Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Itanguriro 24:1-67

24  Aburahamu yari ashaje, yitereye mu myaka; kandi Yehova yari yarahezagiye Aburahamu mu kintu cose+.  Nuko Aburahamu abwira umusuku wiwe, uwari akuze kuruta abandi mu rugo rwiwe, yayobora ivyo yari afise vyose+, ati: “Ndakwinginze ushire ukuboko kwawe munsi y’itako ryanje+,  kuko ngira nkurahize Yehova+, Imana y’amajuru n’Imana y’isi, yuko utazoronderera umuhungu wanje umugore mu bakobwa b’Abanyakanani mbayemwo+;  mugabo uze ugende mu gihugu canje no mu ncuti zanje+, uronderere umugore umuhungu wanje Izahaki.”  Ariko nya musuku amubwira ati: “Bizogenda gute none hamwe nya mugore atoshima kuzanana nanje muri iki gihugu? Noba nzobwirizwa gusubiza umuhungu wawe mu gihugu wavuyemwo+?”  Nuko Aburahamu amubwira ati: “Wiyubare ntuze usubizeyo+ umuhungu wanje.  Yehova Imana y’amajuru, we yankuye mu nzu ya dawe no mu gihugu c’incuti zanje+, we yambwiye akongera akandahira+, ati: ‘Uruvyaro rwawe+ nzoruha iki gihugu+,’ azorungika umumarayika wiwe imbere yawe+, kandi uze uronderereyo umuhungu wanje umugore+.  Mugabo nya mugore natashima kuzanana nawe, ntuzoba rero ugifatwa n’iyo ndahiro wandahiye+. Gusa ntuze usubizeyo umuhungu wanje.”  Nuko nya musuku ashira ukuboko munsi y’itako rya Aburahamu shebuja, maze aramurahira ku bijanye n’ico kintu+. 10  Nya musuku afata rero ingamiya cumi mu ngamiya za shebuja aragenda, ajanye mu kuboko kwiwe ubwoko bwose bw’ikintu ciza ca shebuja+. Maze arahaguruka, afata inzira aja i Mezopotamiya mu gisagara ca Nahori. 11  Amaherezo apfukamika ingamiya hanze y’igisagara kw’iriba ry’amazi nko mu gihe c’umugoroba+, nko mu gihe abagore baja kuvoma amazi bari basanzwe basohokerako+. 12  Nuko aravuga ati: “Yehova Mana ya databuja Aburahamu+, ndakwinginze utume ndoranirwa uyu musi kandi ugirire ubuntu bwuzuye urukundo+ databuja Aburahamu+. 13  Ehe mpagaze kw’isôko ry’amazi, kandi abakobwa b’abantu bo mu gisagara bariko basohoka kuvoma amazi+. 14  Ibi ni vyo biri bushike: umwigeme nza kubwira nti: ‘Ndakwinginze wururutse umubindi wawe w’amazi kugira nywe,’ maze akavuga koko ati: ‘Nunywe, kandi ndanavomera n’ingamiya zawe,’ uwo ni we uri bugenere umusavyi wawe+ Izahaki; kandi biciye kuri ivyo umenyeshe yuko wagiriye urukundo rudahemuka databuja+.” 15  Erega, ataraheza kuvuga+, aza abona Rebeka arasohotse, uwari yavutse kuri Betuweli+ umuhungu wa Milika+ umugore wa Nahori+, mwene wabo na Aburahamu, kandi umubindi wiwe w’amazi wari ku rutugu+. 16  Uwo mwigeme yari ateye igomwe+; yari isugi kandi nta mugabo yari bwaryamane na we+. Nuko amanuka kw’isôko maze atangura kwuzuza umubindi wiwe w’amazi hanyuma araduga. 17  Ako kanya nya musuku yiruka kumusanganira, avuga ati: “Ndakwinginze umpe nywe utuzi dukeyi ku mubindi wawe+.” 18  Na we avuga ati: “Nunywe, mukama wanje.” Aca yururukiriza ningoga umubindi wiwe ku kiganza ciwe maze aramuha aranywa+. 19  Arangije kumuha utwo kunywa, aca avuga ati: “N’ingamiya zawe ndazivomera amazi gushika zihejeje kunywa+.” 20  Nuko acuranurira ningoga umubindi wiwe mu bwato ibitungwa binyweramwo hanyuma yiruka incuro n’izindi kw’iriba kuvoma amazi+, aguma avomera ingamiya ziwe zose. 21  Ico gihe cose nya mugabo yariko amwitegereza yatangaye kandi acereje, kugira amenye nimba Yehova yari yatumye canke atari yatumye urugendo rwiwe ruroranirwa+. 