Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Itanguriro 13:1-18

13  Inyuma y’ivyo Aburamu araduga avuye mu Misiri, we n’umugore wiwe n’ivyo yari afise vyose, na Loti ari kumwe na we, aja i Negebu+.  Kandi Aburamu yari afise amasho n’ifeza n’inzahabu vyinshi cane+.  Nuko agenda arakambika asubira, kuva i Negebu gushika i Beteli, ha hantu ihema ryiwe ryari riri ubwa mbere hagati ya Beteli na Ayi+,  ha hantu hari ca gicaniro yari yarakoreye ng’aho mu ntango+; maze Aburamu atangura kuhambariza izina rya Yehova+.  Kandi Loti, uwariko ajana na Aburamu, na we nyene yari afise intama n’inka n’amahema.  Nuko igihugu nticabakundira kubana, kuko ibintu vyabo vyari vyarabaye vyinshi, bakaba batari bashoboye kubana+.  Nuko havyuka imitongano hagati y’abungere b’ibitungwa vya Aburamu n’abungere b’ibitungwa vya Loti; kandi ico gihe Umunyakanani n’Umuperizi baba muri ico gihugu+.  Ku bw’ivyo Aburamu abwira Loti+ ati: “Ndakwinginze, ntureke ngo hagire ugutongana kubandanya hagati yanje nawe no hagati y’abungere banje n’abungere bawe, kuko turi abavukanyi+.  None igihugu cose ntikiri imbere yawe? Ndakwinginze, utandukane nanje. Niwaja ibubamfu, nzoja rero iburyo; nayo niwaja iburyo, nzoheza nje ibubamfu+.” 10  Nuko Loti yunamura amaso maze abona Intara ya Yorodani+ yose gushika i Zowari+, yuko yose yari akarere kavomerewe neza (aho hakaba hari imbere y’uko Yehova ahonya Sodomu na Gomora), nka wa murima wa Yehova+, nk’igihugu ca Misiri. 11  Loti yihitiramwo rero Intara ya Yorodani yose, maze yimurira ikambi yiwe mu buseruko. Nuko baratandukana. 12  Aburamu aba mu gihugu ca Kanani, mugabo Loti aba mu bisagara vy’iyo Ntara+. Amaherezo ashinga ihema hafi ya Sodomu. 13  Abantu b’i Sodomu bari babi bakaba n’abacumuzi katwa kuri Yehova+. 14  Nuko Yehova abwira Aburamu inyuma y’aho Loti atandukaniye na we, ati: “Ndakwinginze uraramure amaso, maze uri aho hantu uri, urabe amaja mu buraruko n’amaja mu bumanuko n’amaja mu buseruko n’amaja mu burengero+, 15  kuko igihugu cose uriko uraraba, nzogiha wewe n’uruvyaro* rwawe gushika igihe kitagira urugero+. 16  Kandi uruvyaro rwawe nzorugira nk’udutete tw’umukungugu w’isi, ku buryo, nimba umuntu yoshobora guharūra udutete tw’umukungugu w’isi, uruvyaro rwawe rero rwoshobora guharurwa+. 17  Haguruka, ugendagende muri ico gihugu mu burebure bwaco no mu bwaguke bwaco, kuko ari wewe ngiye kugiha+.” 18  Nuko Aburamu abandanya kuba mu mahema. Mu nyuma araza aba mu biti binini vya Mamure+ biri i Heburoni+; atangura kuhubakira igicaniro Yehova+.

Amakuru yiyongereye

Ijambo ku rindi ni “urubuto.”