Imigani 28:1-28
28 Ababisha barahunga kandi ata wuriko arabakurikirana+, mugabo abagororotsi bameze nk’intambwe ishize umutima mu nda+.
2 Kubera ukugabitanya kw’igihugu, abaganwa baco bakurakuranwa baba benshi+, mugabo biciye ku muntu ategera kandi afise ubumenyi bw’ibigororotse, umuganwa azogumaho igihe kirekire+.
3 Umuntu w’umugabo ntahonikora kandi agunga+ abantu batobato ameze nk’imvura ikukumura ibintu ku buryo habura ibifungurwa.
4 Abaheba itegeko bashemeza umubisha+, mugabo abagumya itegeko barabarurumbira ishavu+.
5 Abihaye ububi ntibashobora gutahura urubanza, mugabo abarondera Yehova barashobora gutahura vyose+.
6 Ntahonikora agendera mu gutungana kwiwe aruta uwuhetaraye mu nzira ziwe naho aba atunze+.
7 Umwana ategera yubahiriza itegeko+, mugabo uwugiranira ubugenzi n’abakunzi b’inda atetereza se+.
8 Uwugwiza ibintu vyiwe vy’agaciro biciye ku nyungu+ no ku kuguranira kwunguka, aba avyegeranirije uwugirira ubutoni abantu batobato+.
9 Uwica amatwi ngo ntiyumve itegeko+, mbere n’isengesho ryiwe ni ikintu giteye ishishi+.
10 Uwuzimiza abagororotse ngo baje+ mu nzira mbi ubwiwe azogwa mu cobo ciwe+, mugabo abatagira amahinyu bazokwigabira ivyiza+.
11 Umutunzi ni inkerebutsi mu maso yiwe bwite+, mugabo umuntu mutoyi ategera aramuserangura+.
12 Iyo abagororotsi bigina+, haba ubwiza bugwiriye; mugabo iyo ababisha bahagurutse, umuntu ariyoberanya+.
13 Uwupfuka ibigabitanyo vyiwe ntazororanirwa+, mugabo uwuvyatura kandi akabiheba azogirirwa imbabazi+.
14 Hahiriwe umuntu yumva ubwoba nantaryo+, mugabo uwukomantaza umutima wiwe azogwa mu vyago+.
15 Kurya kw’intambwe iroha be n’idubu ivundera ngo isimbire ku kintu, ni ko umutware w’umubisha ameze ku gisata c’abantu batobato+.
16 Indongozi itagira ugutahura nyakuri igwiza n’ingeso z’ubugunge+, mugabo uwanka inyungu y’akarenganyo+ azorehura imisi yiwe.
17 Uwuremerewe n’ukwagirwa n’amaraso y’umuntu, ubwiwe azohunga agana icobo+. Ntihagire abamufata.
18 Uwugenda ata mahinyu azokizwa+, mugabo uwuhetaraye mu nzira ziwe azogwa bukwi na bukwi+.
19 Uwurima ubutaka bwiwe azogira umukate ukwiye+, uwukurikirana ibintu ata co bimaze na we azogira ubworo bukwiye+.
20 Umuntu w’ibikorwa vy’ubwizigirwa azoronka imihezagiro myinshi+, mugabo uwihutira kuronka ubutunzi ntazoguma ari intungane+.
21 Kugira nkunzi si vyiza+, eka si na vyiza ko umuntu w’umugabo yogabitanya kubera ikimanyu gusa c’umukate.
22 Umuntu w’ijisho ry’agashari ariyahagura akurikira ibintu vy’agaciro+, mugabo ntazi yuko ubukene ari bwo buzomuzako.
23 Uwukangīra umuntu+, mu nyuma azoronka ubutoni bwinshi kuruta uwuryosharyosha n’ururimi rwiwe.
24 Uwambura ibintu se na nyina+ akavuga ngo: “Si ukugabitanya+,” ni umugenzi w’umuntu atera guhona.
25 Umuntu w’umutima ugayana yandurutsa amahane+, mugabo uwizigira Yehova azodoheshwa+.
26 Uwizigira umutima wiwe bwite ni ikijuju+, mugabo uwugendera mu bukerebutsi ni we azokira+.
27 Uwuha ntahonikora nta bukene azogira+, mugabo uwunyegeza amaso yiwe azoronka imivumo myinshi+.
28 Iyo ababisha bahagurutse, umuntu arihisha+; mugabo iyo bayogeye, abagororotsi baba benshi+.