Imigani 28:1-28

28  Ababisha barahunga kandi ata wuriko arabakurikirana+, mugabo abagororotsi bameze nk’intambwe ishize umutima mu nda+.  Kubera ukugabitanya kw’igihugu, abaganwa baco bakurakuranwa baba benshi+, mugabo biciye ku muntu ategera kandi afise ubumenyi bw’ibigororotse, umuganwa azogumaho igihe kirekire+.  Umuntu w’umugabo ntahonikora kandi agunga+ abantu batobato ameze nk’imvura ikukumura ibintu ku buryo habura ibifungurwa.  Abaheba itegeko bashemeza umubisha+, mugabo abagumya itegeko barabarurumbira ishavu+.  Abihaye ububi ntibashobora gutahura urubanza, mugabo abarondera Yehova barashobora gutahura vyose+.  Ntahonikora agendera mu gutungana kwiwe aruta uwuhetaraye mu nzira ziwe naho aba atunze+.  Umwana ategera yubahiriza itegeko+, mugabo uwugiranira ubugenzi n’abakunzi b’inda atetereza se+.  Uwugwiza ibintu vyiwe vy’agaciro biciye ku nyungu+ no ku kuguranira kwunguka, aba avyegeranirije uwugirira ubutoni abantu batobato+.  Uwica amatwi ngo ntiyumve itegeko+, mbere n’isengesho ryiwe ni ikintu giteye ishishi+. 10  Uwuzimiza abagororotse ngo baje+ mu nzira mbi ubwiwe azogwa mu cobo ciwe+, mugabo abatagira amahinyu bazokwigabira ivyiza+. 11  Umutunzi ni inkerebutsi mu maso yiwe bwite+, mugabo umuntu mutoyi ategera aramuserangura+. 12  Iyo abagororotsi bigina+, haba ubwiza bugwiriye; mugabo iyo ababisha bahagurutse, umuntu ariyoberanya+. 13  Uwupfuka ibigabitanyo vyiwe ntazororanirwa+, mugabo uwuvyatura kandi akabiheba azogirirwa imbabazi+. 14  Hahiriwe umuntu yumva ubwoba nantaryo+, mugabo uwukomantaza umutima wiwe azogwa mu vyago+. 15  Kurya kw’intambwe iroha be n’idubu ivundera ngo isimbire ku kintu, ni ko umutware w’umubisha ameze ku gisata c’abantu batobato+. 16  Indongozi itagira ugutahura nyakuri igwiza n’ingeso z’ubugunge+, mugabo uwanka inyungu y’akarenganyo+ azorehura imisi yiwe. 17  Uwuremerewe n’ukwagirwa n’amaraso y’umuntu, ubwiwe azohunga agana icobo+. Ntihagire abamufata. 18  Uwugenda ata mahinyu azokizwa+, mugabo uwuhetaraye mu nzira ziwe azogwa bukwi na bukwi+. 19  Uwurima ubutaka bwiwe azogira umukate ukwiye+, uwukurikirana ibintu ata co bimaze na we azogira ubworo bukwiye+. 20  Umuntu w’ibikorwa vy’ubwizigirwa azoronka imihezagiro myinshi+, mugabo uwihutira kuronka ubutunzi ntazoguma ari intungane+. 21  Kugira nkunzi si vyiza+, eka si na vyiza ko umuntu w’umugabo yogabitanya kubera ikimanyu gusa c’umukate. 22  Umuntu w’ijisho ry’agashari ariyahagura akurikira ibintu vy’agaciro+, mugabo ntazi yuko ubukene ari bwo buzomuzako. 23  Uwukangīra umuntu+, mu nyuma azoronka ubutoni bwinshi kuruta uwuryosharyosha n’ururimi rwiwe. 24  Uwambura ibintu se na nyina+ akavuga ngo: “Si ukugabitanya+,” ni umugenzi w’umuntu atera guhona. 25  Umuntu w’umutima ugayana yandurutsa amahane+, mugabo uwizigira Yehova azodoheshwa+. 26  Uwizigira umutima wiwe bwite ni ikijuju+, mugabo uwugendera mu bukerebutsi ni we azokira+. 27  Uwuha ntahonikora nta bukene azogira+, mugabo uwunyegeza amaso yiwe azoronka imivumo myinshi+. 28  Iyo ababisha bahagurutse, umuntu arihisha+; mugabo iyo bayogeye, abagororotsi baba benshi+.

Utujambo tw'epfo