Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Imigani 31:1-31

31  Amajambo ya Lemuweli umwami, ubutumwa buremereye+ nyina yamuhaye mu kumukosora+:  Mvuge iki ga mwananje? Mvuge iki ga mwana w’inda yanje+? Mvuge iki ga mwana w’indagano zanje+?  Ntuhe inkomezi zawe abagore+, canke ngo inzira zawe uzihe ibishikana abami ku guhanagurwa+.  Si ivy’abami, Lemuweli we, si ivy’abami kunywa umuvinyu, canke ngo bibe ivy’abategetsi bakurubakuru kuvuga ngo: “Inzoga iboreza iri hehe+?”  kugira ngo umuntu ntahave anywa akibagira ivyashinzwe, akagoreka imburano z’uwo ari we wese mu bana b’amarushwa+.  Nimuhe inzoga iboreza uwuri mu guhwera+, n’umuvinyu ab’umutima udundumiwe+.  Umuntu nanywe yibagire ubworo bwiwe, kandi ntasubire kwibuka ivyago vyiwe.  Teranura akanwa uvugire ikiragi+, uburanire abari mu kuvaho bose+.  Teranura akanwa, uce imanza mu bugororotsi, uburanire umurushwa n’umworo+. א [ʼAlefu] 10  Umugore abishoboye, ni nde yomuronka+? Agaciro kiwe karuta kure n’iyo ak’amabuye y’agaciro yitwa korali. ב [Beti] 11  Umutima wa inawe waramwizigiye, kandi inyungu ntibura+. ג [Gimelu] 12  Uwo mugore yamuhemvye ivyiza, si ibibi, imisi yose y’ubuzima bwiwe+. ד [Daleti] 13  Yarondeye ubwoya n’inyuzi z’ilino, kandi akora ikintu cose gihimbara amaboko yiwe+. ה [Heʼ] 14  Ameze nk’imeri z’umudandaza+. Azana ibifungurwa vyiwe abikuye kure. ו [Vau] 15  Kandi avyuka hakiri mu kajoro+, agaha ibifungurwa urugo rwiwe, agaha n’inkumi ziwe umugabane zigenewe+. ז [Zayini] 16  Yariyumviriye itongo, araryironsa+; bivuye ku vyamwa vy’amaboko yiwe, yateye umurima w’imizabibu+. ח [Heti] 17  Yakenyeje amafyinga yiwe inkomezi, kandi aha ingoga amaboko yiwe+. ט [Teti] 18  Yiyumvisemwo ko urucuruza rwiwe ari rwiza; itara ryiwe ntirizima mw’ijoro+. י [Yodi] 19  Yatumye amaboko yiwe ku gakoni kazingîrwako urunyuzi, amaboko yiwe na yo afata agati kazungurutsa urunyuzi+. כ [Kafu] 20  Yagaranzuriye ikiganza umurushwa, kandi yaramvuriye amaboko umworo+. ל [Lamedi] 21  Ntatinyira urugo rwiwe kubera shelegi, kuko urugo rwiwe rwose rwambaye impuzu zirimwo zibirizibiri+. מ [Memu] 22  Yihinguriye ibisaswa+. Ivyambarwa vyiwe ni ivy’ilino n’ubwoya buzize ibara ry’umuyugubwe ugomba gutukura+. נ [Nuni] 23  Inawe+ ni umuntu azwi mu marembo+, iyo yicaranye n’abagabo b’inararibonye b’igihugu. ס [Sameki] 24  Yarahinguye mbere n’impuzu zo munsi+, arazigurisha, aha n’imikaba abacuruza. ע [ʽAyini] 25  Inkomezi n’ubwiza bwakaka ni vyo vyambarwa vyiwe+, kandi aratwenga umusi uzoza+. פ [Peʼ] 26  Yateranuye akanwa kiwe mu bukerebutsi+, kandi itegeko ry’ubuntu bwuzuye urukundo riri ku rurimi rwiwe+. צ [Tsade] 27  Aracungera imirimo y’urugo rwiwe, kandi ntarya umukate w’ubunebwe+. ק [Kofu] 28  Abahungu biwe barahagurutse bamwita umuhirwe+; inawe arahaguruka, akamushemeza+. ר [Reshi] 29  Hari abakobwa+ benshi berekanye ko babishoboye, mugabo wewe, emwe, waraduze ubaheta bose+. ש [Shini] 30  Igikundiro coshobora guhendana+, n’ubwiza bwoshobora kuba ubusa+; mugabo umugore atinya Yehova ni we yihesha ugushemezwa+. ת [Tau] 31  Nimumuhe ku vyamwa vy’amaboko yiwe+, kandi ibikorwa vyiwe bimushemeze mu marembo+.

Amakuru yiyongereye