Imigani 7:1-27

7  Mwananje, gumya amajambo yanje+, kandi ubike muri ntibate amabwirizwa yanje iruhande yawe+.  Gumya amabwirizwa yanje ubandanye kubaho+, itegeko ryanje na ryo urizigame nk’imbone+ y’ijisho ryawe.  Bibohere ku ntoke zawe+, kandi uvyandike ku gisate c’umutima wawe+.  Bwira ubukerebutsi uti+: “Uri mushikanje”; ugutegera na kwo ukwite “incuti,”  kugira bikurinde umugore w’igihumbu+, bikurinde umunyamahangakazi yagize amajambo yiwe ayasosa+.  Kuko naravye hasi ndi kw’idirisha ry’inzu yanje, ncishije mu kayungiro+,  kugira nihweze abantu batazi utuntu n’utundi+. Naritegereje mu bahungu ndabishashaye, mbona umusore atagira umutima+,  yariko aca mw’ibarabara hafi y’ikorosi ry’iwabo wa nya mugore, kandi yagendera mu nzira igana ku nzu y’uno mugore+,  mu gahwibi, ku mugoroba wa nya musi+, ijoro n’umuzimagiza vyegereje. 10  Maze haza umugore kumusanganira, yambaye impuzu y’umumaraya+ n’urwenge mu mutima. 11  Arashibaguzwa kandi ni intagondwa+. Ibirenge vyiwe ntibiba mu nzu iwe+. 12  Mu mwanya ari hanze, mu mwanya ari mu bibanza vya bose+, akabunda hafi y’ikorosi ryose+. 13  Ng’uyo aramucakiye, aramusoma+. Yiyambuye udusoni ku maso, maze atangura kumubwira ati: 14  “Nabwirizwa gutanga ibimazi vy’ugusangira+. Uno musi nashikije indagano zanje+. 15  Ni co gituma nsohotse kugusanganira, kurondera mu maso hawe, ngo nkuronke. 16  Uburiri bwanje nabusharije n’ibisaswa, n’ibintu vy’amabara menshi, bikozwe mu nyuzi z’ilino yo mu Misiri+. 17  Igitanda canje nakimijagiye imira*, umubazibazi n’umudarasini+. 18  Ingo, tunywe urukundo twidihe burinde buca; turyoherane mu guseruranira urukundo+. 19  Kuko umugabo atari mu nzu iwe; yafashe urugendo rwa kure+. 20  Yagiye atwaye isaho y’amahera mu minwe. Azogaruka mu nzu iwe ku musi ukwezi kuzoba ari igisyo.” 21  Yamuhubije n’umurengera w’ubushobozi bwiwe bwo gutuma anyurwa+. Amuryosharyosha akoresheje iminwa yiwe isosa+. 22  Bukwi na bukwi, ng’uyo aramukurikiye+, nk’ishūri igiye gukererwa, nk’igipfu kiboheshejwe amapingu ngo gitozwe indero, 23  gushika umwampi umusatuye igitigu+, nk’uko inyoni yihuta ija mu mutego+, ntiyamenya ko bigeramiye ubuzima bwiwe+. 24  None rero, bana, nimunyumvirize kandi mutege ugutwi amajambo y’akanwa kanje+. 25  Umutima wawe ntukevye ngo uje mu nzira ziwe. Ntiwangare mu mabarabara yiwe+. 26  Kuko abo yagaritse ari benshi+, kandi abicwa na we bose ni indiri+. 27  Inzu yiwe ni inzira zija mu kuzimu+; zimanuka zigana ivyumba vy’urupfu+.

Utujambo tw'epfo

Raba Inyongera ya 21.