Imigani 27:1-27

27  Ntiwiratire umusi ukurikira+, kuko utazi ico umusi uzovyara+.  Uw’ahandi abe ari we agushemeza, ntikabe akanwa kawe; umunyamahanga abe ari we abigira, ntibe iminwa yawe bwite+.  Uburemere bw’ibuye be n’umutwaro w’umusenyi+—mugabo umwikomo utewe n’igipfu uraremereye kubiruta vyompi+.  Hariho ubunyamaswa bw’ubushangashirwe, be n’isegenya ry’ishavu+, mugabo ni nde yohagarara imbere y’ishari+?  Igikangīro gihishuwe+ kiruta urukundo ruhishijwe.  Ibikomere bitewe n’umukunzi ni ivyizigirwa+, mugabo gusomagurwa n’umwankanyi ni ivyo gusaba winginga+.  Umutima uhāze uhonyangira hasi ubuki bw’ikimamara; mugabo ku wushonje, ikintu cose kirura kirasosa+.  Nka kurya kw’inyoni ihunga ikava mu cari cayo+, ni ko umuntu ahunga akava ahantu hiwe+.  Amavuta n’imibavu*+ ni vyo binezereza umutima, n’ubusose bw’umugenzi w’umuntu ni ko bumera kubera impanuro yo mu mutima+. 10  Ntuhebe umugenzi wawe canke umugenzi wa so, kandi ntiwinjire mu nzu ya mwene wanyu ku musi w’icago cawe. Umubanyi ari hafi aruta umuvukanyi ari kure+. 11  Ba inkerebutsi mwananje, unezereze umutima wanje+, kugira ngo nshobore kwishura uwuncokora+. 12  Umunyabwenge abonye icago arihisha+; abantu batazi utuntu n’utundi bararengana bakibonerako+. 13  Twara impuzu y’umuntu, nimba yishinze uw’ahandi+; mu gihe na ho ari ibijanye n’umugore w’umunyamahangakazi, fata ingwati kwa nya muntu+. 14  Uwuhezagira mugenziwe n’ijwi rirenga kare mu gitondo, bizomuharurwako nk’umuvumo+. 15  Igisenge kiva kikomora umuntu ku musi w’imvura y’urudaca be n’umugore w’amahane, birasa+. 16  Uwumwugamika aba yugamitse umuyaga, kandi ukuryo kwiwe guhura n’amavuta. 17  Icuma gikarishwa n’icuma. Ni ko n’umuntu akarisha uwundi+. 18  Uwuzigama igiti c’umusukoni ubwiwe azorya ivyamwa vyaco+, kandi uwurinda shebuja azoterwa iteka+. 19  Nk’uko mu maso hahwana no mu maso iyo umuntu aravye mu mazi, ni ko umutima w’umuntu uhwana n’uw’uwundi. 20  Ukuzimu be n’ikibanza c’agatikizo+ ntibihaga+; eka n’amaso y’umuntu ntahaga+. 21  Inkono y’ugutyorora igenewe ifeza+, itanure na yo igenewe inzahabu+; kandi umuntu, ameze nk’uko ashimagizwa+. 22  Naho wosekura igipfu n’umusekuzo mw’isekuro kikanoga, mu ntete zihuye, ubupfu bwaco ntibuzokivako+. 23  Ubwirizwa kumenya ingene umukuku wawe umeze. Shira umutima wawe ku masho yawe+; 24  kuko itunga ritazokwamaho ibihe vyose+, canke ngo umugāra wameho mu mayaruka yose. 25  Ivyatsi bitoto vyaheze, ivyatsi bishasha biraza, n’ibimera vyo ku misozi vyegeranijwe+. 26  Impfizi z’intama z’imikangara ni izo kuronsa umuntu ivyambarwa+, amasuguru y’impene na yo akaba ikiguzi c’itongo. 27  Kandi hari amata y’impene akwiye akubera ibifungurwa, akaba n’ibifungurwa vy’urugo rwawe, kandi hariho n’ivyo kubeshaho+ abakobwa bawe.

Utujambo tw'epfo

Canke, “ububani.”