Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Indirimbo ya Salomo 8:1-14

8  “Ese iyaba wari nka musazanje+, ukaba wonka amabere ya mawe+! Ngusanze hanze, nogusomye+. Abantu ntibonsuzuguye.  Nokuyoboye, nokwinjije mu nzu ya mawe+, uwahora anyigisha. Noguhaye umuvinyu urimwo ibimota+, umutobe mutoto w’amakomamanga ngo unywe.  Ukubamfu kwiwe kwobaye munsi y’umutwe wanje; ukuryo kwiwe na kwo, kwongumbiriye+.  “Ndabarahije, emwe bakobwa ba Yeruzalemu, ntimugeze gukangura canke kuvyura urukundo muri jewe rutarabishaka+.”  “Ni nde uyo mugore+ aduga ava mu gahinga+ yegamiye umukunzi wiwe+?” “Narakuvyuye munsi y’igiti c’ipome. Aho ni ho nyoko wawe yari, akwibungenze, ari mu misonga y’ukwibaruka. Aho ni ho uwariko arakwibaruka yumviye imisonga y’ukwibaruka+.  “Nunshire ku mutima wawe nk’ikidodo+, nk’ikidodo ku kuboko kwawe; kuko urukundo rukomeye nk’urupfu+, ugushaka kwiheberwa wenyene+ gusa ni nk’ukuzimu mu kutagondeka. Imirurumbo yarwo ni imirurumbo y’umuriro, urubeya rwa Ya*+.  Amazi menshi ubwayo ntashobora kuzimya urukundo+, eka n’inzuzi ubwazo ntizishobora kurukukumura+. Naho umuntu yotanga ibintu vy’agaciro vyose vyo mu nzu yiwe abitangiye urukundo, abantu ntibogenda batabisuzuguye.”  “Turafise mushiki wacu mutoyi+ atagira amabere. Tuzogirira iki mushiki wacu umusi azosabwa?”  “Niyaba ari uruhome+, tuzomwubakako agakuta k’ibitāko k’ifeza; mugabo niyaba ari umuryango+, tuzomuzibira n’urubaho rw’isederi.” 10  “Ndi uruhome, kandi amabere yanje ni nk’iminara+. Ni co gituma mu maso yiwe nabaye nk’umwigeme aronse amahoro. 11  “Salomo yari afise umurima w’imizabibu+ i Bayali-hamoni. Nya murima awuhereza abacunzi+. Umwe wese yazana ku bw’ivyamwa vyawo ibice igihumbi vy’ifeza. 12  “Umurima wanje w’imizabibu, uwanje, ndawifitiye. Ico gihumbi ni rwawe, ewe Salomo, amajana abiri na yo ni ay’abacunga ivyamwa vyawo.” 13  “Ewe muntu wibera mu mirima+, abagenzi bateze ugutwi akajwi kawe. Kanyumvishe+.” 14  “Hunga, mukunzi wanje, umere nk’ingeregere canke nk’umwagazi w’amafumbēri ku misozi y’ibimota+.”

Amakuru yiyongereye

“Ya” ni impfunyapfunyo y’izina “Yehova.”