Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Indirimbo ya Salomo 4:1-16

4  “Raba! Uri mwiza+, mwigeme nikundira! Raba! Uri mwiza. Amaso yawe ni ay’inuma+, inyuma y’icitwikiro cawe+. Umushatsi wawe ni nk’ubusho bw’impene+ bumanutse butaragurika buva mu karere k’imisozi ka Gileyadi+.  Amenyo yawe ni nk’ubusho bw’intama z’ingore+ zihejeje gukemurwa ziduze zivuye kwuhagirwa, zose zifise amahasa, ata n’imwe muri zo yabuze imyagazi yayo.  Iminwa yawe ni kurya kw’urunyuzi rw’agahama, imvugo yawe na yo iraryoshe+. Kurya kw’igihimba c’ikomamanga, ni ko imisaya yawe imeze inyuma y’icitwikiro cawe+.  Izosi ryawe+ ni nk’umunara+ wa Dawidi, wubakishijwe imirongo y’amabuye, umanitseko inkinzo igihumbi, inkinzo z’umuzingi zose+ z’abagabo b’abanyenkomezi.  Amabere abiri yawe+ ni nk’imyagazi ibiri, amahasa y’ingeregerekazi, iriko irarisha mu mashurwe y’amalisi+.”  “Akayaga k’umusi katarahuhēra+ n’ibitutu ngo bihunge, ngira nigire ku musozi w’imira no ku murambi w’imibavu ya olibani+.”  “Uri mwiza wese+, ewe mwigeme nikundira, nta gahonzi ugira+.  Ingo tujane tuvuye i Libani, ewe mugeni+, tujane tuvuye i Libani+. Numanuke uvuye kw’isonga rya Anti-Libani, uvuye kw’isonga rya Seniri+, mbere kuri Herumoni+, uvuye mu butaho bw’intambwe, uvuye mu misozi y’ingwe.  Watumye umutima wanje udidagizwa, ewe mushikanje+, mugeni wanje+, watumye umutima wanje udidagizwa kubera rimwe mu maso yawe+, kubera akadede kamwe k’urunigi rwawe. 10  Ewe kuntu ibimenyetso vyawe vy’urukundo ari vyiza+, ewe mushikanje, mugeni wanje! Ewe kuntu ibimenyetso vyawe vy’urukundo biruta cane umuvinyu, ugutamirana kw’amavuta yawe na kwo kukaruta ubwoko bwose bw’ibimota neza+! 11  Iminwa yawe iguma itonyanga ubuki bw’ikimamara+, ewe mugeni wanje! Ubuki+ n’amata biri munsi y’ururimi rwawe, ugutamirana kw’impuzu zawe na kwo ni nk’ugutamirana+ kwa Libani. 12  Mushikanje+, umugeni wanje, ni umurima udadiye, emwe, umurima udadiye, imbizi irumije idomweko ikidodo. 13  Urukoba rwawe ni iparadizo y’amakomamanga, iriko ivyamwa vyizavyiza+, ibiterwa vy’ihina kumwe n’ivya narada+; 14  narada+ be n’umuzafarani+, kanehe*+ be n’umudarasini+, kumwe n’ubwoko bwose bw’ibiti vy’imibavu ya olibani, imira n’umubazibazi+, kumwe n’ibimota neza vyose biruta ibindi+; 15  n’imbizi y’imirima, iriba ry’amazi meza+, n’imigezi ishororoka iva i Libani+. 16  Ikangure, ewe muyaga wo mu buraruko! Ingo, ewe muyaga wo mu bumanuko+! Huhēra ku murima wanje+. Ibimota neza vyawo nibishororoke.” “Umukunzi wanje niyinjire mu murima wiwe, yirire ivyamwa vyawo vyizavyiza.”

Amakuru yiyongereye

“Kanehe” ni igiterwa kimota kimeze nk’umusigati.