Imigani 29:1-27
29 Umuntu akangirwa+ kenshi mugabo agakomantaza izosi+ azovunagurwa giturumbuka, kandi ata gukira+.
2 Iyo abagororotsi babaye benshi, abantu baranezerwa+; mugabo iyo umubisha aganje, abantu baraniha+.
3 Umuntu akunda ubukerebutsi anezereza se+, mugabo uwugiranira ubugenzi n’abamaraya yonona ibintu vy’agaciro+.
4 Biciye ku butungane umwami atuma igihugu kiragama+, mugabo umuntu ashashaye ibiturire aragisambura+.
5 Umuntu w’umugabo aryosharyosha umugenzi wiwe+ aba ateze urusenga intambuko ziwe+.
6 Mu kugabitanya kw’umuntu mubi hari umutego+, mugabo umuntu w’umugororotsi ariha akamo k’umunezero kandi agahimbarwa+.
7 Umugororotsi aramenya imburano z’abantu batobato+. Umuntu w’umubisha ntarimbura mwene ubwo bumenyi+.
8 Abantu b’amajambo y’ubwirasi barurumbika igisagara+, mugabo abantu b’inkerebutsi basubiza inyuma ishavu+.
9 Umuntu w’inkerebutsi yinjiye mu rubanza n’umuntu w’igipfu—kirabiragira kikongera kigatwenga, kandi nta gahengwe kahaba+.
10 Abantu banyotewe amaraso banka uwo wese atagirako umugayo+; nayo abagororotse, baguma barondera ubuzima bw’umwe wese+.
11 Ikijuju kirekura umutima waco wose, mugabo umuntu w’inkerebutsi atuma uguma utekanye gushika kw’iherezo+.
12 Aho umutware atega ugutwi amajambo y’ikinyoma, abamukorera bose baba ababisha+.
13 Ntahonikora be n’umuntu w’agahahazo barahuye+; mugabo Yehova aboneshereza amaso yabo bompi+.
14 Aho umwami acira imanza abantu batobato mu kuri+, intebe yiwe y’ubwami izoshimangirwa ibihe vyose+.
15 Inkoni be n’igikangiro ni vyo bitanga ubukerebutsi+; mugabo umwana arekeranwa azomaramaza nyina+.
16 Iyo ababisha babaye benshi, ukugabitanya kuragwira; mugabo abantu b’abagororotsi bazokwitegereza itemba ryabo+.
17 Hana umwana wawe, na we azokuzanira akaruhuko yongere ahe umutima wawe agahimbare kenshi+.
18 Ahatagira iyerekwa abantu barirekura+, mugabo hahiriwe abagumya itegeko+.
19 Umusuku ntazokwemera gukosorwa n’amajambo masa+, kuko atahura mugabo ntavyiteho+.
20 Waritegereje umuntu yihutagiza mu majambo yiwe+? Hari icizigiro ku muntu w’ikijuju kuruta kuri uyo+.
21 Umuntu niyafyinisha umusuku wiwe kuva mu buto, mu buzima bwiwe bwo mu nyuma azocika intashima.
22 Umuntu akaza ishavu avyura amahane+, kandi uwo wese akunda gushangashirwa agira ibigabitanyo vyinshi+.
23 Ubwibone bw’umuntu yakuwe mw’ivu buzomucisha bugufi+, mugabo uwuciye bugufi mu mutima azocakira ubuninahazwa+.
24 Uwifatanya n’igisuma aba yanka ubuzima bwiwe+. Yoshobora kwumva indahiro ijanye n’umuvumo, mugabo nta co amenyesha+.
25 Kujugumira imbere y’abantu ni vyo bitega umutego+, mugabo uwizigira Yehova azokingirwa+.
26 Abarondera mu maso h’umutware ni benshi+, mugabo urubanza rw’umuntu ruva kuri Yehova+.
27 Umuntu w’akarenganyo ni ikintu giteye ishishi ku bagororotsi+, kandi umuntu agororotse mu nzira yiwe ni ikintu giteye ishishi ku mubisha+.