Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Imigani 3:1-35

3  Mwananje, ntiwibagire itegeko ryanje+, kandi umutima wawe wubahirize amabwirizwa yanje+,  kuko uzokwongerwa ubwinshi bw’imisi n’imyaka y’ubuzima+ be n’amahoro+.  Ubuntu bwuzuye urukundo be n’ukuri ubwavyo ntibigucarukane+. Bibohere mw’izosi ryawe+. Vyandike ku gisate c’umutima wawe+,  ubone kuronka ubutoni n’ugutahura kwimbitse kwiza mu maso y’Imana n’ay’umuntu yakuwe mw’ivu+.  Wizigire Yehova n’umutima wawe+ wose kandi ntiwishimikize ubwenge bwawe bwite+.  Mu nzira zawe zose umwibuke+, na we azogorora iminyuro yawe+.  Ntube inkerebutsi mu maso yawe bwite+. Tinya Yehova, uce kure ikibi+.  Nibibere umukondo wawe umuti+, bibere n’amagufa yawe ukuruhurirwa+.  Tera iteka Yehova ukoresheje ibintu vyawe vy’agaciro+ be n’umushuzo w’umwimbu wawe wose+. 10  Maze ibigega vyawe vy’ibiribwa bizokwuzura umurengera+, ibikono vyawe uganiramwo na vyo bisesekare umuvinyu mushasha+. 11  Indero ya Yehova ntuyite mwananje+, kandi ntuzinukwe igikangiro ciwe+, 12  kuko uwo Yehova akunda amukangira+, nk’uko se akangira umwana amuhimbara+. 13  Hahiriwe umuntu yaronse ubukerebutsi+, n’umuntu aronka ugutahura+, 14  kuko kubwunguka ari vyiza kuruta kwunguka ifeza, kandi kubwimbura ni vyiza kuruta kwimbura inzahabu+. 15  Ni ubw’agaciro kuruta amabuye y’agaciro yitwa korali+, mbere n’ibindi bintu vyawe vyose bihimbaye ntivyonganishwa na bwo. 16  Ubwinshi bw’imisi buri mu kuryo kwabwo+; mu kubamfu kwabwo hari ubutunzi n’ubuninahazwa+. 17  Inzira zabwo ni inzira zuzuye ubwiza, kandi amabarabara yabwo yose ni amahoro+. 18  Ni igiti c’ubuzima+ ku babucakira, kandi ababugumya+ ni abo kwitwa abahirwe+. 19  Yehova mu bukerebutsi bwiwe yarashimangiye umushinge w’isi+. Yarashinze amajuru araguma, akoresheje ugutahura+. 20  Biciye ku bumenyi bwiwe, inyenga z’amazi zaratanijwe+, kandi ibirere vy’ibicu biguma bitibagura imvura ihwahutse+. 21  Mwananje, ntibije kure y’amaso yawe+. Zigama ubukerebutsi ngirakamaro n’ubushobozi bwo kwiyumvira+, 22  na vyo bizokubera ubuzima+, bikubere n’igikundiro mw’izosi+. 23  Aho ni ho uzogenda mu mutekano+ mu nzira yawe, mbere n’ikirenge cawe ntikizotsitara ku kintu na kimwe+. 24  Niwaryama, nta bwoba uzokwumva+; kandi uzokwiryamira koko, agatiro kawe kabe akaryoshe+. 25  Ntuzokwirirwa uratinya ikintu giteye ubwoba kiza giturumbuka+, canke ikirura kije ku babisha, kuko kiriko kiraza+. 26  Kuko Yehova ubwiwe mu vy’ukuri azokubera umwizero+, kandi ntazobura kurinda ikirenge cawe ngo ntigifatwe+. 27  Ntureke kugirira iciza abagikwiriye+ kandi ukuboko kwawe kuri n’ububasha bwo kugikora+. 28  Ntubwire mugenzawe ngo: “Genda, uze ugaruke, ejo nzoguha,” kandi ufise ikintu+. 29  Nturementanirize mugenzawe ikibi na kimwe+, mu gihe yumva yibereyeho atekanye kumwe nawe+. 30  Ntutongane n’umuntu ata mpamvu+, nimba ata nabi yakugiriye+. 31  Ntiwumvire agashari umuntu w’ubukazi+, canke ngo uhitemwo n’imwe mu nzira ziwe+. 32  Kuko umunyamayeri+ ari ikintu giteye ishishi kuri Yehova+, mugabo kugirana ubugenzi somambike na We ni ivy’abagororotse+. 33  Umuvumo wa Yehova uri ku nzu y’umubisha+, ariko ahantu abagororotsi baba arahahezagira+. 34  Abashinyaguzi+ ubwiwe azobatwengera mw’ijigo+; ariko abatekereza azobagirira ubutoni+. 35  Iteka ni ryo inkerebutsi zizokwigabira+, ariko ibijuju bishira hejuru agatetereza+.

Amakuru yiyongereye