baja mu vyo gutongana n’abungere ba Izahaki+, bavuga bati: “Ayo mazi ni ayacu!” Ku bw’ivyo iryo riba aryita Eseki, kuko bari bagiye impari na we. 21  Bimba irindi riba, maze baja mu vyo kuritonganira na ryo nyene. Ku bw’ivyo aryita Sitina. 22  Mu nyuma ava ng’aho hanyuma yimba irindi riba+, mugabo ntibaritonganira. Ku bw’ivyo aryita Rehoboti maze avuga ati: “Ni kubera ko ubu Yehova yaduhaye ikibanza cagutse rwose+ kandi agatuma turondoka mw’isi+.” 23  Maze araduga avuye ng’aho aja i Beyeri-sheba+. 24  Nuko Yehova aramubonekera muri iryo joro, avuga ati: “Ndi Imana ya Aburahamu so+. Ntutinye+, kuko ndi kumwe nawe, kandi nzoguhezagira nongere ngwize uruvyaro rwawe kubera Aburahamu umusavyi wanje+.” 25  Nuko Izahaki yubaka igicaniro ng’aho, yambaza izina rya Yehova+ kandi ahashinga ihema ryiwe+, maze abasuku biwe batangura kuhimba iriba. 26  Mu nyuma Abimeleki aza kuri we avuye i Gerari, ari kumwe na Ahuzati umugenzi somambike wiwe na Fikoli umukuru w’ingabo ziwe+. 27  Nuko Izahaki ababwira ati: “Kubera iki mwaje iwanje kandi mwebwe ubwanyu mwaranyanse mukandungika nkava mu kibano canyu+?” 28  Na bo bavuga bati: “Twabonye neza yuko Yehova yabanye nawe+. Ku bw’ivyo twavuze duti: ‘Turakwinginze, indahiro y’ikibwirizwa gushitswa ibe hagati yacu+, hagati yacu nawe, kandi tugirane isezerano nawe+, 29  yuko utazodukorera ikibi na kimwe, nk’uko nyene tutagukozeko kandi tukagukorera iciza gusa, tukakurungika amahoro+. Ubu uri uwahezagiwe na Yehova+.’” 30  Maze abategurira inzimano bararya, baranywa+. 31  Umusi ukurikira mu gitondo bavyuka kare maze bahana indahiro+. Inyuma y’ivyo Izahaki arabarungika, bava iwe amahoro+. 32  Nuko kuri uwo musi abasuku ba Izahaki baza kumumenyesha ivyerekeye iriba bari bimvye+, bamubwira bati: “Twaronse amazi!” 33  Aryita rero Shiba. Ni co gituma izina ry’ico gisagara ari Beyeri-sheba+, gushika n’uyu musi. 34  Nuko Esawu ashikana imyaka mirongo ine. Maze yabira Yudita umukobwa wa Beyeri Umuheti be na Basemati umukobwa wa Eloni Umuheti+. 35  Batuntuza umutima wa Izahaki na Rebeka+.

Amakuru yiyongereye