Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet | BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Indirimbo ya Salomo 7:1-13

7  “Ewe kuntu intambuko zawe ari nziza mu nkweto*+ zawe, mukobwa w’umutima ukunze+! Imyiheto y’amatako yawe ni nk’udusharizo+, igikorwa c’amaboko y’umuhinguzi w’utugenegene.  Inkikuro y’umukondo wawe ni ibakure ifukuye. Ntiyigere iburamwo umuvinyu uvanze+. Inda yawe ni umurundo w’ingano, ukikujwe n’amalisi+.  Amabere abiri yawe ni nk’imyagazi ibiri, amahasa y’ingeregerekazi+.  Izosi ryawe+ ni nk’umunara w’amasenge. Amaso yawe+ ni nk’ibidengeri i Heshiboni+, iruhande y’irembo rya Bati-rabimu. Izuru ryawe ni nk’umunara w’i Libani, uraba amagana i Damasiko.  Umutwe wawe kuri wewe ni nka Karumeli+, ibitsibo+ vyo ku mutwe wawe na vyo ni nk’ubwoya buzize ibara ry’umuyugubwe ugomba gutukura+. Umwami yagizwe imbohe n’iyo mishatsi irereta+.  Ewe kuntu uri mwiza, ewe kuntu uhimbaye, mukobwa mukundwa, hagati mu bisosa+!  Uwo mutumba wawe umenga ni ikigazi+, amabere yawe+ na yo, imisoko y’amatende.  Navuze nti: ‘Nzokwurira kuri nya kigazi, ngo mfate amashami yaco y’ivyamwa vy’amatende+.’ Kandi, ese amabere yawe yomera nk’imisoko y’umuzabibu, ugutamirana kw’izuru ryawe na kwo nk’amapome,  amagage yawe na yo nk’umuvinyu mwiza+ kuruta iyindi yose, ugenda urashororoka+ ku bw’umukunzi wanje, utemba gahorogahoro ku minwa y’abasinziriye.” 10  “Ndi uw’umukunzi wanje+, kandi ni jewe ahahamiye+. 11  Ingo, mukunzi wanje, dusohoke tuje mu gahinga+; twibere mu biterwa vy’ihina+. 12  Tuvyuke kare, tuje mu mirima y’imizabibu, turabe ko umuzabibu wanaze+, ko ishurwe ryasambuye+, ko ibiti vy’amakomamanga vyashuritse+. Aho ni ho nzokwerekera ibimenyetso vyanje vy’urukundo+. 13  Amadudayimu+ ubwayo yarekuye ugutamirana kwayo, kandi iruhande y’aminjiriro yacu hari ubwoko bwose bw’ivyamwa vyizavyiza+. Ibishasha n’ibishaje, ga mukunzi wanje, narabikubikiye muri ntibate.

Amakuru yiyongereye

Canke, “amasandali.”