Imigani 27:1-27
27 Ntiwiratire umusi ukurikira+, kuko utazi ico umusi uzovyara+.
2 Uw’ahandi abe ari we agushemeza, ntikabe akanwa kawe; umunyamahanga abe ari we abigira, ntibe iminwa yawe bwite+.
3 Uburemere bw’ibuye be n’umutwaro w’umusenyi+—mugabo umwikomo utewe n’igipfu uraremereye kubiruta vyompi+.
4 Hariho ubunyamaswa bw’ubushangashirwe, be n’isegenya ry’ishavu+, mugabo ni nde yohagarara imbere y’ishari+?
5 Igikangīro gihishuwe+ kiruta urukundo ruhishijwe.
6 Ibikomere bitewe n’umukunzi ni ivyizigirwa+, mugabo gusomagurwa n’umwankanyi ni ivyo gusaba winginga+.
7 Umutima uhāze uhonyangira hasi ubuki bw’ikimamara; mugabo ku wushonje, ikintu cose kirura kirasosa+.
8 Nka kurya kw’inyoni ihunga ikava mu cari cayo+, ni ko umuntu ahunga akava ahantu hiwe+.
9 Amavuta n’imibavu*+ ni vyo binezereza umutima, n’ubusose bw’umugenzi w’umuntu ni ko bumera kubera impanuro yo mu mutima+.
10 Ntuhebe umugenzi wawe canke umugenzi wa so, kandi ntiwinjire mu nzu ya mwene wanyu ku musi w’icago cawe. Umubanyi ari hafi aruta umuvukanyi ari kure+.
11 Ba inkerebutsi mwananje, unezereze umutima wanje+, kugira ngo nshobore kwishura uwuncokora+.
12 Umunyabwenge abonye icago arihisha+; abantu batazi utuntu n’utundi bararengana bakibonerako+.
13 Twara impuzu y’umuntu, nimba yishinze uw’ahandi+; mu gihe na ho ari ibijanye n’umugore w’umunyamahangakazi, fata ingwati kwa nya muntu+.
14 Uwuhezagira mugenziwe n’ijwi rirenga kare mu gitondo, bizomuharurwako nk’umuvumo+.
15 Igisenge kiva kikomora umuntu ku musi w’imvura y’urudaca be n’umugore w’amahane, birasa+.
16 Uwumwugamika aba yugamitse umuyaga, kandi ukuryo kwiwe guhura n’amavuta.
17 Icuma gikarishwa n’icuma. Ni ko n’umuntu akarisha uwundi+.
18 Uwuzigama igiti c’umusukoni ubwiwe azorya ivyamwa vyaco+, kandi uwurinda shebuja azoterwa iteka+.
19 Nk’uko mu maso hahwana no mu maso iyo umuntu aravye mu mazi, ni ko umutima w’umuntu uhwana n’uw’uwundi.
20 Ukuzimu be n’ikibanza c’agatikizo+ ntibihaga+; eka n’amaso y’umuntu ntahaga+.
21 Inkono y’ugutyorora igenewe ifeza+, itanure na yo igenewe inzahabu+; kandi umuntu, ameze nk’uko ashimagizwa+.
22 Naho wosekura igipfu n’umusekuzo mw’isekuro kikanoga, mu ntete zihuye, ubupfu bwaco ntibuzokivako+.
23 Ubwirizwa kumenya ingene umukuku wawe umeze. Shira umutima wawe ku masho yawe+;
24 kuko itunga ritazokwamaho ibihe vyose+, canke ngo umugāra wameho mu mayaruka yose.
25 Ivyatsi bitoto vyaheze, ivyatsi bishasha biraza, n’ibimera vyo ku misozi vyegeranijwe+.
26 Impfizi z’intama z’imikangara ni izo kuronsa umuntu ivyambarwa+, amasuguru y’impene na yo akaba ikiguzi c’itongo.
27 Kandi hari amata y’impene akwiye akubera ibifungurwa, akaba n’ibifungurwa vy’urugo rwawe, kandi hariho n’ivyo kubeshaho+ abakobwa bawe.
Utujambo tw'epfo
^ Canke, “ububani.”