Imigani 7:1-27
7 Mwananje, gumya amajambo yanje+, kandi ubike muri ntibate amabwirizwa yanje iruhande yawe+.
2 Gumya amabwirizwa yanje ubandanye kubaho+, itegeko ryanje na ryo urizigame nk’imbone+ y’ijisho ryawe.
3 Bibohere ku ntoke zawe+, kandi uvyandike ku gisate c’umutima wawe+.
4 Bwira ubukerebutsi uti+: “Uri mushikanje”; ugutegera na kwo ukwite “incuti,”
5 kugira bikurinde umugore w’igihumbu+, bikurinde umunyamahangakazi yagize amajambo yiwe ayasosa+.
6 Kuko naravye hasi ndi kw’idirisha ry’inzu yanje, ncishije mu kayungiro+,
7 kugira nihweze abantu batazi utuntu n’utundi+. Naritegereje mu bahungu ndabishashaye, mbona umusore atagira umutima+,
8 yariko aca mw’ibarabara hafi y’ikorosi ry’iwabo wa nya mugore, kandi yagendera mu nzira igana ku nzu y’uno mugore+,
9 mu gahwibi, ku mugoroba wa nya musi+, ijoro n’umuzimagiza vyegereje.
10 Maze haza umugore kumusanganira, yambaye impuzu y’umumaraya+ n’urwenge mu mutima.
11 Arashibaguzwa kandi ni intagondwa+. Ibirenge vyiwe ntibiba mu nzu iwe+.
12 Mu mwanya ari hanze, mu mwanya ari mu bibanza vya bose+, akabunda hafi y’ikorosi ryose+.
13 Ng’uyo aramucakiye, aramusoma+. Yiyambuye udusoni ku maso, maze atangura kumubwira ati:
14 “Nabwirizwa gutanga ibimazi vy’ugusangira+. Uno musi nashikije indagano zanje+.
15 Ni co gituma nsohotse kugusanganira, kurondera mu maso hawe, ngo nkuronke.
16 Uburiri bwanje nabusharije n’ibisaswa, n’ibintu vy’amabara menshi, bikozwe mu nyuzi z’ilino yo mu Misiri+.
17 Igitanda canje nakimijagiye imira*, umubazibazi n’umudarasini+.
18 Ingo, tunywe urukundo twidihe burinde buca; turyoherane mu guseruranira urukundo+.
19 Kuko umugabo atari mu nzu iwe; yafashe urugendo rwa kure+.
20 Yagiye atwaye isaho y’amahera mu minwe. Azogaruka mu nzu iwe ku musi ukwezi kuzoba ari igisyo.”
21 Yamuhubije n’umurengera w’ubushobozi bwiwe bwo gutuma anyurwa+. Amuryosharyosha akoresheje iminwa yiwe isosa+.
22 Bukwi na bukwi, ng’uyo aramukurikiye+, nk’ishūri igiye gukererwa, nk’igipfu kiboheshejwe amapingu ngo gitozwe indero,
23 gushika umwampi umusatuye igitigu+, nk’uko inyoni yihuta ija mu mutego+, ntiyamenya ko bigeramiye ubuzima bwiwe+.
24 None rero, bana, nimunyumvirize kandi mutege ugutwi amajambo y’akanwa kanje+.
25 Umutima wawe ntukevye ngo uje mu nzira ziwe. Ntiwangare mu mabarabara yiwe+.
26 Kuko abo yagaritse ari benshi+, kandi abicwa na we bose ni indiri+.
27 Inzu yiwe ni inzira zija mu kuzimu+; zimanuka zigana ivyumba vy’urupfu+.
Utujambo tw'epfo
^ Raba Inyongera ya 21.