Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet | BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Imigani 9:1-18

9  Ubukerebutsi nyakuri+ bwubatse inzu yabwo+; bwabaje inkingi indwi zabwo.  Bwaringanije ivy’ukubaga inyama zabwo; bwavanze umuvinyu wabwo; ikigeretseko, bwatunganije imeza yabwo+.  Bwarungitse abasukukazi babwo, kugira busemerere kw’isonga ry’ahantu hakirurutse h’igisagara, buti:  “Umuntu atazi utuntu n’utundi wese, nakebereze ng’aha+.” Uwutagira umutima wese+, bwamubwiye buti:  “Ingo murye umukate wanje, munywe no ku muvinyu navanze+.  Nimuhebe abantu batazi utuntu n’utundi mubandanye kubaho+, kandi mugende indamvu mu nzira y’ugutegera+.”  Uwukosora umushinyaguzi aba yikwegeye agateterwe+, kandi uwukangira umuntu w’umubisha, agira agahonzi+.  Ntukangire umushinyaguzi, kugira ngo ntakwanke+. Kangira umuntu w’inkerebutsi, na we azogukunda+.  Nuhe umuntu w’inkerebutsi, na we azorushiriza kuba inkerebutsi+. Nuronse ubumenyi umugororotsi, na we azorushiriza kwiga amenye. 10  Ugutinya Yehova ni yo ntango y’ubukerebutsi+, kandi ubumenyi bwa wa Mweranda Rwose ni kwo gutegera+. 11  Kuko biciye kuri jewe imisi yawe izoba myinshi+, kandi uzokwongerwa imyaka y’ubuzima+. 12  Nimba wacitse inkerebutsi, wacitse inkerebutsi ku neza yawe+; nimba na ho warashinyaguye, bizoja ku gatwe kawe, wewe wenyene+. 13  Umugore w’ikijuju arasebagirika+. Ni igihwiji buhwiji, kandi nta kintu na kimwe yamenye+. 14  Yicaye ku bwinjiriro bw’inzu yiwe, ku cicaro, mu bibanza bikirurutse* vy’igisagara+, 15  ngo asemerere abwira abarengana mu nzira, abagenda batumbereye imbere yabo mu minyuro yabo+, ati: 16  “Umuntu atazi utuntu n’utundi wese, nakebereze ng’aha+.” Kandi uwutagira umutima+ wese na we, uno mugore yamubwiye ati: 17  “Amazi y’amibano arasosa+, kandi umukate uririwe mu mpisho, emwe, uraryoha+.” 18  Mugabo ntiyamenye yuko barya ata co bashoboye mu rupfu ari yo bari, yuko abahamagawe na we bari mu bibanza vy’epfo vy’ukuzimu+.

Amakuru yiyongereye

Raba Inyongera ya 21.