Imigani 26:1-28
26 Nka kurya kwa shelegi mu ci, kandi nka kurya kw’imvura mu gihe c’iyimbura+, ni ko ubuninahazwa butabereye ku kijuju+.
2 Nk’uko nyene inyoni igira imvo yo guhunga n’intamba ikagira imvo yo kuguruka, ni ko n’umuvumo utaza ata mvo nyakuri+.
3 Ikimoko kigenewe ifarasi+, umujiginya+ ugenewe indogobwa, inkoni na yo igenewe umugongo w’ibijuju+.
4 Ntukishure ikijuju nk’uko ubupfu bwaco buri, kugira nawe ubwawe ntube nka co+.
5 Niwishure ikijuju nk’uko ubupfu bwaco buri, kugira ntigicike inkerebutsi mu maso yaco bwite+.
6 Kurya kw’umuntu yikebagura ibirenge, kurya kw’umuntu anywa ubukazi gusa, ni ko uwurekera ibintu mu kuboko kw’ikijuju amera+.
7 Amaguru y’uwucumbagira yavomye amazi? Haraba rero umugani mu kanwa k’ibijuju+.
8 Kurya kw’umuntu asobeka ibuye mu kirundo c’amabuye, ni ko uwuha ubuninahazwa ikijuju amera+.
9 Kurya icatsi c’amahwa kiduga mu kuboko kw’imborerwa, ni ko umugani uduga mu kanwa k’ibijuju+.
10 Kurya kw’umurashi atobagura vyose, ni ko uwuha akazi ikijuju+ canke uwuha akazi abahita amera.
11 Kurya kw’imbwa isubira ku bidahwe vyayo, ni ko ikijuju kiguma gisubiramwo ubupfu bwaco+.
12 Mbega uramaze kubona umuntu yibona ubwiwe ko ari inkerebutsi+? Hari icizigiro ku kijuju+ kuruta kuri uyo.
13 Ikinebwe cavuze ngo: “Hari umukangara w’intambwe mu nzira, intambwe mu bibanza vya bose+.”
14 Umuryango uguma uhindukirira kw’isonga uzungurukirako, ikinebwe na co ku buriri bwaco+.
15 Ikinebwe kizika ukuboko mu cibo c’inzimano; kirarambirwa cane ku buryo kidashobora kukugarukana ku munwa waco+.
16 Ikinebwe ni inkerebutsi mu maso yaco bwite+ kuruta abantu indwi batanga inyishu irimwo ukwiyumvira.
17 Kurya kw’uwucakira amatwi y’imbwa, ni ko uwuriko ararengana akarakishwa n’imitongano itari iyiwe amera+.
18 Kurya kw’umusazi arasagura ibirwanisho vyaka umuriro, imyampi+ n’urupfu,
19 ni ko amera, umuntu ahenze mugenziwe maze akavuga ngo: “None sinariko ndifyinira+?”
20 Ahatagira inkwi umuriro urazima, kandi ahatagira umubesheranyi, amahane arahwama+.
21 Kurya bigenda iyo bongeye amakara ku makara ariko araka be n’inkwi ku muriro, ni ko umunyamahane atuma imitongano+ irurumba.
22 Amajambo y’umubesheranyi ameze nk’ibintu vyo kumiragurana umunoho, ibimanuka mu bihimba vy’ibwina mu nda+.
23 Kurya kw’ifeza ihometse ku rujo, ni ko iminwa icacanya hamwe n’umutima mubi bimera+.
24 Umwankanyi yiyoberanisha iminwa yiwe, mugabo imbere muri we ashirayo ubuhendanyi+.
25 Naho ijwi ryiwe arigira irisosa+, ntumwemere+, kuko mu mutima wiwe hari ibintu indwi biteye ishishi+.
26 Urwanko rupfukwa n’ubuhendanyi. Ububi bwiwe buzopfukurwa mw’ishengero+.
27 Uwimba icobo azogwa muri co+, kandi uwutembagaza ibuye, rizomugarukako+.
28 Ururimi rw’ikinyoma ruranka uwo rwajanjaguye+, kandi akanwa karyosharyosha gatera gutemba+.