Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet | BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Indirimbo ya Salomo 6:1-13

6  “Umukunzi wawe yagiye he, ga mwiza w’agahebuza mu bagore+? Umukunzi wawe yahindukiriye he, ngo tumukurondeze?”  “Umukunzi wanje yamanutse ku murima wiwe+, ku matuta y’ibiterwa vy’ibimota+, kuragira+ mu mirima, no kwaha amalisi.  Ndi uw’umukunzi wanje, umukunzi wanje na we ni uwanje+. Ari kuragira+ mu malisi.”  “Uri mwiza, ewe mwigeme nikundira+, nka Gisagara Gihimbaye+, uteye igomwe nka Yeruzalemu+, uteye akoba nk’inteko+ zikoranye zikikuje amabendera+.  Hindukiza amaso yawe+ uyakure imbere yanje, kuko ubwayo yankuyemwo umutima. Umushatsi wawe ni nk’ubusho bw’impene bumanutse butaragurika buva i Gileyadi+.  Amenyo yawe ni nk’ubusho bw’intama z’ingore ziduze zivuye kwuhagirwa, zose zifise amahasa, ata n’imwe muri zo yabuze imyagazi yayo+.  Kurya kw’igihimba c’ikomamanga, ni ko imisaya yawe imeze inyuma y’icitwikiro cawe+.  Hashobora kuba hari abamikazi mirongo itandatu n’incoreke mirongo umunani, n’abigeme batagira igitigiri+.  Umwe ni we ari inuma yanje+, umugenzi wanje azira umugayo+. Umwe ni we ari uwa nyina. Ni we mutyoroke w’uwamwibarutse. Abakobwa baramubonye, bamwita umuhirwe; abamikazi n’incoreke baraheza baramushemeza ngo+: 10  ‘Ni nde uyo mugore+ araba hasi nk’umutwenzi+, mwiza nk’ukwezi kw’igisyo+, atyoroye nk’izuba rirurumba+, ateye akoba nk’inteko zikoranye zikikuje amabendera+?’” 11  “Nari namanutse ku murima+ w’ibiti vy’ibinyamise, kuraba iminago mu mwonga+, kuraba ko umuzabibu wari wanaze, ko ibiti vy’amakomamanga vyari vyashuritse+. 12  Ntarabimenya, umutima wanje wari wanshize ku mikogote y’abantu banje b’umutima ukunze.” 13  “Garuka, garuka, Mushulamukazi we! Garuka, garuka, tukwitegereze+!” “Ni igiki ga yemwe mwitegereza mu Mushulamukazi+?” “Ikintu kimeze nk’intambo y’amakambi abiri!”

Amakuru yiyongereye