Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Imigani 6:1-35

6  Mwananje, nimba wishinze mugenzawe+, nimba wahaye ukuboko uw’ahandi+,  nimba wafashwe n’amajambo y’akanwa kawe+, nimba wacakiwe n’amajambo y’akanwa kawe,  nugire uku rero mwananje, wirokore, kuko wakorokeye mu kiganza ca mugenzawe+: Genda wicishe bugufi, uzigitīre mugenzawe+.  Ntuhe amaso yawe itiro, canke ngo uhe agatiro amaso yawe aca ibibatsi+.  Niwirokore nk’ingeregere mu kuboko kw’umuhigi, nk’inyoni mu kuboko kw’umutezi w’inyoni+.  Genda ku kimonyo+, wa kinebwe+; niwihweze inzira zaco uheze ube inkerebutsi.  Naho kitagira umukomanda, umurongozi canke umutware,  gitegura indya zaco mu ci+; cegeranije ivyo kurya vyaco mw’iyimbura.  Uzogeza ryari ga wa kinebwe kuguma wiryamiye+? Uzovyuka ryari mw’itiro ryawe+? 10  Isinzirire irindi tiro rikeyi, akandi gatiro gakeyi, uzinge amaboko kandi gatoyi mu kuryama+, 11  maze ubworo bwawe ntibuzobura kuza nk’umusahuzi+, ubukene bwawe na bwo nk’umuntu yitwaje ikirwanisho+. 12  Umuntu w’imburakimazi+, umuntu akora ibibabaza, usanga agendana imvugo ihetaraye+, 13  akavunagura ingohe n’ijisho+, akagira ibimenyetso n’ikirenge ciwe, akagira n’intoke ziwe ibimenyetso vyo kwerekana ibintu+. 14  Ubugorame buri mu mutima wiwe+. Yama ariko arementanya ikibi igihe cose+. Aguma yandurutsa amahane+. 15  Ni co gituma ivyago vyiwe bizoza giturumbuka+; mu kanya isase azovunagurwa, kandi nta gukira kuzohaba+. 16  Hari ibintu bitandatu Yehova yanka koko+; emwe, ibintu indwi ni vyo bitera ishishi umutima wiwe+: 17  amaso yishira hejuru+, ururimi rw’ikinyoma+ n’amaboko asesa amaraso y’intungane+, 18  umutima urementanya imigambi mibi+, ibirenge vyihutira kwirukira ikibi+, 19  icabona c’ikinyoma gisuka ububeshi+, be n’uwo wese atera amahane mu bavukana+. 20  Niwubahirize mwananje ibwirizwa rya so wawe+, kandi ntuhebe itegeko rya nyoko wawe+. 21  Nubibohere ku mutima wawe nantaryo+; nubibohere mw’izosi ryawe+. 22  Igihe uriko uragendagenda, bizokuyobora+; igihe uryamye, bizokurinda+; igihe uvyutse na ho, bizokwitwararika. 23  Kuko ibwirizwa ari itara+, itegeko na ryo rikaba umuco+, kandi ibikangiro vy’indero ni vyo nzira y’ubuzima+, 24  kugira bikurinde umugore ameze nabi+, bikurinde akarimi gasosa k’umugore w’umunyamahangakazi+. 25  Ntiwipfuze ubwiza bwiwe mu mutima wawe+, kandi ntagutware akoresheje amaso yiwe asayangana+, 26  kuko umuntu afutana agasigara gusa ku kamanyu k’umukate kubera umugore w’umumaraya+; nayo umugore w’uwundi, ahiga ubuzima bw’agaciro+. 27  Mbega umuntu yorunda umuriro mu gikiriza ciwe, impuzu ziwe ntizishe+? 28  Canke umuntu yogendera ku makara, ibirenge vyiwe ntibibabuke? 29  Ni ko bigenda kuri uwo wese aryamana n’umugore wa mugenziwe+; nta wumukorako azogenda adahanywe+. 30  Ntibasuzugura igisuma ngo ni uko gusa civye kugira ngo cimare inzara iyo gishonje. 31  Ariko gifashwe, kizokwishura ibingana na vyo incuro indwi; ibintu vy’agaciro vyose vyo mu nzu yaco kizobitanga+. 32  Uwo wese arenga ibigo mu kuryamana n’umugore, ntagira umutima+; uwubigira aba ariko yikwegera guhona+. 33  Azohura n’icago be n’agateterwe+, kandi iceyi ciwe ntikizohanagurika+. 34  Kuko ubushangashirwe bw’umuntu w’umugabo ari ishari+, kandi ntazogira impuhwe ku musi w’ukwihora+. 35  Incungu* iyo ari yo yose nta co izomubwira; impano umuzaniye ushake uyigire nini gute, ntazokwemera.

Amakuru yiyongereye

Raba Inyongera ya 21.