Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet | BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Imigani 4:1-27

4  Umvirize, bana, indero ya so+ kandi mutege ugutwi, kugira mumenye ugutegera+.  Kuko inyigisho nziza ari yo vy’ukuri ngira ndabahe+. Ntimuhebe itegeko ryanje+.  Kuko nabaye umwana nyawe kuri dawe+, yoroshe kandi w’ikinege imbere ya mawe+.  Yaranyigisha+ akambwira ati: “Umutima wawe+ nugumye rwose amajambo yanje+. Gumya amabwirizwa yanje, ubandanye kubaho+.  Niwironse ubukerebutsi+, wironse ugutegera+. Ntiwibagire, kandi ntukevye ngo uve ku majambo y’akanwa kanje+.  Ntubuhebe, na bwo buzokurinda. Bukunde, na bwo buzokuzigama.  Ubukerebutsi ni co kintu nyamukuru+. Niwironse ubukerebutsi; kandi hamwe n’ivyo wironsa vyose, niwironse ubwenge+.  Buhe agaciro rwose, na bwo buzogushira hejuru+. Buzokuninahaza kuko ubugumbira+.  Buzoha umutwe wawe igitsibo c’igikundiro+; buzokugabira urugori rw’ubwiza+.” 10  Niwumve, mwananje, kandi wemere amajambo yanje+. Ni ho imyaka y’ubuzima izokubera myinshi+. 11  Emwe, nzokwigisha inzira y’ubukerebutsi+; nzotuma ugendera mu mihora y’ukugororoka+. 12  Igihe ugenda, ingendo yawe ntizokwagirwa+; niwiruka na ho, ntuzotsitara+. 13  Fata indero ugumye+; nturekure+. Yizigame, kuko ari yo buzima bwawe+. 14  Ntiwinjire mu munyuro w’ababisha+, kandi ntugende indamvu uja mu nzira y’ababi+. 15  Yizibukire+, ntuyicemwo+; kevya uyireke, urengane+. 16  Kuko badasinzira badakoze ikibi+, n’itiro ryabo rigatwarwa iyo badatsitaje umuntu+. 17  Kuko bigaburiye umukate w’ububisha+, kandi umuvinyu w’ibikorwa vy’ubukazi ni wo banywa+. 18  Mugabo umunyuro w’abagororotsi umeze nk’umuco wakaka ugenda urushiriza gukayangana gushika umurango utamanzuye rwose+. 19  Inzira y’ababisha imeze nk’umuzimagiza+; ntibazi ico baguma batsitarako+. 20  Mwananje, niwumve amajambo yanje+. Tega ugutwi ivyo mvuga+. 21  Ntibije kure y’amaso yawe+. Bigumize hagati mu mutima wawe+. 22  Kuko ari ubuzima ku babironka+, n’amagara ku mubiri wabo wose+. 23  Zigama umutima wawe kuruta ikindi cose kibwirizwa kurindwa+, kuko ari wo uvamwo amasôko y’ubuzima+. 24  Kura iruhande yawe imvugo ihetaraye+; kandi iminwa y’uruyeri nuyishire kure yawe+. 25  Nayo amaso yawe, akwiye kuraba imbere adakebaguzwa+, emwe amaso aca ibibatsi yawe akwiye kuguma ahanze imbere yawe adakebaguzwa+. 26  Sena inzira y’ikirenge cawe+, kandi inzira zawe zose zibe izishimangiwe+. 27  Ntuhengamire iburyo canke ibubamfu+. Kura ikirenge cawe mu bibi+.

Amakuru yiyongereye