Imigani 26:1-28

26  Nka kurya kwa shelegi mu ci, kandi nka kurya kw’imvura mu gihe c’iyimbura+, ni ko ubuninahazwa butabereye ku kijuju+.  Nk’uko nyene inyoni igira imvo yo guhunga n’intamba ikagira imvo yo kuguruka, ni ko n’umuvumo utaza ata mvo nyakuri+.  Ikimoko kigenewe ifarasi+, umujiginya+ ugenewe indogobwa, inkoni na yo igenewe umugongo w’ibijuju+.  Ntukishure ikijuju nk’uko ubupfu bwaco buri, kugira nawe ubwawe ntube nka co+.  Niwishure ikijuju nk’uko ubupfu bwaco buri, kugira ntigicike inkerebutsi mu maso yaco bwite+.  Kurya kw’umuntu yikebagura ibirenge, kurya kw’umuntu anywa ubukazi gusa, ni ko uwurekera ibintu mu kuboko kw’ikijuju amera+.  Amaguru y’uwucumbagira yavomye amazi? Haraba rero umugani mu kanwa k’ibijuju+.  Kurya kw’umuntu asobeka ibuye mu kirundo c’amabuye, ni ko uwuha ubuninahazwa ikijuju amera+.  Kurya icatsi c’amahwa kiduga mu kuboko kw’imborerwa, ni ko umugani uduga mu kanwa k’ibijuju+. 10  Kurya kw’umurashi atobagura vyose, ni ko uwuha akazi ikijuju+ canke uwuha akazi abahita amera. 11  Kurya kw’imbwa isubira ku bidahwe vyayo, ni ko ikijuju kiguma gisubiramwo ubupfu bwaco+. 12  Mbega uramaze kubona umuntu yibona ubwiwe ko ari inkerebutsi+? Hari icizigiro ku kijuju+ kuruta kuri uyo. 13  Ikinebwe cavuze ngo: “Hari umukangara w’intambwe mu nzira, intambwe mu bibanza vya bose+.” 14  Umuryango uguma uhindukirira kw’isonga uzungurukirako, ikinebwe na co ku buriri bwaco+. 15  Ikinebwe kizika ukuboko mu cibo c’inzimano; kirarambirwa cane ku buryo kidashobora kukugarukana ku munwa waco+. 16  Ikinebwe ni inkerebutsi mu maso yaco bwite+ kuruta abantu indwi batanga inyishu irimwo ukwiyumvira. 17  Kurya kw’uwucakira amatwi y’imbwa, ni ko uwuriko ararengana akarakishwa n’imitongano itari iyiwe amera+. 18  Kurya kw’umusazi arasagura ibirwanisho vyaka umuriro, imyampi+ n’urupfu, 19  ni ko amera, umuntu ahenze mugenziwe maze akavuga ngo: “None sinariko ndifyinira+?” 20  Ahatagira inkwi umuriro urazima, kandi ahatagira umubesheranyi, amahane arahwama+. 21  Kurya bigenda iyo bongeye amakara ku makara ariko araka be n’inkwi ku muriro, ni ko umunyamahane atuma imitongano+ irurumba. 22  Amajambo y’umubesheranyi ameze nk’ibintu vyo kumiragurana umunoho, ibimanuka mu bihimba vy’ibwina mu nda+. 23  Kurya kw’ifeza ihometse ku rujo, ni ko iminwa icacanya hamwe n’umutima mubi bimera+. 24  Umwankanyi yiyoberanisha iminwa yiwe, mugabo imbere muri we ashirayo ubuhendanyi+. 25  Naho ijwi ryiwe arigira irisosa+, ntumwemere+, kuko mu mutima wiwe hari ibintu indwi biteye ishishi+. 26  Urwanko rupfukwa n’ubuhendanyi. Ububi bwiwe buzopfukurwa mw’ishengero+. 27  Uwimba icobo azogwa muri co+, kandi uwutembagaza ibuye, rizomugarukako+. 28  Ururimi rw’ikinyoma ruranka uwo rwajanjaguye+, kandi akanwa karyosharyosha gatera gutemba+.

Utujambo tw'epfo