22  Nuko rero, ingamiya zirangije kunywa, nya mugabo atora impeta y’inzahabu yo ku zuru+ ifise uburemere bw’igice ca shekeli n’ibikomo+ bibiri vyo gushira ku maboko ya nya mwigeme, uburemere bwavyo bukaba bwari shekeli cumi z’inzahabu, 23  maze avuga ati: “Uri umukobwa wa nde? Ndakwinginze umbwire. Hoba hari ikibanza mu nzu ya so tworaramwo+?” 24  Na we amubwira ati: “Ndi umukobwa wa Betuweli+ umuhungu wa Milika, uwo yavyariye Nahori+.” 25  Amubwira kandi ati: “Iwacu hariho ibikumbi n’indya z’ibitungwa nyinshi, be n’ahantu ho kurara+.” 26  Nuko nya mugabo arunama, akubita inkoro hasi imbere ya Yehova+, 27  avuga ati: “Hahezagirwe Yehova+ Imana ya databuja Aburahamu, we ataretse kugirira databuja ubuntu bwuzuye urukundo bwiwe n’ubwizigirwa bwiwe. Igihe nari ku nzira, Yehova yanyoboye ku nzu ya bene wabo na databuja+.” 28  Nya mwigeme ariruka, abwira urugo rwa nyina ivyo bintu. 29  Kandi Rebeka yari afise musazawe, akaba yitwa Labani+. Nuko Labani ariruka aja kuri nya mugabo aho yari hanze kw’isôko. 30  Akibona nya mpeta yo ku zuru na nya bikomo+ ku maboko ya mushikiwe akumva n’amajambo ya Rebeka mushikiwe ngo: “Uku n’uku ni ko nya mugabo yambwiye,” aca aza kuri nya mugabo, kandi ni ho yari ari, ahagaze iruhande y’ingamiya kw’isôko. 31  Aca avuga ati: “Ingo, wewe uwahezagiwe na Yehova+. Kubera iki uguma uhagaze aha hanze kandi jewe nateguye inzu n’ikibanza c’ingamiya?” 32  Nya mugabo araza mu nzu, maze Labani atangura kwambura imigozi ingamiya no guha ibikumbi n’indya z’ibitungwa nya ngamiya, atanga n’amazi yo kwoza ibirenge vy’uwo mugabo n’ibirenge vy’abagabo bari kumwe na we+. 33  Maze ivyo kurya bishirwa imbere yiwe, mugabo avuga ati: “Sindya ntaravuga ikingenza.” Uwundi ati: “Vuga+!” 34  Abandanya kuvuga ati: “Ndi umusuku wa Aburahamu+. 35  Yehova yarahezagiye databuja rwose, kuko abandanya kumugira uwukomeye no kumuha intama n’inka n’ifeza n’inzahabu n’abasuku n’abasukukazi n’ingamiya n’indogobwa+. 36  Vyongeye, Sara umugore wa databuja, amaze gusaza, yaramuvyariye umuhungu+. Databuja azoha uwo muhungu wiwe ikintu cose afise+. 37  Databuja rero yarandahije ati: ‘Ntuze uronderere umuhungu wanje umugore mu bakobwa b’Abanyakanani bene igihugu mbayemwo+. 38  Oya, ahubwo uzogende ku nzu ya dawe no ku muryango wanje+, ukurireyo umuhungu wanje umugore+.’ 39  Mugabo nabwiye databuja nti: ‘Bite none nya mugore natazanana nanje+?’ 40  Maze ambwira ati: ‘Yehova, uwo nagendeye imbere+, azorungika umumarayika wiwe+ ajane nawe, kandi ata gukeka azotuma inzira yawe iroranirwa+; nawe uze uronderere umuhungu wanje umugore mu muryango wanje no mu nzu ya dawe+. 41  Ico gihe uzoba ukuweko ico indahiro igusaba kuri jewe niwashika mu muryango wanje, kandi nibatamuguha, ntuzofatwa n’ico iyo ndahiro igusaba kuri jewe+.’ 42  “Nshitse kw’isôko uno musi, naciye mvuga nti: ‘Yehova Mana ya databuja Aburahamu, nimba vy’ukuri uriko utuma inzira yanje ndiko njana iroranirwa+, 43  ehe mpagaze kw’isôko ry’amazi. Ibi ni vyo biri bushike: umwigeme+ asohoka kuvoma amazi nza kubwira koko nti: “Ndakwinginze ureke nywe utuzi dukeyi ku mubindi wawe,” 44  kandi koko akambwira ati: “Nunywe, kandi ndanavomera amazi n’ingamiya zawe,” azoba ari we mugore Yehova yageneye umuhungu wa databuja+.’ 