Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet | BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Itanguriro 14:1-24

14  Nuko mu misi ya Amurafeli umwami wa Shinari+, Ariyoki umwami wa Elasari, Kedorilawomeri+ umwami wa Elamu+, na Tidali umwami wa Goyimu+,  bano barwana na Bera umwami wa Sodomu+, na Birisha umwami wa Gomora+, na Shinabu umwami wa Adima+, na Shemeberi umwami wa Zeboyimu+, be n’umwami wa Bela (ni ukuvuga wa Zowari+).  Abo bose bagenda bagize urunani+ mu Kiyaya co Hasi ca Sidimu+, ni ukuvuga ikiyaga c’Umunyu+.  Bari barakoreye Kedorilawomeri imyaka cumi n’ibiri, mugabo umwaka ugira cumi na gatatu baragarariza.  Maze mu mwaka ugira cumi na kane Kedorilawomeri araza, be n’abami bari kumwe na we, batsinda Abarefayimu i Ashiteroti-karunayimu+, n’Abazuzimu i Hamu, n’Abemimu+ i Shave-kiriyatayimu,  n’Abahori+ ku musozi wabo wa Seyiri+, gushika i Eli-parani+, ahahereranye n’agahinga.  Maze barahindukira, baza i Eni-mishipati, ni ukuvuga Kadeshi+, batsinda akarere kose k’Abamaleki+ be n’Abamori+ baba i Hazazoni-tamari+.  Ico gihe umwami wa Sodomu aragenda, be n’umwami wa Gomora n’umwami wa Adima n’umwami wa Zeboyimu n’umwami wa Bela (ni ukuvuga wa Zowari), batonda urugamba ngo barwane na bo mu Kiyaya co Hasi ca Sidimu+,  ngo barwane na Kedorilawomeri umwami wa Elamu, na Tidali umwami wa Goyimu, na Amurafeli umwami wa Shinari, na Ariyoki umwami wa Elasari+; abami bane kuri batanu. 10  Kandi nya Kiyaya co Hasi ca Sidimu+ cari cuzuyemwo ivyobo vy’ikaburimbo+; maze abami ba Sodomu na Gomora+ barahunga hanyuma babigwamwo, abasigaye bahungira mu karere k’imisozi+. 11  Nuko bene gutsinda bafata ibintu vyose vy’i Sodomu n’i Gomora n’ibifungurwa vyaho vyose, barigira+. 12  Bafata na Loti umuhungu wa mwene wabo na Aburamu n’ibintu vyiwe, hanyuma babandanya urugendo. Ico gihe yaba i Sodomu+. 13  Inyuma y’ivyo, umuntu yari yahunze araza abibwira Aburamu Umuheburayo+. Ico gihe yari ashinze ikambi mu biti binini vya Mamure Umwamori+, mwene wabo na Eshikoli akaba na mwene wabo na Aneri+; bano bari bifatanije na Aburamu. 14  Gutyo Aburamu yumva ko incuti yiwe yari yagizwe imbohe+. Araheza akoranya abantu biwe bamenyerejwe+, abashumba amajana atatu na cumi n’umunani bavukiye mu rugo rwiwe+, maze akurikira bene gutera, gushika i Dani+. 15  Nuko mw’ijoro agabura ingabo ziwe+, we n’abashumba biwe, ngo babarwanye, arabatsinda kandi aguma abakurikira gushika i Hoba, ahari mu buraruko bwa Damasiko. 16  Hanyuma agarura ibintu vyose+, agarura na Loti incuti yiwe n’ibintu vyiwe be n’abagore hamwe n’abandi bantu+. 17  Amaze kugaruka avuye gutsinda Kedorilawomeri n’abami bari kumwe na we, umwami wa Sodomu asohoka rero kumusanganira mu Kiyaya co Hasi ca Shave, ni ukuvuga Ikiyaya co Hasi c’umwami+. 18  Nuko Melekisedeki+ umwami wa Salemu+ azana umukate n’umuvinyu+; uno yari umuherezi w’Imana Musumbavyose+. 19  Maze aramuhezagira, avuga ati: “Hahezagirwe Aburamu w’Imana Musumbavyose+,Iyashizeho ijuru n’isi+; 20  Kandi hahezagirwe Imana Musumbavyose+,Yatanze mu kuboko kwawe abaguhahaza+!” Aburamu aca amuha ic’icumi c’ikintu cose+. 21  Inyuma y’ivyo umwami wa Sodomu abwira Aburamu ati: “Mpa abantu+, mugabo witwarire ibintu.” 22  Aburamu na we abwira umwami wa Sodomu ati: “Ndugije ukuboko kwanje ndahira+ Yehova Imana Musumbavyose, Uwashizeho ijuru n’isi, 23  yuko, kuva ku runyuzi gushika ku mugozi w’inkweto*, ata na kimwe nzotora mu vyawe vyose+, kugira ntuvuge ngo: ‘Ni jewe natungishije Aburamu.’ 24  Nta na kimwe nshaka+! Kiretse gusa ivyo abasore bamaze kurya, be n’umuturi w’abagabo bajanye nanje, ari bo Aneri, Eshikoli na Mamure+—⁠nibatore umuturi wabo+.”

Amakuru yiyongereye

Canke, “amasandali.”