Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet | BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Itanguriro 16:1-16

16  Kandi Sarayi, umugore wa Aburamu, ntiyari yaramuvyariye abana+; mugabo yari afise umusukukazi w’Umunyamisirikazi yitwa Hagari+.  Ku bw’ivyo Sarayi abwira Aburamu ati: “Ehe rero ndakwinginze! Yehova ntiyankundiye ko mvyara abana+. Ndakwinginze, uryamane n’umusukukazi wanje. Hari aho nomuronkako abana+.” Nuko Aburamu yumviriza ijwi rya Sarayi+.  Sarayi umugore wa Aburamu, afata rero Hagari umusukukazi wiwe w’Umunyamisirikazi, haheze imyaka cumi Aburamu aba mu gihugu ca Kanani, amuha Aburamu umugabo wiwe ngo abe umugore wiwe+.  Nuko rero aryamana na Hagari, uno aribungenga. Amenye ko yibungenze, inabuja atangura gusuzugurika mu maso yiwe+.  Kuri ivyo Sarayi abwira Aburamu ati: “Ikibi ngirirwa kibe kuri wewe. Ni jewe ubwanje nashize umusukukazi wanje ku gikiriza cawe, none yamenye ko yibungenze, nca ntangura gusuzugurika mu maso yiwe. Yehova nace urubanza hagati yanje nawe+.”  Nuko Aburamu abwira Sarayi+ ati: “Ehe umusukukazi wawe ari mu minwe yawe. Mugirire ico ubona ko ari ciza mu maso yawe+.” Maze Sarayi atangura kumutetereza ku buryo amuhunga+.  Mu nyuma umumarayika wa Yehova+ amusanga kw’isôko ry’amazi mu gahinga, kw’isôko ryo ku nzira ija i Shuri+.  Maze avuga ati: “Hagari musukukazi wa Sarayi, uva he ukaja he?” Na we avuga ati: “Erega, ndiko mpunga Sarayi mabuja.”  Umumarayika wa Yehova abandanya kumubwira ati: “Subira kwa nyokobuja, wicishe bugufi munsi y’ukuboko kwiwe+.” 10  Maze umumarayika wa Yehova amubwira ati: “Nzogwiza cane uruvyaro* rwawe+, ku buryo rutazoharurwa kubera ubwinshi+.” 11  Umumarayika wa Yehova yongera kumubwira ati: “Ehe uribungenze; uzokwibaruka umuhungu kandi uze umwite Ishimayeli+; kuko Yehova yumvise amarushwa yawe+. 12  Nayo we, azocika uwumeze nk’imparage. Ukuboko kwiwe kuzorwanya bose, na we arwanywe n’ukuboko kwa bose+; azoshinga ihema imbere ya bene wabo bose+.” 13  Nuko atangura kwambaza izina rya Yehova, uwariko avugana na we, ati: “Uri Imana ibona*+,” kuko yavuze ati: “Mbega ng’aha naravye vy’ukuri uwumbona?” 14  Ni co gituma nya riba ryiswe Beyeri-lahayi-royi*+. Ehe riri hagati ya Kadeshi na Beredi. 15  Mu nyuma Hagari avyarira Aburamu umuhungu, maze Aburamu, uwo muhungu wiwe yari avyariwe na Hagari amwita Ishimayeli+. 16  Aburamu yari afise imyaka mirongo umunani n’itandatu igihe Hagari yamuvyarira Ishimayeli.

Amakuru yiyongereye

Ijambo ku rindi ni “urubuto.”
Canke, “Imana imbona;” canke, “Imana yiyerekana.”
Bisobanura ngo “Iriba ry’Uwuriho ambona.”