Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Itanguriro 11:1-32

11  Ico gihe isi yose yari ifise ururimi rumwe n’amajambo amwe.  Nuko mu gihe bariko bagenda berekeza mu buseruko, amaherezo bubura ikiyaya c’umubande mu gihugu ca Shinari+, baraheza baba ng’aho.  Maze batangura kubwirana bati: “Ingo tubumbe amatafari hanyuma tuyaturire mu kuyacisha mu muriro.” Nuko itafari ribabera ibuye, mugabo ikaburimbo ibabera ubudongo+.  Baravuga bati: “Ingo twiyubakire igisagara be n’umunara w’isonga rishika mu majuru+, twiheshe izina rurangiranwa+, kugira ntiduhave dusanzara ku buringanire bwose bw’isi+.”  Nuko Yehova amanuka kuraba ico gisagara n’uwo munara abana b’abantu bari bubatse+.  Inyuma y’ivyo Yehova aravuga ati: “Ehe bagize igisata c’abantu kimwe, kandi bose bavuga ururimi rumwe+, none ibi ni vyo batanguye gukora. Erega, ubu nta kintu na kimwe bokwiyumvira gukora batazoshobora gushikako+.  Ingo tumanuke+ maze tuvurunganye+ ururimi rwabo hariya kugira ntibumvikane mu rurimi+.”  Nuko rero Yehova abasanzaza ku buringanire bwose bw’isi abakuye ng’aho+, maze buhorobuhoro bagenda baraheba ivyo kwubaka nya gisagara+.  Ni co gituma ciswe Babeli*+, kuko aho ari ho Yehova yari yavurunganirije ururimi rw’isi yose, kandi Yehova akaba yari yabasanzaje+ ku buringanire bwose bw’isi abakuye ng’aho. 10  Aka ni ko kahise ka Shemu+. Shemu yari afise imyaka ijana igihe yavyara Arupakishadi+, hashize imyaka ibiri umwuzure ubaye. 11  Shemu amaze kuvyara Arupakishadi, abandanya kubaho imyaka amajana atanu. Muri ico gihe avyara abahungu n’abakobwa+. 12  Arupakishadi na we abaho imyaka mirongo itatu n’itanu. Maze avyara Shela+. 13  Arupakishadi amaze kuvyara Shela, abandanya kubaho imyaka amajana ane n’itatu. Muri ico gihe avyara abahungu n’abakobwa. 14  Shela na we abaho imyaka mirongo itatu. Maze avyara Eberi+. 15  Shela amaze kuvyara Eberi, abandanya kubaho imyaka amajana ane n’itatu. Muri ico gihe avyara abahungu n’abakobwa. 16  Eberi na we abaho imyaka mirongo itatu n’ine. Maze avyara Pelegi+. 17  Eberi amaze kuvyara Pelegi, abandanya kubaho imyaka amajana ane na mirongo itatu. Muri ico gihe avyara abahungu n’abakobwa. 18  Pelegi na we abaho imyaka mirongo itatu. Maze avyara Reyu+. 19  Pelegi amaze kuvyara Reyu, abandanya kubaho imyaka amajana abiri n’icenda. Muri ico gihe avyara abahungu n’abakobwa. 20  Reyu na we abaho imyaka mirongo itatu n’ibiri. Maze avyara Serugi+. 21  Reyu amaze kuvyara Serugi, abandanya kubaho imyaka amajana abiri n’indwi. Muri ico gihe avyara abahungu n’abakobwa. 22  Serugi na we abaho imyaka mirongo itatu. Maze avyara Nahori+. 23  Serugi amaze kuvyara Nahori, abandanya kubaho imyaka amajana abiri. Muri ico gihe avyara abahungu n’abakobwa. 24  Nahori na we abaho imyaka mirongo ibiri n’icenda. Maze avyara Tera+. 25  Nahori amaze kuvyara Tera, abandanya kubaho imyaka ijana na cumi n’icenda. Muri ico gihe avyara abahungu n’abakobwa. 26  Tera na we abaho imyaka mirongo irindwi, inyuma y’aho avyara Aburamu+, Nahori+ na Harani. 27  Kandi aka ni ko kahise ka Tera. Tera yavyaye Aburamu, Nahori na Harani; Harani na we avyara Loti+. 28  Mu nyuma Harani apfira mu gihugu c’amavukiro ari kumwe na Tera se wiwe, i Uri+ h’Abakaludaya+. 29  Aburamu na Nahori babira abagore. Umugore wa Aburamu yitwa Sarayi+, umugore wa Nahori na we Milika+, umukobwa wa Harani se wa Milika akaba na se wa Isika. 30  Ariko Sarayi yari ingumba+, nta mwana yari afise. 31  Inyuma y’ivyo Tera afata Aburamu umuhungu wiwe na Loti umuhungu wa Harani, umwuzukuru wiwe+, na Sarayi+ umukazana wiwe, umugore wa Aburamu umuhungu wiwe, baraheza bajana na we bavuye i Uri h’Abakaludaya ngo baje mu gihugu c’i Kanani+. Mu nyuma bashika i Harani+ maze babayo. 32  Nuko Imisi ya Tera iba imyaka amajana abiri n’itanu. Tera araheza apfira i Harani.

Amakuru yiyongereye

Bisobanura ngo “Umuvurungano.”