Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Itanguriro 18:1-33

18  Inyuma y’aho, Yehova aramubonekera+ mu biti binini vya Mamure+, igihe yari yicaye mu bwinjiriro bw’ihema nko mu gihe c’ubushuhe bw’umurango+.  Yunamuye amaso+, aritegereza maze abona abagabo batatu bari bahagaze nka hariya uvuye aho ari. Ababonye, yiruka kubasanganira avuye mu bwinjiriro bw’ihema maze arunama gushika hasi+.  Avuga ati: “Yehova, nimba rero nagize ubutoni mu maso yawe, ndakwinginze nturengane umusavyi wawe+.  Ndabinginze, hatorwe amazi makeyi hanyuma mwozwe ibirenge+. Maze mwicare munsi y’igiti+.  Nanje reka nzane ikimanyu c’umukate muhembure imitima yanyu+ hanyuma mwibandanirize, kuko ico ari co catumye muca muri iyi nzira igana ku musavyi wanyu.” Na bo bavuga bati: “Ni vyiza. Urashobora kugira nk’uko uvuze.”  Nuko Aburahamu anyarukira kw’ihema aho Sara ari, avuga ati: “Nyarutsa! Fata ingero zitatu za seya* z’ifu inoze, ucumbe igicumbe maze ukore udutsima tw’umuzingi+.”  Aburahamu aca yiruka mu busho, afata ikimasa coroshe kandi ciza, agiha umusuku, anyaruka kugitegura+.  Araheza afata amasoro n’amata na nya kimasa yari yateguye, abishira imbere yabo+. Maze ubwiwe aguma ahagaze iruhande yabo munsi y’igiti igihe bariko bararya+.  Baramubwira bati: “Sara umugore wawe+ ari hehe?” Na we avuga ati: “Ng’aha mw’ihema+!” 10  Nuko abandanya ati: “Nta nkeka nzogaruka kuri wewe mu mwaka uza nk’aya mango, kandi ehe Sara umugore wawe azoronka umuhungu+.” Sara na we yariko yumviriza ari mu bwinjiriro bw’ihema ryari inyuma ya nya muntu. 11  Aburahamu na Sara bari bashaje, bitereye mu myaka+. Sara yari yarahagaritse kuja mu butinyanka+. 12  Ku bw’ivyo Sara atangura gutwengera imbere muri we+, avuga ati: “Ko maze kuba akaheze, ubwo koko nzoronka agahimbare narirya umukama wanje ashaje+?” 13  Maze Yehova abwira Aburahamu ati: “Kubera iki Sara atwenze, akavuga ngo: ‘Ubwo koko vy’ukuri nzokwibaruka kandi nshaje+?’ 14  Hari ikidashoboka kuri Yehova+? Ku gihe cashinzwe nzogaruka kuri wewe, mu mwaka uza nk’aya mango, kandi Sara azoronka umuhungu.” 15  Mugabo Sara atangura kubihakana, ati: “Sinatwenze!” Kuko yari yagize ubwoba. Na we avuga ati: “Oya, watwenze+.” 16  Mu nyuma nya bagabo bahaguruka ng’aho, baraba epfo berekeza i Sodomu+, kandi Aburahamu yariko ajana na bo abaherekeje+. 17  Nuko Yehova avuga ati: “Mbega ngume mpishije Aburahamu ivyo ngira nkore+? 18  Erega Aburahamu azocika ihanga rinini kandi ry’inkomezi; emwe, amahanga yose yo kw’isi azokwihesha koko umuhezagiro biciye kuri we+. 19  Kuko namenyanye na we kugira ategeke abahungu biwe n’urugo rwiwe mu nyuma ziwe, ku buryo bazogumya inzira ya Yehova kugira bashitse ubugororotsi n’ubutungane+; kugira Yehova ashitse koko kuri Aburahamu ivyo yavuze ku bimwerekeye+.” 20  Ku bw’ivyo rero Yehova avuga ati: “Induru y’ukwidogera Sodomu na Gomora+, emwe, ni nyinshi, kandi igicumuro cabo, emwe, kiraremereye cane+. 21  Niyemeje rwose kumanuka kugira ndabe nimba bakora neza na neza nk’uko amaborogo haborogerwa yanshikiriye ari; nimba na ho atari ko biri, ndabimenye+.” 22  Nuko nya bagabo barahindukira bavuye ng’aho maze bafata inzira baja i Sodomu; mugabo Yehova+ we, yari agihagaze imbere ya Aburahamu+. 23  Aburahamu aregera rero maze avuga ati: “Ubwo vy’ukuri uzohonereza hamwe umugororotsi n’umubisha+? 24  Dufate ko hari abagororotsi mirongo itanu hagati muri nya gisagara. Woba none uzobazimaganya ntuharire ico kibanza ku bw’abo bagororotsi mirongo itanu bari muri co+? 25  Ni ibitokwiyumvirwa kuri wewe yuko wokora gutyo ukicana umugororotsi n’umubisha, umugororotsi bikamubera nk’uko bibera umubisha+! Ni ibitokwiyumvirwa kuri wewe+. Mbega Umucamanza w’isi yose ntazokora ibigororotse+?” 26  Maze Yehova avuga ati: “Ninasanga i Sodomu abagororotsi mirongo itanu hagati mu gisagara, nzoharira nya kibanza cose ku bwabo+.” 27  Mugabo Aburahamu abandanya kwishura, avuga ati: “Ndakwinginze, ehe nihaye kuvugana na Yehova kandi ndi umukungugu n’iminyota+. 28  Dufate ko nya bagororotsi mirongo itanu babuzemwo batanu. Mbega uzohonya ico gisagara cose ku bw’abo batanu?” Na we avuga ati: “Sinzogihonya ninasangayo mirongo ine na batanu+.” 29  Mugabo yongera kuvugana na we, ati: “Dufate ko mirongo ine ari bo usanzeyo.” Na we avuga ati: “Sinzogihonya ku bw’abo mirongo ine.” 30  Mugabo abandanya ati: “Ndakwinginze, ese Yehova atorungura n’ishavu+, mugabo reka mbandanye kuvuga+: Dufate ko mirongo itatu ari bo basanzweyo.” Na we avuga ati: “Sinzogihonya ninasangayo mirongo itatu.” 31  Mugabo abandanya ati: “Ndakwinginze, ehe nihaye kuvugana na Yehova+: Dufate ko mirongo ibiri ari bo basanzweyo.” Na we avuga ati: “Sinzogihonya ku bw’abo mirongo ibiri+.” 32  Amaherezo avuga ati: “Ndakwinginze, ese Yehova atorungura n’ishavu+, mugabo reka mvuge iri rimwe gusa+: Dufate ko cumi ari bo basanzweyo.” Na we avuga ati: “Sinzogihonya ku bw’abo cumi+.” 33  Maze Yehova+ arigira arangije kuvugana na Aburahamu, Aburahamu na we asubira iwe.

Amakuru yiyongereye

Zose hamwe zangana hafi ibilo 10.