Imigani 8:1-36

8  Mbega ubukerebutsi ntibuguma busemerera+, n’ugutahura kukaguma gusohora ijwi ryakwo+?  Kw’isonga ry’ahantu hakirurutse+, iruhande y’inzira, kw’ihwane ry’amabarabara, ni ho buhagaze.  Iruhande y’amarembo, ku munwa w’igisagara+, mu bwinjiriro bw’imiryango, buguma busemerera n’ijwi rirenga+, buti:  “Ni mwebwe mpamagara, mwa bantu mwe, kandi ijwi ryanje rija ku bana b’abantu+.  Yemwe bantu batazi utuntu n’utundi, nimutahure ukwiyubara+; namwe bijuju, nimutahure umutima+.  Nimwumvirize, kuko mvuga ibintu bihambaye kuruta ibindi vyose+, ngateranura iminwa yanje ngo mvuge ukugororoka+.  Kuko amagage yanje avuga ukuri n’ijwi ritoyi+; kandi ububisha ni ikintu giteye ishishi ku minwa yanje+.  Amajambo yose y’akanwa kanje ni ay’ubugororotsi+. Muri yo nta kintu na kimwe kihari kigoramanze canke gihetaraye+.  Yose ararashe ku wutegera, kandi aragororotse ku baronka ubumenyi+. 10  Nimutore indero yanje ntimutore ifeza, mutore ubumenyi aho gutora inzahabu z’indobanurwa+. 11  Kuko ubukerebutsi ari bwiza kuruta amabuye y’agaciro yitwa korali+, kandi ibindi bihimbaro vyose ntivyonganishwa na bwo+. 12  “Jewe bukerebutsi, nabanye n’ukwiyubara+, kandi ndaronka ubumenyi bw’ubushobozi bwo kwiyumvira+. 13  Ugutinya Yehova gusobanura kwanka ibibi+. Ukwishira hejuru n’ubwishime+ n’inzira mbi be n’akanwa kagoramye+, naravyanse. 14  Ndafise impanuro+ n’ubukerebutsi ngirakamaro+. Jewe ndafise ugutegera+; ndafise ubushobozi+. 15  Biciye kuri jewe, abami ubwabo baguma baganza, n’abategetsi bakurubakuru ubwabo bakaguma bashinga ingingo z’ubugororotsi+. 16  Biciye kuri jewe, abaganwa ubwabo baguma batwara nk’abaganwa+, n’abanyacubahiro bose bagaca imanza mu bugororotsi+. 17  Abankunda nanje ndabakunda+, kandi abandondera ni bo bandonka+. 18  Ubutunzi n’ubuninahazwa biri kumwe nanje+, ibintu vy’agaciro vy’iragi be n’ubugororotsi+. 19  Ivyamwa vyanje ni vyiza kuruta inzahabu, mbere kuruta inzahabu ityoroye, umwimbu wanje na wo ukaba mwiza kuruta ifeza y’indobanurwa+. 20  Mu munyuro w’ubugororotsi ni ho ngendera+, hagati mu mabarabara y’ubutungane+, 21  kugira abankunda ndabahe kwigabira amatungo+; kandi nguma nujuje ibigega vyabo+. 22  “Yehova ubwiwe ni we yampinguye nka yo ntango y’inzira yiwe+, mba ica mbere na mbere mu bikorwa vyiwe vya kera+. 23  Nashizweho kuva igihe kitagira urugero*+, kuva mu ntango, kuva mu bihe vy’imbere y’uko isi ibaho+. 24  Igihe ata nyenga z’amazi zariho ni ho navyarwa nko mu bubabare bw’ibise+, igihe ata mbizi zibogaboga amazi zariho. 25  Imbere y’uko imisozi ubwayo ishirwaho+, imbere y’uko imirambi ibaho, navyawe nko mu bubabare bw’ibise, 26  igihe atari bwakore isi+ n’uturere n’igice ca mbere c’ibirundo vy’umukungugu vy’ubutaka bwimbuka+. 27  Igihe yategura amajuru ni ho nari+; igihe yashinga ko haba umuzingi ku buringanire bw’inyenga y’amazi+, 28  igihe yashikamisha ibigwi vy’ibicu hejuru+, igihe yakomeza amasôko y’inyenga y’amazi+, 29  igihe yashingira ikiyaga ingingo yiwe, kugira amazi ntarenge itegeko ryiwe+, igihe yashinga ko haba imishinge y’isi+, 30  nabaye iruhande yiwe ndi umukozi w’umuhanga+, mba uwo yakunda bidasanzwe+ ku musi ku musi, mpimbarwa igihe cose imbere yiwe+, 31  mpimbariwe ubutaka bwimbuka bw’isi yiwe+, kandi ibintu nakunda cane vyari ivyerekeye abana b’abantu+. 32  “None rero, bana, nimunyumvirize; egome, hahiriwe abagumya inzira zanje+. 33  Nimwumvirize indero, mube inkerebutsi+, kandi ntimwanjanjwe na gatoyi+. 34  Hahiriwe umuntu anyumviriza akaguma arikanuye ku miryângo yanje ku musi ku musi, akaguma areretse iruhande y’ibikingi vy’aminjiriro yanje+. 35  Kuko uwundonka atazobura kuronka ubuzima+, kandi araronka ubutoni bwa Yehova+. 36  Mugabo uwumbuze aba yigiriye nabi+; abanyanka urunuka bose ni abakunda urupfu koko+.”

Utujambo tw'epfo

Raba Inyongera ya 21.