Imigani 29:1-27

29  Umuntu akangirwa+ kenshi mugabo agakomantaza izosi+ azovunagurwa giturumbuka, kandi ata gukira+.  Iyo abagororotsi babaye benshi, abantu baranezerwa+; mugabo iyo umubisha aganje, abantu baraniha+.  Umuntu akunda ubukerebutsi anezereza se+, mugabo uwugiranira ubugenzi n’abamaraya yonona ibintu vy’agaciro+.  Biciye ku butungane umwami atuma igihugu kiragama+, mugabo umuntu ashashaye ibiturire aragisambura+.  Umuntu w’umugabo aryosharyosha umugenzi wiwe+ aba ateze urusenga intambuko ziwe+.  Mu kugabitanya kw’umuntu mubi hari umutego+, mugabo umuntu w’umugororotsi ariha akamo k’umunezero kandi agahimbarwa+.  Umugororotsi aramenya imburano z’abantu batobato+. Umuntu w’umubisha ntarimbura mwene ubwo bumenyi+.  Abantu b’amajambo y’ubwirasi barurumbika igisagara+, mugabo abantu b’inkerebutsi basubiza inyuma ishavu+.  Umuntu w’inkerebutsi yinjiye mu rubanza n’umuntu w’igipfu—kirabiragira kikongera kigatwenga, kandi nta gahengwe kahaba+. 10  Abantu banyotewe amaraso banka uwo wese atagirako umugayo+; nayo abagororotse, baguma barondera ubuzima bw’umwe wese+. 11  Ikijuju kirekura umutima waco wose, mugabo umuntu w’inkerebutsi atuma uguma utekanye gushika kw’iherezo+. 12  Aho umutware atega ugutwi amajambo y’ikinyoma, abamukorera bose baba ababisha+. 13  Ntahonikora be n’umuntu w’agahahazo barahuye+; mugabo Yehova aboneshereza amaso yabo bompi+. 14  Aho umwami acira imanza abantu batobato mu kuri+, intebe yiwe y’ubwami izoshimangirwa ibihe vyose+. 15  Inkoni be n’igikangiro ni vyo bitanga ubukerebutsi+; mugabo umwana arekeranwa azomaramaza nyina+. 16  Iyo ababisha babaye benshi, ukugabitanya kuragwira; mugabo abantu b’abagororotsi bazokwitegereza itemba ryabo+. 17  Hana umwana wawe, na we azokuzanira akaruhuko yongere ahe umutima wawe agahimbare kenshi+. 18  Ahatagira iyerekwa abantu barirekura+, mugabo hahiriwe abagumya itegeko+. 19  Umusuku ntazokwemera gukosorwa n’amajambo masa+, kuko atahura mugabo ntavyiteho+. 20  Waritegereje umuntu yihutagiza mu majambo yiwe+? Hari icizigiro ku muntu w’ikijuju kuruta kuri uyo+. 21  Umuntu niyafyinisha umusuku wiwe kuva mu buto, mu buzima bwiwe bwo mu nyuma azocika intashima. 22  Umuntu akaza ishavu avyura amahane+, kandi uwo wese akunda gushangashirwa agira ibigabitanyo vyinshi+. 23  Ubwibone bw’umuntu yakuwe mw’ivu buzomucisha bugufi+, mugabo uwuciye bugufi mu mutima azocakira ubuninahazwa+. 24  Uwifatanya n’igisuma aba yanka ubuzima bwiwe+. Yoshobora kwumva indahiro ijanye n’umuvumo, mugabo nta co amenyesha+. 25  Kujugumira imbere y’abantu ni vyo bitega umutego+, mugabo uwizigira Yehova azokingirwa+. 26  Abarondera mu maso h’umutware ni benshi+, mugabo urubanza rw’umuntu ruva kuri Yehova+. 27  Umuntu w’akarenganyo ni ikintu giteye ishishi ku bagororotsi+, kandi umuntu agororotse mu nzira yiwe ni ikintu giteye ishishi ku mubisha+.

Utujambo tw'epfo