45  “Ntararangiza kuvugira+ mu mutima wanje+, nagiye mbona Rebeka asohotse, afise umubindi wiwe ku rutugu; yaciye amanuka kw’isôko, atangura kuvoma amazi+. Ni kwo kumubwira nti: ‘Ndakwinginze umpe utwo kunywa+.’ 46  Yaciye yururutsa ningoga umubindi wiwe awukuye kuri we, maze avuga ati: ‘Nunywe+, kandi ndanavomera n’ingamiya zawe.’ Naciye nywa, kandi yanavomeye n’ingamiya. 47  Nca ndamubaza nti: ‘Uri umukobwa wa nde+?’ Na we ati: ‘Umukobwa wa Betuweli mwene Nahori, uwo Milika yamuvyariye.’ Naciye rero nshira ku zuru ryiwe impeta yo ku zuru n’ibikomo ku maboko yiwe+. 48  Nca ndunama, nkubita inkoro hasi imbere ya Yehova maze mpezagira Yehova Imana ya databuja Aburahamu+, we yari yanyoboye mu nzira y’ukuri+ kugira ndonderere umuhungu wa databuja umukobwa wa mwene wabo. 49  Ubu rero nimba vy’ukuri mugiriye databuja ubuntu bwuzuye urukundo be n’ubwizigirwa+, nimubimbwire; atari ukwo na ho, mubimbwire, kugira mpindukirire iburyo canke ibubamfu+.” 50  Maze Labani na Betuweli barishura, bavuga bati: “Ico kintu cavuye kuri Yehova+. Ntidushoboye kukubwira inabi canke ineza+. 51  Ng’uyu Rebeka imbere yawe. Mutore ugende, acike umugore w’umuhungu wa shobuja, nk’uko Yehova yavuze+.” 52  Nya musuku wa Aburahamu amaze kwumva amajambo yabo, aca akubita inkoro hasi imbere ya Yehova+. 53  Maze uwo musuku asohora ibintu vy’ifeza n’ibintu vy’inzahabu n’impuzu, abiha Rebeka; kandi aha musazawe na nyina ibintu vyiza+. 54  Inyuma y’ivyo bararya baranywa, we n’abagabo bari kumwe na we, baraharara baraheza bavyuka mu gitondo. Maze avuga ati: “Nimundungike kwa databuja+.” 55  Avuze ivyo musaza wa Rebeka na nyina bavuga bati: “Uwo mwigeme nagumane natwe n’imiburiburi imisi cumi. Azoheza agende.” 56  Mugabo ababwira ati: “Ntimungumye, kuko Yehova yatumye inzira yanje iroranirwa+. Nimundungike, nje kwa databuja+.” 57  Nuko bavuga bati: “Reka duhamagare uwo mwigeme twumve irimuva mu kanwa+.” 58  Maze bahamagara Rebeka, bamubwira bati: “Uremera kujana n’uyu mugabo?” Na we ati: “Ndemeye kugenda+.” 59  Nuko barungika Rebeka+ mushiki wabo n’umurezi wiwe+ n’umusuku wa Aburahamu n’abantu biwe. 60  Bahezagira Rebeka bamubwira bati: “Ewe mushiki wacu, ucike ibihumbi incuro ibihumbi cumi, kandi uruvyaro rwawe rwigarurire irembo ry’abarwanka+.” 61  Hanyuma Rebeka n’abasukukazi biwe+ barahaguruka burira ku ngamiya+ hanyuma bakurikira nya mugabo; nuko nya musuku atora Rebeka araheza afata inzira. 62  Kandi Izahaki yari yazananye inzira ija i Beyeri-lahayi-royi+, kuko yaba mu gihugu ca Negebu+. 63  Izahaki yari yasohotse kuzirikana+ mu gahinga, nko ku kagoroba. Araramuye amaso akaraba, abona ingamiya ziriko ziraza! 64  Rebeka araramuye amaso, abona Izahaki maze asimbira hasi avuye ku ngamiya. 65  Hanyuma abwira nya musuku ati: “Urya mugabo ariko agendagenda mu gahinga aza guhura natwe ni nde?” Nya musuku na we avuga ati: “Ni databuja.” Nuko afata impuzu yo mu mutwe, aritwikira+. 66  Nya musuku atangura kwiganira Izahaki ibintu vyose yari yakoze. 67  Inyuma y’ivyo Izahaki yinjiza Rebeka mw’ihema rya Sara nyina wiwe+. Gutyo yabira Rebeka, acika umugore wiwe+; aramukunda+, Izahaki aronka uruhoza inyuma y’aho aburiye nyina+.

Amakuru yiyongereye