Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Indirimbo ya Salomo 3:1-11

3  “Mu majoro, ndi ku gitanda canje, narondeye uwo umutima wanje wakunze+. Naramurondeye, sinamubona.  Enda reka mpaguruke, ngendagende hose mu gisagara+; mu mabarabara no mu bibanza vya bose+, ndondere uwo umutima wanje wakunze. Naramurondeye, sinamubona.  Inderetsi+ zariko zizunguruka mu gisagara zarambonye: ‘Hari uwo umutima wanje wakunze mwamboneye ga yemwe?’  Nabaye nkimara kubarengana nca mbona uwo umutima wanje wakunze. Ndamucakira, sinamurekura, gushika ndamuzanye mu nzu ya mawe, mu cumba c’uwari yaranyibungenze.  Ndabarahije+ ingeregerekazi canke impongokazi zo mw’ishamba+, emwe bakobwa ba Yeruzalemu, ntimugeze gukangura canke kuvyura urukundo muri jewe rutarabishaka+.”  “Kirya ni igiki kiduga kiva mu gahinga nk’inkingi z’umwotsi, kimoteshejwe imira n’imibavu ya olibani+, mbere ubwoko bwose bw’agapuderi kamoga k’umucuruza+?”  “Raba! Ni uburiri bwiwe, ubwa Salomo. Abagabo mirongo itandatu b’inguvu barabukikuje, bo mu bagabo b’inguvu ba Isirayeli+,  bose bafise inkota, bakaba barigishijwe kurwana, umwe wese n’inkota yiwe kw’itako kubera ubwoba mu majoro+.”  “Ni inderuzo Umwami Salomo yihinguriye mu biti vy’i Libani+. 10  Inkingi zayo yazihinguye mw’ifeza, ibishigikizo vyayo mu nzahabu. Icicaro cayo ni ic’ubwoya buzize ibara ry’umuyugubwe ugomba gutukura, imbere muri yo hakaba hasharijwe mu rukundo n’abakobwa ba Yeruzalemu.” 11  “Sohoke murabe, emwe bakobwa ba Siyoni, murabe Umwami Salomo n’igitsibo+ nyina wiwe+ yamujishiye ku musi w’ubugeni bwiwe no ku musi w’umunezero w’umutima wiwe+.”

Amakuru yiyongereye