Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Indirimbo ya Salomo 2:1-17

2  “Ndi ishurwe ry’izafarani+ gusa ryo mu kiyaya co ku nkengera+, ilisi ryo mu biyaya vyo hasi+.”  “Kurya kw’ilisi mu vyatsi vy’amahwa, ni ko umwigeme nikundira ameze mu bakobwa+.”  “Kurya kw’igiti c’ipome+ mu biti vy’ikibira, ni ko umukunzi wanje ameze mu bahungu+. Igitutu ciwe naracipfuje bimwe vy’igihababu, kandi aho ni ho nicaye, icamwa ciwe kigasosera amagage yanje.  Yanyinjije mu nzu y’umuvinyu+, kandi ibendera+ ryiwe hejuru yanje rwari urukundo+.  Nimumpembuze udutsima tw’inzabibu zumye+, munshigikize amapome; kuko ndwaye urukundo+.  Ukubamfu kwiwe kuri munsi y’umutwe wanje; ukuryo kwiwe na kwo, kurangumbira+.  Ndabarahije+ ingeregerekazi+ canke impongokazi+ zo mw’ishamba, emwe bakobwa ba Yeruzalemu, ntimugeze gukangura canke kuvyura urukundo muri jewe rutarabishaka+.  “Ijwi ry’umukunzi wanje+! Raba! Araje+, ananagira imisozi, asimbasimba ku mirambi.  Umukunzi wanje asa n’ingeregere+ canke umukangara w’amafumbēri. Raba! Ahagaze inyuma y’uruhome rwacu, yitegerereza mu madirisha, atereza akajisho acishije mu tuyungiro+. 10  Umukunzi wanje yishuye, ambwira ati: ‘Haguruka, mwigeme nikundira, mwiza wanje+, ugende+. 11  Kuko, ehe ikiringo c’imvura+ carenganye, imvura y’isegenya irahise, yigiriye. 12  Amashurwe yaserutse mu gihugu+, igihe c’ugututūra imizabibu+ cashitse, n’ijwi ry’intunguru+ ryumvikanye mu gihugu cacu. 13  Nayo igiti c’umusukoni+, cejeje insukoni zaco za kare+; kandi imizabibu ni urushurwe, yarekuye ugutamirana kwayo. Haguruka, ingo, mwigeme nikundira+, mwiza wanje, ugende. 14  Ewe numa yanje+ iri mu bwihisho bw’urutare, ahihishije h’inzira ihanamye, nyereka agashusho kawe+, nyumvisha akajwi kawe, kuko akajwi kawe karyoshe, n’agashusho kawe kakaba gateye igomwe+.’” 15  “Nimudufatire imbwebwe+, twa tubwebwe dutoduto tuyogeza imirima y’imizabibu, kuko imirima yacu y’imizabibu ari urushurwe+.” 16  “Umukunzi wanje ni uwanje, nanje nkaba uwiwe+. Ariko araragira+ mu mashurwe y’amalisi+. 17  Hindukira, yewe mukunzi wanje, akayaga k’umusi katarahuhēra n’ibitutu ngo bihunge! Mera nk’ingeregere+ canke nk’umukangara w’amafumbēri ku misozi y’itandukanirizo.

Amakuru yiyongereye