Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet | BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Indirimbo ya Salomo 1:1-17

1  Ururirimbo rw’agaheta+, rukaba ari urwa Salomo+:  “Nansome n’ugusomagura kw’akanwa kiwe+, kuko ibimenyetso vyawe vy’urukundo biruta umuvinyu+.  Mu bijanye n’ugutamirana, amavuta yawe+ ni meza. Izina ryawe ni nk’amavuta asutswe+. Ni co gituma abigeme bagukunze.  Nkwega tujane+; ingo twiruke. Umwami yanyinjije mu vyumba vyiwe+! Reka tukunezererwe, tuguhimbarirwe. Tuvuge ibimenyetso vyawe vy’urukundo kuruta umuvinyu+. Bagukunze vyari bikwiriye+.  “Ndi umwigeme yirabura, ariko ateye igomwe, emwe bakobwa ba Yeruzalemu+; meze nk’amahema y’i Kedari+, yamara nk’ibitambara vy’ihema+ vya Salomo.  Ntimundabe kubera ko nsa n’inginagina, kubera ko izuba ryambabuye. Bene mama baranshavuriye; bangize umucunzi w’imirima y’imizabibu, naho umurima wanje w’imizabibu+, uwari rwanje, ntawucunze.  “Mbwira aho uragira+, yewe muntu umutima wanje wakunze+, aho uvyagiza umukuku ku mutaga. Kuki nocika nk’umugore atwikiriye mu kigandaro mu masho ya bagenzawe?”  “Nimba utabizi, ewe mwiza w’agahebuza mu bagore+, sohoka ubwawe ukurikire amakanda y’umukuku, uragire imyagazi yawe y’impene iruhande y’amataberenakulo y’abungere.”  “Nagusanishije n’ifarasi yanje ivyara yo mu mikogote ya Farawo+, ewe mwigeme nikundira+! 10  Amatama yawe arateye igomwe mu bisuko vy’imishatsi, n’izosi ryawe mu runigi rw’utuyeye+. 11  Tuzogukorera utuzingi tw’inzahabu+, hamwe n’udupfundo tw’ifeza.” 12  “Mu gihe umwami akiri ku meza yiwe y’umuzingi, narada*+ yanje irarekura ugutamirana kwayo+. 13  Umukunzi wanje kuri jewe ameze nk’isaho y’imira*+; hagati y’amabere+ yanje ni ho azorara. 14  Umukunzi wanje kuri jewe ameze nk’umusoko w’ihina+, mu mirima y’imizabibu y’i Eni-gedi+.” 15  “Raba! Uri mwiza, ewe mwigeme nikundira+! Raba! Uri mwiza. Amaso yawe ni ay’inuma+.” 16  “Raba! Uri mwiza+, mukunzi wanje, kandi urahimbaye. Ubusaswa+ bwacu kandi ni ubw’amababi. 17  Amatanga y’inzu yacu y’agahore ni amasederi+, imyamba yacu ikaba ibiti vy’imiberoshi.

Amakuru yiyongereye

“Narada” ni icatsi gitamirana.
Raba Inyongera ya 21.