Imigani 30:1-33
30 Amajambo ya Aguri mwene Yake, ubutumwa buremereye+. Ijambo ry’umuntu w’umugabo kuri Itiyeli, kuri Itiyeli na Ukali.
2 Kuko ndi imburabwenge kuruta uwundi wese+, kandi singira ugutegera kw’abantu+;
3 kandi sinize ubukerebutsi+; kandi ubumenyi bwa wa Mweranda Rwose nta bwo nzi+.
4 Ni nde yaduze mw’ijuru kugira ngo amanuke+? Ni nde yakoranije umuyaga mu biganza vyompi+? Ni nde yatekeye amazi mu mutamana+? Ni nde yadugije impera zose z’isi+? Yitwa nde+, kandi umuhungu wiwe yitwa nde, nimba ubizi+?
5 Ijambo ryose Imana ivuze riratyoroye+. Ibera inkinzo abayihungirako bose+.
6 Ntugire ico wongera ku majambo yayo+, kugira ngo ntigukangire no kugira ngo ntuboneke ko uri umubeshi+.
7 Nagusavye ibintu bibiri+. Ntubinyime imbere y’uko mpfa+.
8 Ububeshi be n’ijambo ry’ikinyoma ubinshire kure+. Ntumpe ubworo, ntumpe n’ubutunzi+. Reka ndyane akayabagu ibifungurwa ngenewe+,
9 simpave mpaga hanyuma nkakwihakana vy’ukuri+, nkavuga ngo: “Yehova ni nde+?”, simpave kandi nja mu bworo hanyuma nkiba vy’ukuri, nkagaba igitero kw’izina ry’Imana yanje+.
10 Ntubeshere umusuku kuri shebuja+, ntahave ahamagarira akabi kuri wewe, kandi ntuhave uharurwako icaha+.
11 Hari iyaruka rihamagarira akabi kuri se, ntirinahezagire nyina+.
12 Hari iyaruka rityoroye mu maso yaryo bwite+ mugabo rituhagiwe umwanda waryo mukuru+.
13 Hari iyaruka amaso yaryo yabaye ayishize hejuru ga yemwe! n’amaso aca ibibatsi yaryo akaba yagizwe ayahanitse+.
14 Hari iyaruka amenyo yaryo ari inkota, n’imibangabanga yaryo ikaba ibibugita+, kugira rirotse abarushwa ngo bave kw’isi, n’aboro ngo bave mu bantu+.
15 Imisundo ifise abakobwa babiri basemerera ngo: “Mpa! Mpa!” Hari ibintu bitatu bidahaga, bine bitavuze ngo: “Biramaze!”
16 Ukuzimu+ be n’inda itavyara+, ubutaka butahaze amazi+, be n’umuriro+ utavuze ngo: “Biramaze+!”
17 Ijisho ritwengera se mw’ijigo kandi rigasuzugura ukugamburukira nyina+, ibikona vyo mu mwonga bizorinogora, abana b’inkona na bo barirotse.
18 Hari ibintu bitatu kuri jewe vyabonetse ko ari agatangaza birenze, mbere bine ntashoboye kumenya:
19 inzira y’inkona mu kirere, inzira y’inzoka ku gitandara, inzira y’imeri hagati mu kiyaga+, n’inzira y’umuntu w’umugabo ku mwigeme+.
20 Ng’iyi inzira y’umugore w’umurengabigo: yarariye arihanagura umunwa, avuga ngo: “Nta kibi nakoze+.”
21 Hari ibintu bitatu vyatigitishije isi, kandi bine ni vyo idashobora kwihanganira:
22 umushumba iyo aganje+, be n’imburabwenge iyo ifise ibifungurwa bikwiye+;
23 umugore yankwa iyo yabiriwe+, be n’umusukukazi iyo yomoye inabuja+.
24 Hari ibintu bine bitoyi kuruta ibindi vyose vyo kw’isi, mugabo bikaba ari inkerebutsi bivuye kw’itima+:
25 ibimonyo ni igisata kidakomeye+, yamara mu ci birategura indya zavyo+;
26 inkezi zo mu bitandara+ ni igisata kidakomeye, yamara ku rutare ni ho zishira inzu yazo+;
27 inzige+ nta mwami zigira, yamara zose zisohoka zigabuye mu migwi+;
28 icugu+ gifatisha amaboko yaco kandi kikaba mu kirimba gihambaye c’umwami.
29 Hari ibintu bitatu bifise ingendo nziza, mbere bine bitambuka neza:
30 intambwe, ari yo ikomeye mu bindi bikoko kandi ikaba idasubira inyuma imbere y’umuntu n’umwe+;
31 imbwa y’uruhigi canke isuguru y’impene, n’umwami ari kumwe n’umugwi w’abasoda bo mu bantu biwe+.
32 Nimba wakoze nk’imburabwenge mu kwiduza+, kandi nimba wabishinzeko ivyiyumviro vyawe, shira ukuboko ku munwa+.
33 Kuko guterera amata ari vyo bizana amasoro, kandi gufyonda izuru ni vyo bizana amaraso, kandi kuvyura ishavu ni vyo bizana imitongano+.